Guharura 10:1-36
10 Maze Yehova abwira Musa ati:
2 «Nucure inzumbete zibiri+ mw’ifeza ukoresheje inyundo. Uzozikoresha mu gukoranya abagize ishengero no mu kubamenyesha ko ikambi igira yimuke.
3 Zivugijwe zose, ishengero ryose rizoca rikoranira aho uri ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro+.
4 Havugijwe rumwe gusa, abakuru bonyene, ni ukuvuga abakuru b’ibihumbi muri Isirayeli, ni bo bazoca baza aho uri+.
5 Muvugije ijwi rihindagurika, umugwi ukambitse mu buseruko+ ni wo uzoca ugenda.
6 Muvugije ijwi rihindagurika ubugira kabiri, umugwi ukambitse mu bumanuko+ ni wo uzoca ugenda. Muzoza muravuza inzumbete muri ubwo buryo igihe cose umwe muri iyo migwi ugira ugende.
7 Muzovuza izo nzumbete igihe mukoranya ishengero+, ariko ntimuzovuze ijwi rihindagurika.
8 Abahungu ba Aroni ari bo baherezi, ni bo bazovuza izo nzumbete+. Iryo ni itegeko ryamaho uko urunganwe* rwanyu ruzogenda rurakurikirana.
9 Nimwaja kurwanya umwansi abateye mu gihugu canyu, mukwiye kuzivuza mu gutera akamo abantu ngo baze ku rugamba+. Yehova Imana yanyu azoca abibuka, abakize abansi banyu.
10 No mu bihe vy’umunezero+, mu misi mikuru yanyu+ no mu ntango z’amezi, muzovuza inzumbete igihe muzoba muriko muratanga amashikanwa aturirwa+ n’ibimazi vyo gusangira+. Amajwi y’izo nzumbete azotuma Imana yanyu ibibuka. Ndi Yehova Imana yanyu+.»
11 Mu mwaka ugira kabiri, ku musi ugira 20 w’ukwezi kwa kabiri+, ca gicu gica kiva hejuru ya rya hema+ ririmwo isandugu y’isezerano*.
12 Abisirayeli baca bava mu bugaragwa bwa Sinayi, bagenda bakurikije urutonde rwashinzwe+. Hanyuma ico gicu gihagarara mu bugaragwa bw’i Parani+.
13 Ni rwo rugendo rwa mbere Abisirayeli bagize bisunze itegeko Yehova atanze biciye kuri Musa+.
14 Umugwi w’imiryango itatu userukiwe n’umuryango wa Yuda ni wo watanguye kugenda, upanze mu migwi mitomito*. Umukuru w’umuryango wa Yuda yari Nahashoni+ umuhungu wa Aminadabu.
15 Umukuru w’umuryango wa Isakari yari Netaneli+ umuhungu wa Zuwari.
16 Umukuru w’umuryango wa Zabuloni na we yari Eliyabu+ umuhungu wa Heloni.
17 Bamaze gusambura ihema+, Abagerushoni+ n’Abamerari+ ari na bo baritwara, baciye bagenda.
18 Umugwi w’imiryango itatu userukiwe n’umuryango wa Rubeni ni wo waciye ukurikira, upanze mu migwi mitomito. Umukuru w’umuryango wa Rubeni yari Elizuri+ umuhungu wa Shedeyuri.
19 Umukuru w’umuryango wa Simeyoni yari Shelumiyeli+ umuhungu wa Zurishadayi.
20 Umukuru w’umuryango wa Gadi na we yari Eliyasafu+ umuhungu wa Duweli.
21 Haciye hakurikira Abakohati, ari na bo batwara ibikoresho vy’ahantu heranda+. Ihema ryeranda ryategerezwa gushingwa imbere y’uko bashika.
22 Umugwi w’imiryango itatu userukiwe n’umuryango wa Efurayimu ni wo waciye ukurikira, upanze mu migwi mitomito. Umukuru w’umuryango wa Efurayimu yari Elishama+ umuhungu wa Amihudi.
23 Umukuru w’umuryango wa Manase yari Gamaliyeli+ umuhungu wa Pedazuri.
24 Umukuru w’umuryango wa Benyamini na we yari Abidani+ umuhungu wa Gideyoni.
25 Haciye hakurikira umugwi w’imiryango itatu userukiwe n’umuryango wa Dani, upanze mu migwi mitomito. Wagendera inyuma ucunze iyo migwi yose. Umukuru w’umuryango wa Dani yari Ahiyezeri+ umuhungu wa Amishadayi.
26 Umukuru w’umuryango wa Asheri yari Pagiyeli+ umuhungu wa Okirani.
27 Umukuru w’umuryango wa Nafutali yari Ahira+ umuhungu wa Enani.
28 Urwo ni rwo rutonde Abisirayeli n’imigwi yabo bisunga mu kugenda+.
29 Musa aca abwira Hobabu, umuhungu wa sebukwe Ruweli*+ Umumidiyani ati: «Tugira tugende ahantu Yehova yasezeranye ko azoduha+. Ingo tujane+ tuzogufata neza, kuko Yehova yemereye Abisirayeli ibintu vyiza+.»
30 Ariko Hobabu amwishura ati: «Oya ntitujana. Ahubwo ngira nsubire mu gihugu iwacu no mu muryango iwacu.»
31 Musa amwishura ati: «Ndagusavye ntudute, kuko uzi aho dushobora gushinga amahema muri ubu bugaragwa. Urashobora kuza uratwereka inzira*.
32 Niwemera tukajana+, tuzosangira ivyiza vyose Yehova azoduha.»
33 Nuko bava ku musozi wa Yehova+, bafata urugendo rw’imisi itatu. Muri iyo misi itatu, isandugu+ y’isezerano rya Yehova yagendera imbere yabo kugira ibaronderere ahantu ho kuruhukira+.
34 Igihe bavuye aho bari bakambitse, igicu ca Yehova+ caguma hejuru yabo ku murango.
35 Igihe cose bahagurukanye isandugu y’isezerano, Musa yaca avuga ati: «Haguruka Yehova+, abansi bawe bashwiragire! Abakwanka nibahunge bave imbere yawe!»
36 Igihe bayishikanye na ho yaca avuga ati: «Nugaruke Yehova ku bihumbi n’ibihumbi vy’Abisirayeli+!»
Utujambo tw'epfo
^ Canke «iyaruka.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «rya hema ryeranda ry’icabona.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «hisunzwe ingabo zabo.»
^ Yitwa kandi Yetiro.
^ Canke «urashobora kutubera ijisho.»