Timoteyo wa mbere 6:1-21

  • Abashumba bubahe ba shebuja (1, 2)

  • Abigisha b’ikinyoma. Gukunda amahera (3-10)

  • Ivyo umuntu w’Imana akwiye kwitwararika (11-16)

  • Kuba abatunzi mu bikorwa vyiza (17-19)

  • Rinda ico wajejwe (20, 21)

6  Abashumba* nibagume babona ko ba shebuja babereye kwubahwa rwose+, kugira ngo izina ry’Imana n’inyigisho yayo ntivyigere bivugwa nabi+.  Vyongeye, abafise ba shebuja bizera ntibabagaye ngo ni uko ari abavukanyi. Ahubwo riho bakwiye kurushiriza gukora babikunze, kubera ko abungukira ku gikorwa ciza bakora ari abo basangiye ukwizera, bakaba n’abavukanyi babo bakunda cane. Ugume wigisha ivyo bintu wongera ushikiriza ayo majambo yo guhimiriza.  Nimba hari umuntu yigisha izindi nyigisho kandi ntiyemere ya nyigisho ngirakamaro*+ iva ku Mukama wacu Yezu Kristu, canke ntiyemere inyigisho ihuye n’ukwihebera Imana+,  aba yivyimvya, kandi nta kintu na kimwe atahura+. Ni umuntu yatwawe ubwenge n’ivyo guhangana* mu vyiyumviro be n’impari z’amajambo+. Ivyo bituma havyuka agashari, imiryano, kwambikana ibara*, imyikeko mibi,  impari zidahera ku bintu bitagira akamaro zivyurwa n’abantu bononekaye mu bwenge+ kandi batagitahura ukuri, biyumvira ko ukwihebera Imana ari uburyo bwo kwironkera inyungu+.  Mu vy’ukuri, kwihebera Imana+ biri kumwe no kubumbwa n’ivyo umuntu afise*, birimwo inyungu ikomeye.  Kuko ata co twazanye mw’isi, kandi nta na kimwe dushobora kuyikuramwo+.  Iyo rero dufise ivyo kurya n’ivyo kwambara*, ivyo biratubumba+.  Ariko abiyemeje kuba abatunzi bagwa mu bigeragezo, mu mitego+ no mu vyipfuzo vy’ubupfu kandi bibagirira nabi, bidwibiza abantu mu gatikizo no mu mahonero+. 10  Kuko gukunda amahera ari umuzi w’ibibi vy’ubwoko bwose. Hari abaciye ku biti no ku mabuye kubera gukunda amahera maze barata ukwizera, bikwegera* imibabaro myinshi+. 11  Ariko weho ga muntu w’Imana, hunga ivyo bintu. Mugabo ukurikirane ubugororotsi, ukwihebera Imana, ukwizera, urukundo, ukwihangana n’ubwitonzi+. 12  Rwana intambara nziza y’ukwizera. Cakira ubuzima budahera wahamagariwe kandi ukabushingira intahe nziza ku mugaragaro imbere y’ivyabona vyinshi. 13  Imbere y’Imana, yo izigama ubuzima bw’ibintu vyose, n’imbere ya Kristu Yezu, we cabona yashinze intahe nziza ku mugaragaro imbere ya Ponsiyo Pilato+, ngutegetse 14  kwubahiriza amabwirizwa mu buryo butagira agatosi kandi ata co bunegurwa gushika Umukama wacu Yezu Kristu yerekanywe+. 15  Wa Munyabubasha rudende kandi ahimbawe azokwerekana ukwo kwigaragaza igihe cakwo kigeze. Ni Umwami w’abami baganza, akaba n’Umukama aruta abatwara bose+, 16  umwe wenyene adapfa+, aba mu muco utegerwa+, wa wundi ata muntu n’umwe yigeze amubona canke ashobora kumubona+. Nahabwe iteka, kandi ubushobozi bwiwe bwameho ibihe bidahera. Amen. 17  Bwira* abatunzi bo muri iki gihe* kutibona* no kutizigira ubutunzi butari ubwo kwizigirwa+, mugabo bizigire Imana, yo ituronsa ku bwinshi ibintu vyose tunezererwa+. 18  Ubabwire gukora iciza, kuba abatunzi mu bikorwa vyiza, kuba abantu batanga cane, biteguriye gusangira n’abandi+. 19  Bazoba bishingiye umushinge mwiza ku bwa kazoza nk’umuntu abitse ubutunzi ahatagira inkomanzi+, kugira bacakire ubuzima nyakuri+. 20  Ewe Timoteyo, rinda ico wajejwe+, wamirire kure amajambo ata co amaze atukisha ibintu vyeranda, be n’ivyiyumviro bivuguruzanya vyitwa ngo ni «ubumenyi+ 21  Hari abashatse kwerekana ko bafise ubwo bumenyi bituma bata ukwizera. Ubuntu buhebuje* bubane namwe.

Utujambo tw'epfo

Mu kigiriki havuga ngo «abashumba bari munsi y’ingogo.» Raba Insiguro y’amajambo (Ingogo).
Canke «ntungamagara.»
Canke «akunda birenze urugero ivyo guhangana.»
Canke «ugutukana.»
Mu kigiriki havuga ngo «kuba umuntu yikwije.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «aho kuba.» Mu kigiriki havuga ngo «ico kwipfuka.»
Mu kigiriki havuga ngo «bicumitisha.»
Canke «kutihambaza.»
Canke «tegeka.»