Abacamanza 4:1-24
4 Mugabo Ehudi amaze gupfa, Abisirayeli basubira gukora ivyo Yehova abona ko ari bibi+.
2 Yehova aca abatanga* ku mwami wa Kanani+ yitwa Yabini yaganza i Hazori. Umukuru w’ingabo ziwe yitwa Sisera, akaba yaba i Harosheti*+.
3 Yabini* yari afise imikogote 900 y’intambara. Yari imikogote iriko ibibugita ku mapine*+. Yabini yari amaze imyaka 20 acinyiza Abisirayeli bimwe bikomeye+, baraheza rero batakambira Yehova+.
4 Ico gihe umuhanuzikazi+ Debora muka Lapidoti, ni we yacira imanza* Isirayeli.
5 Yakunda kwicara munsi y’ikigazi bita ica Debora hagati y’i Rama+ n’i Beteli+, mu karere k’imisozi ka Efurayimu. Abisirayeli baraja kumuraba ngo abamenyeshe ingingo zivuye ku Mana.
6 Atumako rero Baraki+ mwene Abinowamu aho yari i Kedeshi-Nafutali+, amubwira ati: «Yehova Imana ya Isirayeli ategetse ati: “Haguruka uje* ku musozi Tabora, ujane n’abagabo 10.000 bo mu muryango wa Nafutali n’uwa Zabuloni.
7 Nzokuzanira Sisera umukuru w’ingabo za Yabini ku mugezi* Kishoni+, n’imikogote yiwe y’intambara n’ingabo ziwe, ndagufashe kumutsinda+.”»
8 Baraki amwishura ati: «Nitwajana nzogenda, mugabo nitutajana sinzogenda.»
9 Debora aca avuga ati: «Sinzoreka kujana nawe. Ariko si wewe uzohabwa iteka mu rugamba ugiyeko, kuko Yehova azotsinda Sisera akoresheje umugore+.» Debora aca arahaguruka, ajana na Baraki i Kedeshi+.
10 Nuko Baraki atumako i Kedeshi abo mu muryango wa Zabuloni n’uwa Nafutali+. Maze abagabo 10.000 muri bo baramukurikira, na Debora barajana.
11 Heberi Umukeni yari yaratandukanye n’Abakeni+, ni ukuvuga abakomoka kuri Hobabu sebukwe wa Musa+. Yari yashinze ihema ryiwe iruhande y’igiti kinini c’i Zayananimu, hafi y’i Kedeshi.
12 Maze bamenyesha Sisera ko Baraki mwene Abinowamu yaduze ku musozi Tabora+.
13 Sisera aca yegeranya imikogote yiwe y’intambara yose, ni ukuvuga imikogote 900 iriko ibibugita ku mapine*, akoranya n’ingabo ziwe zose kugira ngo bave i Harosheti baje ku mugezi* Kishoni+.
14 Nuko Debora abwira Baraki ati: «Haguruka, kuko uyu musi ari ho Yehova aza kugufasha gutsinda Sisera. Yehova ni we akuja imbere.» Baraki amanuka rero umusozi Tabora, inyuma yiwe hari abagabo 10.000.
15 Maze Yehova ahungabanya+ Sisera n’imikogote yiwe y’intambara yose n’ingabo ziwe zose, baratsindwa mu gitero ca Baraki*. Amaherezo Sisera ava mu mukogote wiwe ahunga n’amaguru.
16 Baraki aca yoma inyuma nya mikogote ya Sisera n’ingabo ziwe gushika i Harosheti. Ingabo za Sisera zose bazicisha inkota, ntihasigara n’umwe+.
17 Mugabo Sisera ahungira kw’ihema rya Yayeli+ muka Heberi Umukeni+, kuko hari amahoro hagati ya Yabini+ umwami wa Hazori n’urugo rwa Heberi.
18 Maze Yayeli asohoka kumusanganira, amubwira ati: «Niwinjire ng’aha databuja, niwinjire, ntutinye.» Nuko yinjira mw’ihema rya Yayeli, Yayeli aca amupfuka uburengeti.
19 Hanyuma Sisera amubwira ati: «Inyota iranyishe, ntabara umpe utuzi two kunywa.» Nuko apfundurura umukuza w’urushato urimwo amata, aramuha aranywa+, aca arasubira aramupfuka.
20 Sisera aca amubwira ati: «Hagarara ku bwinjiriro bw’ihema. Nihagira uwuza akakubaza ngo “Hari umugabo ari ng’aha?”, uce uvuga uti: “Nta wuhari.”»
21 Mugabo Yayeli muka Heberi ahengera Sisera asinziriye ubutikoma, arushe cane, atora urumambo* rw’ihema n’inyundo. Aca aja iyo ari asoboka, amushinga nya rumambo mu mutwe*. Araruhonda gushika arushinze hasi. Sisera aca arapfa+.
22 Maze Baraki ashika kwa Yayeli akurikiye Sisera. Yayeli aca asohoka kumusanganira, amubwira ati: «Ingo nkwereke umugabo uriko urarondera.» Nuko barinjirana maze Baraki asanga Sisera arambaraye hasi yapfuye, rwa rumambo rushinze mu mutwe wiwe.
23 Kuri uwo musi rero, Imana ifasha Abisirayeli kunesha Yabini umwami wa Kanani+.
24 Abisirayeli baguma barwanya Yabini umwami wa Kanani+ bimwe bikomeye gushika bamuzimanganije+.
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «abagurisha.»
^ Canke «Harosheti h’amahanga, Harosheti-ha-Goyimu.»
^ Canke «Sisera.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «imikogote y’ivyuma.»
^ Bisobanura ko yamenyesha abantu ingingo zivuye ku Mana.
^ Canke «urungike ingabo zawe.»
^ Canke «ku mwonga.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «imikogote 900 y’ivyuma.»
^ Canke «ku mwonga.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «imbere y’inkota ya Baraki.»
^ Urumambo ni igiti canke icuma gisongoye bashinga mu kuzimu kugira bafatisheko ikintu kanaka.
^ Ni ukuvuga «haruguru y’umusaya.»