Abaheburayo 2:1-18

  • Twitwararike cane ivyo twumvise (1-4)

  • Yezu yahawe kuganza ibintu vyose (5-9)

  • Yezu na benewabo (10-18)

    • Imboneza ibajana ku bukiriro (10)

    • Umuherezi mukuru afise imbabazi (17)

2  Ni co gituma bikenewe ko twitwararika ivyo twumvise+ kuruta uko dusanzwe tubigira, ngo ntitwigere tuja kure y’ukwizera tutabiciye n’ikanda*+.  Ijambo ryavuzwe biciye ku bamarayika+ ryabonetse ko ari iryo kwizigirwa, kandi ibicumuro vyose n’ukugambarara kwose vyarahanywe hakurikijwe ubutungane+.  Wumva none tuzorusimba gute nimba twafashe minenegwe ubukiriro buhambaye gutyo+? Kuko bwatanguye kuvugwa biciye ku Mukama wacu+, maze abamwumvise baremeza ivy’ubwo bukiriro mu kubutumenyesha.  Imana na yo yaguma ishinga intahe biciye ku bimenyetso n’ibitangaza be n’ibikorwa vy’ububasha bitandukanye+, biciye no ku mpwemu nyeranda yatanze nk’uko igomba+.  Kuko abamarayika atari bo yahaye kuganza isi izoza+, ari na yo turiko turavuga.  Mugabo hari icabona cavuze ahantu hamwe giti: «Umuntu ni iki ku buryo umwibuka? Canke umwana w’umuntu ni iki ku buryo umwitwararika+?  Habuze gato ngo umunganishe n’abamarayika. Wamwambitse urugori rw’ubuninahazwa n’icubahiro, wongera umushinga kugaba ibikorwa vy’amaboko yawe.  Vyose wabishize munsi y’ibirenge vyiwe ngo abiganze+.» Kubera ko Imana yamuhaye ibintu vyose ngo abiganze+, nta na kimwe itamuhaye kuganza+. Ariko ubu ntituramubona aganza ibintu vyose+.  Mugabo Yezu, umwe yashirwa munsi gatoyi y’abamarayika+, ubu turamubona yambitswe urugori rw’ubuninahazwa n’icubahiro kubera ko yashikiwe n’urupfu+. Biciye ku buntu buhebuje* bw’Imana yarahonjeje urupfu ku bw’abantu bose+. 10  Ibintu vyose biriho vyaremewe Imana kandi biriho biciye kuri yo. Kugira ngo abana bayo benshi bashikire ubuninahazwa+, vyari bibereye ko ituma Yezu aca mu mibabaro ngo abe uwutunganye+. Ni we Mboneza ibajana ku bukiriro+. 11  Kuko uwuriko arabeza n’abariko barezwa+ bose bava kuri umwe+, akaba ari co gituma adaterwa isoni no kubita benewabo+ 12  igihe avuga ngo: «Nzomenyesha izina ryawe benewacu. Nzogushemeza hagati mw’ishengero biciye ku ndirimbo+ 13  Avuga kandi ngo: «Nzomwizigira+.» Yongerako ngo: «Ehe raba twe n’abana batoyi Yehova* yampaye+ 14  Rero kubera ko abo «bana batoyi» ari abantu b’inyama n’amaraso*, na we nyene yabaye nka bo*+, kugira ngo biciye ku rupfu rwiwe ahindure ubusa umwe afise uburyo bwo guteza urupfu+, ni ukuvuga Shetani*+. 15  Vyongeye, kwari ukugira ngo aronse umwidegemvyo* abo bose bahoze ari abaja ubuzima bwabo bwose kubera ugutinya urupfu+. 16  Kuko vy’ukuri atariko afasha abamarayika, ahubwo ariko afasha uruvyaro* rwa Aburahamu+. 17  Ni co gituma vyabaye ngombwa ko amera nka «benewabo» mu mice yose+, ngo acike umuherezi mukuru afise imbabazi kandi w’umwizigirwa akorera Imana, kugira atange ikimazi+ c’ibicumuro vy’abantu gituma basubiza hamwe na yo*+. 18  Kubera ko we ubwiwe yashikiwe n’imibabaro igihe yariko arageragezwa+, arashoboye gutabara abariko barageragezwa+.

Utujambo tw'epfo

Canke «ntitwigere tugenda akayombekere.»
Mu kigiriki havuga ngo «wa Mubesheranyi.» Raba Insiguro y’amajambo (Mubesheranyi).
Mu kigiriki havuga ngo «yaronse kuri ivyo bintu nyene.»
Mu kigiriki havuga ngo «ari abasangiye amaraso n’umubiri.»
Canke «abohore.»
Mu kigiriki havuga ngo «urubuto.»
Canke «ikimazi c’impongano ku bw’ibicumuro vy’abantu», «ikimazi gipfuka ibicumuro vy’abantu.» Raba Insiguro y’amajambo (Impongano).