Samweli wa mbere 10:1-27
10 Samweli atora rero agakarabo k’amavuta, ayasuka ku mutwe wa Sawuli+, araheza aramusoma avuga ati: «Ni wewe Yehova arobanuje amavuta* ngo ube indongozi+ y’abantu biwe*+.
2 Uyu musi nyene nitwavana uraza guhura n’abagabo babiri hafi y’imva ya Rasheli+ i Zeluza, mu karere ka Benyamini. Barakubwira bati: “Za ndogobwa waja kurondera zarabonetse. Mugabo ubu so wawe ntizikimuhagaritse umutima+, ahubwo ni mwe mumuhagaritse umutima. Aguma yibaza ico yokora ngo atore umuhungu wiwe.”
3 Uce ubandanya gushika ku giti kinini c’i Tabora. Urahahurira n’abagabo batatu baduze gusenga Imana y’ukuri i Beteli+. Umwe aza kuba atwaye imyagazi itatu y’impene, uwundi imikate itatu, uwundi na we yikoreye umubindi munini w’umuvinyu.
4 Baraza kukubaza amakuru yawe bace baguha n’imikate ibiri, kandi uyakire.
5 Inyuma y’ivyo uce uja ku gasozi k’Imana y’ukuri, ahari ikirindiro c’Abafilisitiya. Niwashika mu gisagara, urahura n’umugwi w’abahanuzi bavuye ahantu hataramutse basengera. Bazoba bariko baravuga ubuhanuzi, imbere yabo hari abantu bavuza igicurarangisho c’imirya n’akagoma n’umwironge n’inanga.
6 Impwemu ya Yehova ica iguha inkomezi+ utangure nawe kuvuga ubuhanuzi nka bo, uhinduke uwundi muntu+.
7 Ivyo bintu nkubwiye nivyaba, uze gukora ivyo ubona ko bibereye vyose, kuko Imana y’ukuri iri kumwe nawe.
8 Uheze umanuke i Gilugali+ unyitangire imbere. Nanje nzomanukayo nje gushikana ibimazi biturirwa, n’ibimazi vyo gusangira. Uzondindire imisi indwi gushika ndagusanzeyo. Nzoheza ndakumenyeshe ico wokora.»
9 Sawuli akimara kuvana na Samweli, Imana ica itangura guhindura umutima wiwe. Vya bintu vyose Samweli yamubwira biba kuri uwo musi.
10 Nuko bava* ng’aho baja kuri ka gasozi maze umugwi w’abahanuzi uhura na Sawuli. Ako kanya impwemu y’Imana imuha inkomezi+, atangura kuvuga ubuhanuzi+ nka bo.
11 Abari bamuzi bose bamubonye avuga ubuhanuzi ari kumwe n’abahanuzi, babwirana bati: «Mbega mwene Kishi vyamugendeye gute? Sawuli yakabaye na we nyene ari umuhanuzi?»
12 Maze umuntu umwe w’aho hantu avuga ati: «Abo bahanuzi bandi bo ni bene nde?» Ni ho havuye iyi mvugo* ngo: «Sawuli yakabaye na we nyene ari umuhanuzi+?»
13 Arangije kuvuga ubuhanuzi aca aja ha hantu hataramutse basengera.
14 Mu nyuma, sewabo wa Sawuli abwira Sawuli n’umusuku wiwe ati: «Mwari mwaroye he?» Yishura ati: «Kurondera za ndogobwa+. Mugabo tuzibuze twaciye tuja kuraba Samweli.»
15 Sewabo aca avuga ati: «Ndagusavye umbwire ivyo Samweli yababwiye.»
16 Sawuli na we amwishura ati: «Yatubwiye ko za ndogobwa zamaze kuboneka.» Mugabo ntiyamubwira ivyo Samweli yamubariye ku bijanye no kuba umwami.
17 Nuko Samweli akoraniriza abantu imbere ya Yehova i Mizipa+.
18 Abwira Abisirayeli ati: «Ibi ni vyo Yehova Imana ya Isirayeli avuze: “Ni jewe nakuye Abisirayeli mu Misiri, ndabakura mu vyara vy’Abanyamisiri+, ndabakiza n’ayandi mahanga yose yabacinyiza.
19 Mugabo uyu musi mwanse Imana yanyu+ yabakijije amabi yose mwaciyemwo n’amarushwa yanyu yose, muvuga muti: ‘Nugene umwami azotuganza.’ Nimuhagarare rero imbere ya Yehova mukurikije imiryango yanyu n’imigwi y’abantu 1.000.”»
20 Nuko Samweli asaba imiryango yose ya Isirayeli ngo yegere+, maze umuryango wa Benyamini uratorwa+.
21 Hanyuma asaba umuryango wa Benyamini ngo wegere hakurikijwe ingo ziwugize, maze hatorwa Abamatiri. Amaherezo Sawuli mwene Kishi aratorwa+. Mugabo baramurondera baramubura.
22 Baca babaza Yehova+ bati: «Uwo mugabo yoba yamaze gushika hano?» Yehova yishura ati: «Ng’urya iyo yinyegeje mu mizigo.»
23 Nuko biruka kumukurayo maze ahagarara hagati mu bantu. Bose yarabasumba ku buryo muremure yamugera ku bitugu+.
24 Samweli abwira abantu bose ati: «Mwabonye uwo Yehova yatoye+? Mubona hari n’umwe ameze nka we mu bantu bose?» Abantu bose baca batangura gusemerera bati: «Umwami nahangame!»
25 Maze Samweli abwira abantu ivyo abami bafitiye uburenganzira+. Avyandika mu gitabu araheza agishira imbere ya Yehova. Hanyuma Samweli arungika abantu bose, umwe wese asubira iwe.
26 Sawuli na we aja ku rugo iwe i Gibeya aherekejwe n’abarwanyi Yehova yari yakoze ku mutima.
27 Ariko abantu bamwebamwe b’imburakimazi bavuga bati: «Mbega uyu azodukiza gute+?» Nuko baramusuzugura, ntibamuzanira ingabire+. Mugabo ntiyagira ico abivuzeko*.
Utujambo tw'epfo
^ Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).
^ Mu giheburayo havuga ngo «y’intoranwa yiwe.»
^ Biboneka ko ari Sawuli n’umusuku wiwe.
^ Canke «uyu mugani.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «amera nka nyamuragi.»