Abanyefeso 1:1-23
1 Jewe Pawulo, intumwa ya Kristu Yezu biciye kw’igomba ry’Imana, ndabandikiye mwebwe aberanda bari i Efeso+ mukaba n’abizigirwa bunze ubumwe na Kristu Yezu.
2 Ubuntu buhebuje* n’amahoro biva ku Mana Data wa twese no ku Mukama Yezu Kristu bibane namwe.
3 Hashemezwe Imana yo Se w’Umukama wacu Yezu Kristu, kuko yaduhezagije imihezagiro yo mu vy’impwemu y’ubwoko bwose, iyiduhera mu bibanza vyo mw’ijuru kubera twunze ubumwe na Kristu+.
4 Yadutoye ngo twunge ubumwe na we* imbere y’uko isi ishingwa, kugira tube beranda, tutagira akanenge*+ imbere yayo mu rukundo.
5 Kuko yatugenye imbere y’igihe+ ngo tube abana bayo+ biciye kuri Yezu Kristu. Yabigize kubera biyihimbara kandi bihuye n’ivyo igomba+,
6 ngo hashemezwe ubuntu bwayo buhebuje+ yatugiriye n’umutima ukunze biciye ku Mwana wayo ikunda cane+.
7 Kubera uwo Mwana wayo turabohorwa, tugacungurwa biciye ku maraso yiwe+, emwe tukababarirwa amakosa yacu+, kubera ubuntu buhebuje bw’Imana bwinshi.
8 Ubwo buntu buhebuje Imana yarabutugiriye ku bwinshi mu kuduha ubukerebutsi bwose n’ugutahura kwose,
9 itumenyesha rya banga ryeranda+ rihuye n’ivyo igomba. Iryo banga rirahuye n’ibiyihimbara. Kubera ko vyayihimbaye, ubwayo yariyemeje
10 gushiraho uburyo bwo kuyobora ibintu* ibihe vyashinzwe bimaze gukwira*, ngo ikoranirize hamwe ibintu vyose muri Kristu, ivyo mw’ijuru n’ivyo kw’isi+. Egome, ibikoraniriza muri Kristu,
11 tukaba twunze ubumwe na we kandi tukaba twatowe ngo tube ba samuragwa kumwe na we+, kuko twagenywe imbere y’igihe hisunzwe intumbero y’umwe ashitsa vyose nk’uko bimuhimbara yisunze ivyo agomba.
12 Kwari ukugira ngo twebwe ababaye aba mbere mu kwizigira Kristu dutume Imana ishemezwa yongere ininahazwe.
13 Mugabo na mwebwe mwaramwizigiye aho mumariye kwumva rya jambo ry’ukuri, ya nkuru nziza yerekeye ubukiriro bwanyu. Aho mumariye kwemera, mwarashizweko ikidodo+ biciye kuri we, ikidodo ca ya mpwemu nyeranda yari yarasezeranywe.
14 Iyo mpwemu ni icemeza twahawe imbere y’igihe* c’intoranwa yacu+, kugira ngo abantu begukira* Imana+ babohorwe biciye ku ncungu+, bitume Imana ininahazwa yongere ishemezwe.
15 Ni co gituma na jewe, kuva aho numviye ko mwizera Umukama Yezu nkumva n’urukundo mugaragariza aberanda bose,
16 ntigera ndeka gushimira Imana ku bwanyu. Nguma ndabashira mu masengesho yanje
17 kugira ngo ya Mana y’Umukama wacu Yezu Kristu, ikaba na Data w’ubuninahazwa, ibahe impwemu y’ubukerebutsi n’impwemu y’uguhishurirwa uko muyimenya neza+.
18 Yaramurikiye amaso y’umutima wanyu kugira ngo mumenye icizigiro yabahamagariye, mumenye ubutunzi bw’agatangaza ibikiye aberanda ngo bubabere intoranwa+,
19 mumenye n’ukuntu ububasha bwayo bukorera muri twebwe abemera+ buhambaye bimwe bihebuje. Ubwo bubasha bwayo buhambaye buribonekeza mu kuntu yakoresheje inkomezi zayo nyinshi
20 ku bijanye na Kristu igihe yamuzura mu bapfuye ikamwicarika iburyo bwayo+ mu bibanza vyo mw’ijuru.
21 Yamushize hejuru cane y’intwaro zose n’ubukuru bwose n’ububasha bwose n’ubutware bwose n’amazina yose akomeye+. Kandi si muri iki gihe* gusa, ariko no mu gihe kizoza.
22 Yashize kandi ibintu vyose munsi y’ibirenge vyiwe ngo abiganze+, yongera imugira umukuru* ku bintu vyose bijanye n’ishengero+,
23 ari ryo mubiri wiwe+, rikaba ryuzuye ibintu vyose bimwerekeye. Ni we yuzura vyose muri bose.
Utujambo tw'epfo
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Ni ukuvuga Kristu.
^ Canke «ikirabagu.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «kwuzura.»
^ Canke «gushiraho ubuyobozi.»
^ Canke «avanse», «ingwati y’ibizoza.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «ikintu cegukira.»
^ Raba Insiguro y’amajambo (Igihe).
^ Mu kigiriki havuga ngo «umutwe.»