Abanyefeso 3:1-21

  • Ibanga ryeranda rirashiramwo abanyamahanga (1-13)

    • Abanyamahanga bazoba ba samuragwa na Kristu (6)

    • Umugambi w’Imana w’ibihe bidahera (11)

  • Pawulo asengera Abanyefeso ngo baronke ugutahura (14-21)

3  Ku bw’ivyo, jewe Pawulo, imbohe+ ya Kristu Yezu ku bwanyu mwebwe abanyamahanga . . .  ngira ngo mwarumvise ivyerekeye ibanga* najejwe+ ku neza yanyu ry’ubuntu buhebuje* bw’Imana,  yuko biciye ku guhishurirwa, namenyeshejwe ibanga ryeranda, nk’uko navyanditse muri make imbere y’aha.  Ibi rero nimwabisoma muraza kwibonera ko ntahura ibanga ryeranda+ rya Kristu.  Mu bihe vya kera*, iryo banga ntiryamenyeshejwe abana b’abantu nk’uko ubu ryahishuriwe intumwa nyeranda z’Imana n’abahanuzi bayo, biciye ku mpwemu+.  Iryo banga ni iry’uko abanyamahanga bobaye ba samuragwa cokimwe natwe, na bo bakaba ibihimba vy’umubiri umwe+ be n’abasangira natwe wa muhango, mu bumwe na Kristu Yezu biciye ku nkuru nziza.  Nabaye umusuku w’ivyo hisunzwe ya ngabire ya gusa y’ubuntu buhebuje bw’Imana nahawe biciye ku gikorwa c’ububasha bwayo+.  Jewe umuntu ari hasi kuruta uwo hasi mu beranda bose+, narahawe ubwo buntu buhebuje+, kugira menyeshe amahanga inkuru nziza yerekeye imihezagiro y’akaburarugero ya Kristu  no kugira ngo mfashe umuntu wese kubona ingene ibijanye n’ibanga ryeranda biyoborwa+. Iryo banga ryamaze igihe kirekire rinyegejwe n’Imana, yo yaremye ibintu vyose. 10  Ivyo vyabaye kugira ngo ubu, biciye kw’ishengero+, ubukerebutsi bw’Imana bwigaragaza mu buryo bwinshi cane, bumenyeshwe intwaro n’ubukuru biri mu bibanza vyo mw’ijuru+. 11  Ivyo birahuye n’umugambi w’ibihe bidahera yatunganije ku bijanye na Kristu+, ari we Yezu Umukama wacu. 12  Biciye kuri we turavugana umwidegemvyo kandi turashobora kwegera Imana ata kidutangira+, umutima uri mu nda kubera ko tumwizera. 13  Ndabasavye rero ntimucike intege kubera amakuba ndimwo ku bwanyu, kuko asobanura ubuninahazwa kuri mwebwe+. 14  Ku bw’ivyo, ndapfukamira Data, 15  umwe imiryango yose mw’ijuru no kw’isi ikesha izina ryayo. 16  Nsenga Imana yo ifise ubuninahazwa bwinshi ngo ikoreshe ububasha impwemu yayo itanga kugira itume mukomera mu mutima*+. 17  Nsenga kandi ngo biciye ku kwizera kwanyu, Kristu abe mu mitima yanyu mu rukundo+. Ese mwoshinga imizi+ mukaba n’abafashe ku mushinge+, 18  ngo mwe n’aberanda bose mushobore vy’ukuri gutahura bimwe bishitse ubwaguke n’uburebure bw’amakika, ubw’amahagarara n’ubw’amajepfo, 19  no kumenya urukundo rwa Kristu+ rurengeye ubumenyi, kugira ngo muronke ku bwinshi* umusesekara Imana itanga. 20  Umwe rero ashobora gukora ibirenze, birengeye kure n’iyo ivyo dusaba vyose canke twiyumvira+, biciye ku bubasha bwiwe buriko bukorera muri twebwe+, 21  naninahazwe biciye kw’ishengero no kuri Kristu Yezu imyaka yose* gushika ibihe bidahera. Amen.

Utujambo tw'epfo

Canke «ibanga ryo kuyobora (guhagarikira).»
Mu kigiriki havuga ngo «mu yandi mayaruka.»
Mu kigiriki havuga ngo «mu muntu muri imbere.»
Mu kigiriki havuga ngo «mwuzure.»
Mu kigiriki havuga ngo «mu mayaruka yose.»