Ngoma za kabiri 11:1-23
11 Rehobowamu ashitse i Yeruzalemu, aca akoranya abo mu muryango wa Yuda n’abo mu muryango wa Benyamini+. Yakoranije abarwanyi 180.000 bamenyerejwe*, kugira barwanye Abisirayeli basubize ubwami Rehobowamu+.
2 Maze Yehova abwira Shemaya+ umuntu w’Imana y’ukuri ati:
3 «Bwira Rehobowamu mwene Salomo umwami w’Ubuyuda, ubwire n’Abisirayeli bose baba mu Buyuda no mu karere ka Benyamini uti:
4 “Yehova avuze ati: ‘Ntimuje kurwanya benewanyu. Umwe wese nasubire iwe kuko ari je natumye ibintu bigenda ukwo+.’”» Nuko bagamburukira Yehova basubira inyuma, ntibaja gutera Yerobowamu.
5 Rehobowamu aguma aba i Yeruzalemu maze yubaka ibisagara bikingijwe ibihome mu Buyuda.
6 Ibi ni vyo bisagara yasubiye kwubaka*: Betelehemu+, Etamu, Tekowa+,
7 Beti-Suri, Soko+, Adulamu+,
8 Gati+, Maresha, Zifu+,
9 Adorayimu, Lakishi+, Azeka+,
10 Zora, Ayaloni+ na Heburoni+. Ivyo vyari ibisagara bikingijwe ibihome vyari mu Buyuda no mu karere ka Benyamini.
11 Vyongeye, akomeza ibibanza bikingijwe ibihome maze abishiramwo abakomanda, abaho abaronsa ibifungurwa, amavuta n’umuvinyu.
12 Ibisagara bitandukanye vyose abironsa inkinzo zagutse n’amacumu, arabikomeza cane rwose. Abandanya kuganza Ubuyuda n’umuryango wa Benyamini.
13 Abaherezi n’Abalewi bo muri Isirayeli yose baza kumushigikira bavuye mu turere twose babamwo.
14 Abalewi barahevye ivyabo n’amatongo yabo yo kuragiramwo+ baza mu Buyuda n’i Yeruzalemu, kubera ko Yerobowamu n’abahungu biwe bari babakuye mw’ibanga ryo gukorera Yehova ari abaherezi+.
15 Yerobowamu yaciye yishiriraho abaherezi bakorera mu bibanza vyo gusengeramwo*+, bakayobora abantu mu gusenga ibigirwamana bimeze nk’impene*+ n’ibimeze nk’inyana yari yarakoze+.
16 Abantu bo mu miryango yose ya Isirayeli bafise umutima wo kurondera Yehova Imana ya Isirayeli, baciye bakurikira abaherezi n’Abalewi i Yeruzalemu kugira baze barashikanira ibimazi Yehova Imana ya ba sekuruza+.
17 Bamara imyaka itatu bakomeza ubwami bw’Ubuyuda bongera bashigikira Rehobowamu umuhungu wa Salomo. Bagumye bigana akarorero ka Dawidi na Salomo mu kiringo c’imyaka itatu.
18 Maze Rehobowamu arongora Mahalati umukobwa Yerimoti yavyaranye na Abihayili. Yerimoti yari umuhungu wa Dawidi, Abihayili na we akaba umukobwa wa Eliyabu+ mwene Yese.
19 Mu nyuma bavyarana aba bahungu: Yushi, Shemariya na Zahamu.
20 Inyuma y’uwo, Rehobowamu arongora Mayaka umwuzukuru wa Abusalomu+. Baraheza bavyarana Abiya+, Atayi, Ziza na Shelomiti.
21 Rehobowamu yakunda Mayaka umwuzukuru wa Abusalomu kuruta abandi bagore biwe bose n’incoreke ziwe+, kuko yarongoye abagore 18 n’incoreke 60. Yavyaye abahungu 28 n’abakobwa 60.
22 Nuko Rehobowamu atora Abiya umuhungu wa Mayaka amugira umukuru n’indongozi muri benewabo, kuko yipfuza kuzomugira umwami.
23 Ariko akorana ubwenge*, arungika* bamwe mu bahungu biwe mu turere dutandukanye two mu Buyuda n’utwo mu muryango wa Benyamini, baja mu bisagara vyose bikingijwe ibihome+. Abaha ibifungurwa vyinshi, abaronderera n’abagore benshi.
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «bacaguwe.»
^ Canke «yakomeje.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ibibanza bitaramutse.»
^ Canke «amadayimoni ameze nk’impene.» Mu giheburayo havuga ngo «impene.»
^ Canke «ugutegera.»
^ Canke «akwiragiza.»