Zaburi 9:1-20

Ku muyobozi, kuri Muti-labeni. Agahibongozo ka Dawidi. א [ʼAlefu] 9  Nzoguhaya, Yehova we, n’umutima wanje wose+;Nzomenyesha ibikorwa vy’agatangaza vyawe vyose+.   Nzonezerwa nongere nigine muri wewe+,Nzohibongoreza izina ryawe, ewe Musumbavyose+! ב [Beti]   Abansi banje nibasubira inyuma+,Bazotsitara, bayogere bave imbere yawe+.   Kuko washikije urubanza rwanje n’imburano zanje+;Wicaye ku ntebe y’ubwami, uca imanza mu bugororotsi+. ג [Gimelu]   Wahambariye amahanga+, waranduye umubisha+.Izina ryabo warihanaguye gushika igihe kitagira urugero, mbere ibihe bidahera+.   Wa mwansi we, ukugirwa umusaka kwawe kwarangutse rwose+,Mbere n’ibisagara waranduye+.No kuvugwa ntibazokwongera kuvugwa+. ה [Heʼ]   Nayo Yehova, azovyagira gushika igihe kitagira urugero+,Ashimangire intebe yiwe y’ubwami ku bw’urubanza+.   Kandi ubwiwe azocira urubanza ubutaka bwimbuka, mu bugororotsi+;Azosomera urubanza imiryango y’amahanga mu kugororoka+. ו [Vau]   Yehova azocika ahantu hakirurutse hatagira inkomanzi kuri uwo wese ajanjaguwe+,Ahantu hakirurutse hatagira inkomanzi mu bihe vy’amarushwa+. 10  Abazi izina ryawe bazokwizigira+,Kuko utazogenda uhevye abakurondera, Yehova we+! ז [Zayini] 11  Nimuhibongoreze Yehova, umwe aba i Siyoni+;Nimuyage mu bisata vy’abantu ibikorwa vyiwe+. 12  Kuko, niyarondera amaraso yasheshwe+ abo ntazobura kubibuka+;Ntashobora kwibagira amaborogo y’abarushwa+. ח [Heti] 13  Ngirira ubutoni, Yehova we; raba amarushwa yanje ntezwa n’abanyanka+,Wewe unduza ukankura mu marembo y’urupfu+, 14  Kugira ngo menyeshe ibikorwa vyawe vyose bibereye gushemezwa+Mu marembo+ y’umukobwa wa Siyoni+,Kugira nezererwe ubukiriro bwawe+. ט [Teti] 15  Amahanga yarokeye mu cobo yimvye+;Urusenga+ yanyegeje, ni rwo ikirenge cayo cafatiwemwo+. 16  Yehova amenyekanira ku rubanza yashikije+.Umubisha afashwe n’igikorwa c’amaboko yiwe+.Higayoni*. Sela. י [Yodi] 17  Ababisha+ bazosubira mu kuzimu+,Mbere n’amahanga yose yibagira Imana+. 18  Kuko umworo atazokwama yibagirwa+,Eka n’icizigiro c’abatekereza ntikizokwigera gihona+. כ [Kafu] 19  Haguruka, Yehova we! Umuntu buntu ntabe ari we yiganza mu nkomezi+.Amahanga nacirwe urubanza mu maso yawe+. 20  Nubashiremwo ubwoba, Yehova we+,Kugira amahanga amenye ko ata kindi ari atari abantu buntu+. Sela.

Utujambo tw'epfo

“Higayoni” ni ijambo ry’igiheburayo rijanye n’ivy’umuziki ritazwi insobanuro.