Gucura intimba 2:1-22
א [Alefu]
2 Ewe kuntu Yehova atwikirije umukobwa wa Siyoni ibicu vy’ishavu ryiwe!
Yakororeye hasi ubwiza bwa Isirayeli abukuye mw’ijuru+.
Ntiyibutse intebe y’ibirenge vyiwe+ ku musi w’ishavu ryiwe.
ב [Beti]
2 Yehova yamize amazu yose ya Yakobo ata kagongwe*.
Mu burake bwiwe yasambuye ibibanza bikingijwe ibihome vy’umukobwa w’Ubuyuda+.
Yatereye hasi yongera arahumanya ubwami+ n’abatware biwe+.
ג [Gimelu]
3 Yakondoye inkomezi zose* za Isirayeli mw’ishavu ryiwe rirurumba.
Yarasubije inyuma ukuryo kwiwe igihe umwansi yegera+.Muri Yakobo yagumye yaka nk’umuriro utema ugatongora irya n’ino+.
ד [Daleti]
4 Yateguye umuheto* wiwe nk’umwansi. Ukuryo kwiwe kwiteguriye kuturwanya+.Yagumye yica ababereye ijisho bose+.
Yasutse uburake bwiwe nk’umuriro+ mw’ihema ry’umukobwa wa Siyoni+.
ה [He]
5 Yehova yabaye nk’umwansi+.Yamize Isirayeli.
Yamize iminara yiwe yose.Yahoneje ibibanza vyiwe vyose bikingijwe ibihome.
Atuma mu Buyuda* hagwira ukugandara n’ugucura intimba.
ו [Vau]
6 Amerera nabi urusago rwiwe+ nk’aho koba ari akaruri ko mu murima.
Yakuyeho* umusi mukuru wiwe+.
Yehova yatumye umusi mukuru n’isabato vyibagirwa i Siyoni.Kubera ishavu ryiwe ryinshi, nta cubahiro aha umwami canke umuherezi+.
ז [Zayini]
7 Yehova yahevye igicaniro ciwe.Yiyamye ahantu hiwe heranda+.
Yatumye inzitiro z’iminara yiwe ikomeye zigwa mu maboko y’abansi+.
Bashize ijwi ryabo hejuru mu nzu ya Yehova+, nk’aho hoba ari ku musi mukuru.
ח [Heti]
8 Yehova yiyemeje gutikiza uruzitiro rw’umukobwa wa Siyoni+.
Yaramvuye umugozi wo gupimisha+.
Ntiyasubije inyuma ukuboko kwiwe ngo areke guhonya*.
Atuma igihome n’uruzitiro bigandara.
Vyose nta nkomezi bigifise.
ט [Teti]
9 Amarembo yiwe yanyikiye mu kuzimu+.
Ivyugazo vyiwe vyaranduwe biravunagurwa.
Umwami wiwe n’abatware biwe bari mu mahanga+.
Nta mategeko* ahari. Mbere n’abahanuzi biwe nta co berekwa na Yehova+.
י [Yodi]
10 Abashingantahe b’umukobwa wa Siyoni bicaye hasi bacereje+.
Biyorerako umukungugu ku mutwe, bakambara amagunira+.
Abigeme b’isugi ba Yeruzalemu bunamitse umutwe gushika hasi.
כ [Kafu]
11 Amaso yanje aruhishijwe no gukorora amosozi+.
Mu nda* haradobanganye.
Igitigu canje casutswe hasi, kubera ugusenyuka kw’umukobwa* w’abantu b’iwacu+,kubera abana n’inzoya bagwa bakarabira mu bibanza rusangi vyo mu gisagara+.
ל [Lamedi]
12 Baguma babaza ba nyina bati: «Intete n’umuvinyu biri hehe+?»
Babibaza bariko bararabira mu bibanza rusangi vyo mu gisagara nk’umuntu yakomerekejwe,bariko bacikanira mu maboko ya ba nyina.
מ [Memu]
13 Mbega noguha akarorero nyabaki?Ndakugereranye n’iki ga mukobwa wa Yeruzalemu?
Ndakugereranye n’iki kugira ndaguhoze, ga mukobwa w’isugi wa Siyoni?
Kuko ugusenyuka kwawe ari kunini cane nk’ikiyaga+. Ni nde yogukiza+?
נ [Nuni]
14 Ivyo abahanuzi bawe beretswe ku bijanye nawe vyari ibinyoma kandi nta co vyari bimaze+.Ntibashize ahabona ikosa ryawe kugira batume utaja kugirwa imbohe+.Ahubwo bagumye berekwa ku bijanye nawe amajambo y’ikinyoma kandi azimiza+.
ס [Sameki]
15 Abahita ku nzira bose bakubita urushi ku rundi baguhema+.
Bavuza agahwa bumiwe+ kandi bakazungiriza umutwe umukobwa wa Yeruzalemu, bavuga bati:
«Mbega iki ni ca gisagara bahora bavuga ngo: “Ni ubwiza butagira akanenge, umunezero w’isi yose+”?»
פ [Pe]
16 Abansi bawe bose bakwasamiye.
Baravuza agahwa, bagahekenya imisaya*, bavuga bati: «Twamumize+.
Uyu ni wo musi twari turindiriye+. Ugiye washika kandi turawiboneye+!»
ע [Ayini]
17 Yehova yakoze ivyo yari yateguye+. Yashikije ivyo yavuze+,ivyo yari yarategetse kuva kera+.
Yasambuye ata kagongwe+.
Yaretse umwansi aranezerwa kubera ivyagushikiye. Yongereje inkomezi* z’abakurwanya.
צ [Tsade]
18 Umutima wabo utakambira Yehova, ewe ruzitiro rw’umukobwa wa Siyoni!
Amosozi natembe nk’uruzi umurango n’ijoro.
Nturuhuke kandi n’ijisho ryawe* nturihe agahengwe.
ק [Kofu]
19 Haguruka! Boroga mw’ijoro, mu ntango y’amaterama.
Suka umutima wawe nk’amazi imbere ya Yehova.
Duza amaboko umutakambire ngo akize ubuzima bw’abana bawebariko barabikwa n’inzara ku masanganzira yose*+.
ר [Reshi]
20 Ewe Yehova, raba, witegereze uwo wamereye nabi ukuraho.
Mbega abagore babandanye kurya uruvyaro* rwabo, abana babo bwite bavukanye amagara meza+?Abaherezi n’abahanuzi baje ng’aho bicirwe aheranda ha Yehova+?
ש [Shini]
21 Uduhungu n’abatama barambaraye hasi mu mabarabara bapfuye+.
Abigeme banje b’isugi* n’imisore yanje bishwe n’inkota+.
Wabishe ku musi w’ishavu ryawe, ubagandagura ata kagongwe+.
ת [Tau]
22 Uhamagaza ibitera ubwoba bivuye impande zose, nk’uwuhamagaza abantu ku musi mukuru+.
Ku musi w’uburake bwa Yehova, nta warokotse canke ngo arusimbe+.Abo navyaye* kandi nkabarera, umwansi wanje yarabatikije+.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «ata mpuhwe.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ihembe ryose.»
^ Canke «yagonze umuheto.» Mu giheburayo havuga ngo «yahonyoye umuheto (igihe bawambika uruvuto).»
^ Mu giheburayo havuga ngo «mu mukobwa w’Ubuyuda.»
^ Canke «yazimanganije.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «kumira.»
^ Canke «nta nyigisho.»
^ Ijambo «umukobwa» ni ingereranyo ndyoshamvugo ishobora kuba yakoreshejwe kugira haserurwe impuhwe n’ikigongwe.
^ Mu giheburayo havuga ngo «amara yanje.»
^ Canke «amenyo.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ihembe.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «umukobwa w’ijisho ryawe.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ku mutwe w’amabarabara yose.»
^ Canke «ivyamwa.»
^ Canke «inkumi zanje.»
^ Canke «abo navyaye bafise amagara meza.»