Abalewi 3:1-17

  • Ikimazi co gusangira (1-17)

    • Ntimuze murye ikinure canke amaraso (17)

3  Nimba ishikanwa ryiwe ari ikimazi co gusangira*+ akuye mu busho bw’inka, yaba ari ishuri canke ishashi, ikwiye kuba itagira akanenge imbere ya Yehova.  Azorambika ikiganza ku mutwe w’ishikanwa ryiwe, hanyuma rikerererwe ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro. Abahungu ba Aroni ari bo baherezi, bazoca bamijagira amaraso yaryo ku mpande zose z’igicaniro.  Azokura kuri ico kimazi ivyo ashikanira Yehova nk’ishikanwa bashikanisha umuriro+, ni ukuvuga ikinure+ gipfutse amara, ikinure cose gifashe ku mara  be n’amafyigo abiri n’ikinure cayo kiri hafi y’ikiyunguyungu. Azokurako kandi ikinure gifashe ku gitigu*, agikurireko rimwe n’amafyigo+.  Abahungu ba Aroni bazobituririra ku gicaniro, hejuru y’ishikanwa riturirwa riri ku nkwi ziri ku muriro+. Ni ishikanwa bashikanisha umuriro ry’akamoto kamotera neza* Yehova+.  Nimba agomba guha Yehova ikimazi co gusangira akuye mu ntama canke mu mpene, akwiye kuzana ikigabo canke ikigore kitagira akanenge+.  Nimba ari isuguru y’intama, azoyizana imbere ya Yehova.  Azorambika ikiganza ku mutwe w’ishikanwa ryiwe, hanyuma rikerererwe ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro. Abahungu ba Aroni bazoca bamijagira amaraso yaryo ku mpande zose z’igicaniro.  Ibinure vy’ico kimazi co gusangira azobiha Yehova nk’ishikanwa bashikanisha umuriro+. Azokurako igitsembe cayo cose kinuze, agikatire hafi y’uruti rw’umugongo, akureko n’ikinure gipfutse amara, ikinure cose gifashe ku mara 10  be n’amafyigo abiri n’ikinure cayo kiri hafi y’ikiyunguyungu. Azokurako kandi ikinure gifashe ku gitigu, agikurireko rimwe n’amafyigo+. 11  Umuherezi azobiturira bifumbe umwotsi ku gicaniro. Ni ibifungurwa*, ishikanwa rya Yehova bashikanisha umuriro+. 12  Nimba ishikanwa ryiwe ari impene, azoyizana imbere ya Yehova. 13  Azorambika ikiganza ku mutwe wayo, hanyuma ikerererwe imbere y’ihema ry’ibonaniro. Abahungu ba Aroni bazoca bamijagira amaraso yayo ku mpande zose z’igicaniro. 14  Ivyo azoshikanira Yehova nk’ishikanwa bashikanisha umuriro ni ikinure gipfutse amara, ikinure cose gifashe ku mara+ 15  be n’amafyigo abiri n’ikinure cayo kiri hafi y’ikiyunguyungu. Azokurako kandi ikinure gifashe ku gitigu, agikurireko rimwe n’amafyigo. 16  Umuherezi azobiturira bifumbe umwotsi ku gicaniro. Ni ibifungurwa, ishikanwa bashikanisha umuriro ry’akamoto keza. Ikinure cose ni ica Yehova+. 17  Ntimuze mwigere murya icitwa ikinure canke amaraso+. Iryo ni itegeko ryamaho uko urunganwe* rwanyu ruzogenda rurakurikirana, aho muzoba muba hose.”»

Utujambo tw'epfo

Canke «ikimazi c’amahoro.»
Canke «ku gashami k’igitigu.»
Mu giheburayo havuga ngo «ry’akamoto karuhura kuri.»
Mu giheburayo havuga ngo «umukate.» Ni igice c’ikimazi co gusangira cegukira Imana.
Canke «iyaruka.»