Abami ba mbere 11:1-43
11 Mugabo umwami Salomo akunda abagore benshi b’abanyamahangakazi+ hampande y’umukobwa wa Farawo+: uri Abanyamowabukazi+, Abamonikazi+, Abanyedomukazi, Abanyasidonikazi+ n’Abahetikazi+.
2 Ng’ibi ivyo Yehova yari yarabwiye Abisirayeli ku bijanye n’abava muri ayo mahanga: «Ntimuze mugirane imigenderanire* kuko batazobura guhindura imitima yanyu, mugakurikira imana zabo+.» Mugabo Salomo yarabakunze, arabumirako*.
3 Yari afise abagore 700 b’abamikazi* n’incoreke 300. Abo bagore biwe bagiye barahindura umutima wiwe buhorobuhoro*.
4 Salomo ageze mu zabukuru+, abagore biwe barahinduye* umutima wiwe akurikira izindi mana+, ntiyakorera Yehova Imana yiwe n’umutima wiwe wose* nka se Dawidi.
5 Maze Salomo atangura gusenga imanakazi y’Abanyasidoni yitwa Ashitoreti+ n’ikigirwamana gisesemye c’Abamoni citwa Milikomu+.
6 Salomo akora ivyo Yehova yabona ko ari bibi, ntiyagamburukira Yehova n’umutima wiwe wose* nka se Dawidi+.
7 Salomo aca yubaka ahantu ho gusengera+ ikigirwamana gisesemye c’Abanyamowabu citwa Kemoshi ku musozi warabana n’i Yeruzalemu, yubakira n’ikigirwamana gisesemye c’Abamoni citwa Moleki*+.
8 Ukwo ni ko yagiriye abagore biwe bose b’abanyamahangakazi bashikanira imana zabo ibimazi bigafumba umwotsi.
9 Yehova ashavurira cane Salomo kubera ko umutima wiwe utari ukiri kuri Yehova Imana ya Isirayeli+, umwe yamubonekera incuro zibiri+,
10 akamugabisha kuri ico kintu nyene, yuko adakwiye gusenga izindi mana+. Mugabo ntiyakurikije ivyo Yehova yategetse.
11 Maze Yehova abwira Salomo ati: «Ko wakoze ivyo, ntiwubahirize isezerano ryanje n’ivyo nagutegetse, sinzogenda ntagushikuye ubwami ndabuhe umwe mu basuku bawe+.
12 Ariko sinzobikora ukiriho kubera so Dawidi. Nzobushikura umuhungu wawe+.
13 Mugabo sinzomushikura ubwami bwose+. Nzomusigira umuryango umwe+ kubera umusavyi wanje Dawidi no kubera Yeruzalemu igisagara natoye+.»
14 Maze Yehova atuma Hadadi aba umwansi wa Salomo+. Yari Umunyedomu ava mu muryango wa cami wo muri Edomu+.
15 Igihe Dawidi yatsinda Abanyedomu+, Yowabu umukuru w’ingabo yagiye guhamba abaguye ku rugamba, atangura kwica uw’igitsina-gabo wese muri Edomu.
16 (Yowabu n’ingabo zose za Isirayeli bamazeyo amezi atandatu, gushika ahoneje uw’igitsina-gabo wese muri Edomu.)
17 Mugabo Hadadi ahungana n’abasuku bakeyi b’Abanyedomu bakorera se, baja mu Misiri. Ico gihe Hadadi yari agahungu gatoyi.
18 Bava rero i Midiyani* baja i Parani, maze bahitana abagabo i Parani+ baraheza baja mu Misiri kwa Farawo umwami wa Misiri. Umwami amuha inzu n’itongo, ategeka kandi ko baza baramuha imfungurwa.
19 Farawo yarakunze cane Hadadi ku buryo amuha mwenewabo n’umugore wiwe ngo bubakane. Muka Farawo, ari we mwamikazi*, yitwa Tahupenesi.
20 Mu nyuma mwenewabo na Tahupenesi avyarira Hadadi umuhungu yitwa Genubati, maze Tahupenesi amutwara kumurerera* ku kirimba kwa Farawo. Genubati aguma kwa Farawo, akurana n’abana biwe.
21 Hadadi ari mu Misiri yumva yuko Dawidi yapfuye+ be n’uko Yowabu umukuru w’ingabo na we nyene yapfuye+. Hadadi abwira rero Farawo ati: «Nkundira nje mu gihugu iwacu.»
22 Mugabo Farawo amubwira ati: «Hari ico wabuze aha iwanje aho urondera gusubira mu gihugu iwanyu?» Amwishura ati: «Nta na kimwe, ariko ndakwinginze undeke ngende.»
23 Imana ituma haza uwundi mwansi arwanya Salomo+. Yitwa Rezoni akaba yari mwene Eliyada. Rezoni yari yarahunze shebuja Hadadezeri+ umwami w’i Zoba.
24 Igihe Dawidi yatsinda* abantu b’i Zoba+, Rezoni yaciye arondera abagabo bamwiyungako, kaba akagwi k’abambuzi, na we aba umukuru wako. Baja rero i Damasiko+ bagumayo, maze batangura kuganza aho i Damasiko.
25 Rezoni aguma arwanya Isirayeli mu kiringo cose Salomo yamaze aganza, akora amabi yiyongera ku yo Hadadi yakoze. Rezoni aguma yanka urunuka Isirayeli mu kiringo cose yamaze aganza Siriya.
26 Mu nyuma haza Yerobowamu+ mwene Nebati, Umwefurayimu w’i Sereda. Yari umusuku wa Salomo+, nyina akaba yari umupfakazi yitwa Zeruwa. Yerobowamu na we nyene atangura kugarariza* umwami+.
27 Iki ni co catumye agarariza umwami: Salomo yari amaze kwubaka ka gasozi Milo*+, yagura n’uruzitiro rw’igisagara ca Dawidi se wiwe+.
28 Yerobowamu yari umuntu ashoboye ibikorwa. Salomo abonye ko uwo musore ari umukozi, amugira umuhagarikizi+ w’abo mu muryango wa Yozefu* bose bahamagariwe gukora ibikorwa vy’umwami.
29 Umusi umwe Yerobowamu ava i Yeruzalemu, maze ahurira ku nzira n’umuhanuzi Ahiya+ w’i Shilo. Ahiya yari yambaye impuzu nshasha, kandi abo babiri bahuriye hanze y’igisagara ari bonyene.
30 Ahiya aca afata nya mpuzu nshasha yari yambaye ayitaburamwo ibipande 12.
31 Maze abwira Yerobowamu ati:
«Tora ibipande cumi, kuko Yehova Imana ya Isirayeli avuze ati: “Ngira nshikure ubwami Salomo, nce ndaguha imiryango cumi+.
32 Mugabo nzomusigariza umuryango umwe+ kubera umusavyi wanje Dawidi+ no kubera Yeruzalemu igisagara natoye mu miryango yose ya Isirayeli+.
33 Nzobikora kubera ko abantu banje bantaye+, bakunamira imanakazi y’Abanyasidoni yitwa Ashitoreti, imana y’Abanyamowabu yitwa Kemoshi n’imana y’Abamoni yitwa Milikomu. Ntibagendeye mu nzira zanje ngo bakore ivyo mbona ko bigororotse, bakurikize n’amategeko yanje n’ingingo nashinze, nk’uko Dawidi se wa Salomo yabigize.
34 Mugabo sinzomwaka ubwami bwose, kandi nzomureka agume atwara igihe cose azoba akiriho. Nzobigira kubera Dawidi umusavyi wanje natoye+ kuko yagamburutse amabwirizwa yanje n’ivyagezwe vyanje.
35 Mugabo nzokwaka ubwami umuhungu wiwe ndabuguhe, utware imiryango cumi+.
36 Umuhungu wiwe nzomuha umuryango umwe, kugira ngo umusavyi wanje Dawidi aze yamane itara* imbere yanje i Yeruzalemu+, igisagara nitoreye ngo citirirwe izina ryanje.
37 Ni wewe nzotora uganze abo ushaka* bose, ube umwami wa Isirayeli.
38 Niwagamburuka ivyo ndagutegeka vyose, ukagendera mu nzira zanje, ugakora ivyo mbona ko bigororotse mu gukurikiza ivyagezwe vyanje n’amabwirizwa yanje nk’umusavyi wanje Dawidi+, nanje nzobana nawe. Nzotuma umuryango wawe uguma ukomokamwo abami nk’uko nabigiriye Dawidi+, kandi nzoguha Isirayeli.
39 Nzomaramaza uruvyaro rwa Dawidi kubera ivyo bakoze+, mugabo si ko bizokwama+.”»
40 Maze Salomo arondera kwica Yerobowamu, ariko Yerobowamu ahungira mu Misiri kwa Shishaki+ umwami wa Misiri+. Agumayo gushika Salomo apfuye.
41 Nayo ibisigaye ku vyerekeye Salomo, ni ukuvuga ivyo yakoze vyose n’ubukerebutsi bwiwe, vyanditswe mu gitabu kivuga ivya Salomo+.
42 Salomo yamaze imyaka 40 aganza Isirayeli yose ari i Yeruzalemu.
43 Maze Salomo arapfa, bamuhamba mu gisagara ca Dawidi se wiwe. Umuhungu wiwe Rehobowamu+ atangura kuganza mu kibanza ciwe.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «muhane abageni.»
^ Canke «yarakunze imana zabo arazumirako.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «abaganwakazi.»
^ Canke «abo bagore biwe bamugirako akosho gakomeye.»
^ Canke «n’umutima ukwiye.»
^ Canke «barahindukije.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «mu buryo bwuzuye.»
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Biboneka ko kari akarere ko muri Edomu canke hafi yaho.
^ Ntiyari umwamikazi aganza.
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «kumucukiriza.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «yica.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «kubangurira ukuboko.»
^ «Milo» ni ijambo ry’igiheburayo risobanura «kwuzuza.»
^ Ni ukuvuga umuryango wa Efurayimu n’uwa Manase.
^ Ni ukuvuga uwumukomokako.
^ Canke «abo umutima wawe ushaka.»