Abacamanza 10:1-18
10 Abimeleki amaze gupfa, Tola mwene Puwa, Puwa mwene Dodo, umugabo wo mu muryango wa Isakari, aba umucamanza wo gukiza Isirayeli+. Yaba i Shamiri mu karere k’imisozi ka Efurayimu.
2 Amara imyaka 23 ari umucamanza muri Isirayeli. Hanyuma arapfa maze bamuhamba i Shamiri.
3 Inyuma yiwe haza Yayiri Umunyagileyadi, amara imyaka 22 ari umucamanza muri Isirayeli.
4 Yari afise abahungu 30 bagendera ku ndogobwa 30. Bari bafise ibisagara 30 mu karere ka Gileyadi, bikaba vyitwa Havoti-Yayiri+ gushika n’uyu musi.
5 Yayiri araheza arapfa, bamuhamba i Kamoni.
6 Maze Abisirayeli bongera gukora ivyo Yehova abona ko ari bibi+. Batangura gusenga* za Bayali+, ibishusho vya Ashitoreti, imana z’i Aramu*, iz’i Sidoni, iz’i Mowabu+, iz’Abamoni+ n’iz’Abafilisitiya+. Baheba Yehova, ntibaba bakimukorera.
7 Yehova aca arashavurira cane Abisirayeli, abatanga* ku Bafilisitiya no ku Bamoni+.
8 Muri uwo mwaka bakandamiza Abisirayeli, barabacinyiza bimwe bikomeye. Bamara imyaka 18 bacinyiza Abisirayeli bose baba mu karere ka Gileyadi, ku ruhande rwa Yorodani rwahoze ari urw’Abamori.
9 Abamoni kandi baza barajabuka Yorodani kugira batere abo mu muryango wa Yuda, uwa Benyamini n’uwa Efurayimu. Abisirayeli bahabonera amarushwa menshi.
10 Maze Abisirayeli batabaza Yehova+ bati: «Twaragucumuyeko kuko twaguhevye wewe Mana yacu, dusenga za Bayali+.»
11 Mugabo Yehova abwira Abisirayeli ati: «Mbega sinabakijije Abanyamisiri+, Abamori+, Abamoni, Abafilisitiya+,
12 Abanyasidoni, Abamaleki n’Abamidiyani igihe babacinyiza? Ntimwandiriye nanje nkababakiza?
13 Mugabo mwarampevye, musenga izindi mana+. Ni co gituma ntazokwongera kubakiza+.
14 Genda mutabaze imana mwatoye+, zibe ari zo zibakiza amarushwa murimwo+.»
15 Mugabo Abisirayeli babwira Yehova bati: «Twaracumuye. Nutugire uko ushaka, ariko turagusavye udukize uyu musi.»
16 Nuko Abisirayeli bakuraho imana z’inyamahanga bari bafise, basubira gukorera Yehova+ ku buryo vyanka ko yihanganira imibabaro yabo*+.
17 Mu nyuma Abamoni+ barakorana, bashinga ikambi i Gileyadi. Abisirayeli na bo bakoranira hamwe, bashinga ikambi i Mizipa.
18 Abantu b’i Gileyadi n’abatware baho babwirana bati: «Ni nde atuja imbere mu kurwanya Abamoni+? Nace aba umukuru w’ababa i Gileyadi bose.»
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «gukorera.»
^ Canke «Siriya.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «abagurisha.»
^ Canke «ku buryo umutima wiwe utaba ucihangana kubera imibabaro yabo.»