Amosi 9:1-15
9 Nabonye Yehova+ ari hejuru y’igicaniro, maze avuga ati: «Kubita hejuru ku nkingi* ku buryo no hasi hanyiganyiga. Menagura imitwe yazo, abasigaye na bo ndabicishe inkota. Nta n’umwe azoncarukana, kandi n’uwogerageza guhunga ntibizokunda+.
2 Nibimba bakaja mu kuzimu,ukuboko kwanje kuzobakurayo.Nibaduga kw’ijuru na ho,nzobamanurayo.
3 Nibinyegeza kw’isonga rya Karumeli,nzobarondera, nshirwe ndabatoye+.
Nibanyinyegeza munsi y’amazi,nzotegeka inzoka ibakomorereyo.
4 Nibagirwa imbohe mu gihugu c’abansi babo,nzotegeka inkota maze ibicireyo+.Nzobashinga ijisho kugira ndabagirire nabi, atari kugira ndabagirire neza+.
5 Kuko Umukama Segaba, Yehova Nyeningabo, ari we akora ku gihugu*ku buryo gishonga+, maze ababa muri co bose bakagandara+.Igihugu cose kizoduga nk’uruzi Nili,congere gihwame nk’uruzi Nili rwo mu Misiri+.
6 “Umwe yubaka ingazi ziwe kw’ijuru,akubaka inyubakwa* yiwe hejuru y’isi,umwe ahamagara amazi yo mu kiyagakugira ayasuke kw’isi+,izina ryiwe ni Yehova+.
7 Yemwe Bisirayeli, mbega kuri jewe ntimumeze nk’abana b’Abakushi?” ni ko Yehova avuze.
“Mbega sinaduganye Isirayeli ndayikuye mu Misiri+,Abafilisitiya nkabakura i Kirete+, Siriya na yo nkayikura i Kiri+?
8 Umve, amaso y’Umukama Segaba Yehova ari ku bwami bucumura,kandi azobuzimanganya kw’isi+.
Ariko ntazozimanganya buhere inzu ya Yakobo+”, ni ko Yehova avuze.
9 “Kuko ngira ntange itegeko,kandi nzoshwiragiza Abisirayeli mu mahanga yose+,kurya umuntu ayunguruza akayungirontihagire ibuye na rimwe rigwa hasi.
10 Abantu bose bo mw’ihanga ryanje bacumura bazokwicwa n’inkota,abo bose bavuga ngo: ‘Ikiza ntikizotwegera canke ngo kidukoreko.’
11 Kuri uwo musi nzovyura urusago* rwa Dawidi+ rwatemvye,nzibire ibitoboro vyarwo*kandi nzosanura aho rwasambutse.Nzosubira kurwubaka nk’uko rwari rumeze kera+,
12 kugira bigarurire ibisigarira vya Edomu+,hamwe n’amahanga yose yitirirwa izina ryanje”, ni ko Yehova avuze, ari na we ariko arabikora.
13 Yehova avuze ati: “Ehe imisi iraje,aho umurimyi azohamvya umwimbuzi,uwugana* inzabibu na we agahamvya uwutera imbuto+.Imisozi izotonyanga umuvinyu usosa+,kandi imitumba yose izotonyanga umuvinyu*+.
14 Nzogarukana abantu banje b’Abisirayeli bagizwe imbohe+.Bazosubira kwubaka ibisagara vyabaye umusaka maze babibemwo+.Bazotera imizabibu binywere umuvinyu wayo+,kandi bazorima imirima bongere barye ivyo bimbuye+.
15 Nzobateragira mu gihugu cabo,kandi ntibazogenda basubiye kurandurwamu gihugu nabahaye+”, ni ko Yehova Imana yawe avuze.»
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «ku mutwe w’inkingi.»
^ Canke «kw’isi.»
^ Canke «igisenge.»
^ Canke «ihema.»
^ Canke «ibitoboro vyabo.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «imitumba yose izoshonga.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «uwuganisha ibirenge.»