Ezekiyeli 8:1-18

  • Ezekiyeli ajanwa i Yeruzalemu mw’iyerekwa (1-4)

  • Yerekwa ibintu bishisha mu rusengero (5-18)

    • Abagore bariko baririra Tamuzi (14)

    • Abagabo bariko basenga izuba (16)

8  Mu mwaka ugira gatandatu, mu kwezi kugira gatandatu, ku musi ugira gatanu w’ukwo kwezi, nari nicaye mu nzu iwanje, abashingantahe bo mu Buyuda na bo bicaye imbere yanje. Maze ububasha* bw’Umukama Segaba Yehova bunzako ndi ng’aho.  Ndiko nditegereza mbona ishusho y’umuntu igomba gusa n’umuriro. Munsi y’ahokwitwa ko ari mu kiyunguyungu ciwe hari umuriro+. Guhera mu kiyunguyungu kuduga na ho, yarakaka nk’ugukayangana kw’uruvange rw’inzahabu n’ifeza*+.  Araheza atuma ikintu kimeze nk’ukuboko, amfata udushatsi two ku mutwe. Maze impwemu* irantwara hagati y’isi n’ijuru injana i Yeruzalemu mu vyo nariko nderekwa n’Imana. Yanshikanye ku bwinjiriro bw’irembo ry’indani+ riraba mu buraruko, ahari hahagaze igishusho* c’ishari gitera Imana ishari+.  Ngize ntya, ndahabona ubuninahazwa bw’Imana ya Isirayeli+, bukaba bwasa na ya shusho nari nabonye mu kiyaya+.  Araheza ambwira ati: «Mwana w’umuntu, ndakwinginze uraramure amaso urabe mu buraruko.» Ndaheza ndaramura amaso ndaba mu buraruko, maze mu buraruko bw’irembo ry’igicaniro ndahabona ico gishusho* c’ishari, mu bwinjiriro.  Yongera kumbwira ati: «Mwana w’umuntu, mbega urabona ibintu vy’akamaramaza kandi bishisha Abisirayeli bariko barakorera ng’aha+, ibintu bituma nja kure y’ahantu hanje heranda+? Yamara uraza kubona n’ibindi bintu bishisha vy’akamaramaza kuruta ivyo.»  Nuko anzana ku bwinjiriro bw’ikigo, maze ndavye mbona igitoboro mu ruhome.  Ambwira ati: «Mwana w’umuntu, ndakwinginze utobore mu ruhome.» Nuko ntobora mu ruhome, maze mbona ubwinjiriro.  Ambwira ati: «Injira urabe ibintu bibi kandi bishisha bariko barakorera ng’aha.» 10  Nuko ndinjira maze ndaraba, mbona amashusho y’ubwoko bwose y’ibikwega inda hasi n’ibikoko bishisha+, n’ibigirwamana vyose bisesemye* vy’Abisirayeli+. Vyari bishushanijwe* ku ruhome irya n’ino. 11  Abashingantahe 70 bo muri Isirayeli bari bahagaze imbere yavyo, na Yazaniya mwene Shafani+ akaba yari ahagaze muri bo. Umwe wese yari afise mu minwe agapanu batuririramwo imibavu kandi akotsi k’imibavu kamota neza kariko karaduga+. 12  Maze ambwira ati: «Mwana w’umuntu, mbega wabonye ivyo abashingantahe bo muri Isirayeli bariko barakorera mu mwiza, umwe wese ari mu vyumba vy’indani birimwo ibigirwamana vyiwe*? Kuko bavuga ngo: “Yehova ntatubona. Yehova yarahevye igihugu+.”» 13  Abandanya kumbwira ati: «Uraza kubona n’ibindi bintu bishisha bariko barakora, vy’akamaramaza kuruta ivyo.» 14  Nuko anzana ku bwinjiriro bw’irembo ryo mu buraruko ry’inzu ya Yehova, maze ndahabona abagore bari bicaye baririra imana Tamuzi. 15  Ambwira kandi ati: «Mwana w’umuntu, urabona ivyo bintu? Uraza kubona n’ibindi bintu bishisha, vy’akamaramaza kuruta ivyo+ 16  Nuko anzana mu kigo c’indani c’inzu ya Yehova+. Ku bwinjiriro bw’urusengero rwa Yehova, hagati y’ibaraza n’igicaniro, hari abagabo nka 25 bahaye imigongo urusengero rwa Yehova, baraba mu buseruko. Bari bunamiye izuba baraba mu buseruko+. 17  Ambwira ati: «Mwana w’umuntu, urabona ivyo bintu? Mbega abo mu Buyuda bibaza ko ari ikintu gito gukora ivyo bintu bishisha, bakuzuza igihugu ubukozi bw’ikibi+, bakaguma bambabaza? None raba bariko bazana agashami* ku zuru ryanje. 18  Nanje rero nzogira ico nkoze naratse. Ijisho ryanje ntirizokwumva akagongwe canke ngo ngire impuhwe+. Naho bazosemerera mu matwi yanje sinzobumva+

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «ukuboko.»
Urwo ruvange rurakaka.
Mu giheburayo iryo jambo rishobora gusobanura impwemu y’Imana canke umumarayika.
Canke «ikimenyetso.»
Canke «ico kimenyetso.»
Canke «bisaruye.»
Ijambo ry’igiheburayo ryakoreshejwe ng’aha, rishobora kuba rifitaniye isano n’ijambo ryerekana akagaye, risobanura «umwanda mukuru.»
Canke «birimwo ibishusho vyiwe bihinguye neza.»
Biboneka ko ako gashami kakoreshwa mu vy’ugusenga ibigirwamana.