Zaburi 44:1-26

Ku muyobozi. Ni izaburi ya bene Kora+. Masikili. 44  Ewe Mana, twarumvise n’amatwi yacu,Ba sogokuruza bacu baratudondeye+Igikorwa wakoze mu misi yabo+,Mu misi ya kera+.   Wewe ubwawe warirukanye amahanga n’ukuboko kwawe+,Uraheza ubateragira mu kibanza cayo+.Wavunaguye imiryango y’amahanga, urayihinda+.   Kuko batigaruriye igihugu n’inkota yabo+,Kandi ukuboko kwabo si kwo kwabazaniye ubukiriro+.Kuko vyakozwe n’ikiganza cawe c’iburyo n’ukuboko kwawe+ be n’umuco wo mu maso hawe,Kubera ko wahimbawe na bo+.   Ni wewe Mwami wanje, ewe Mana yanje+.Tegeka habe ubukiriro buhambaye kuri Yakobo+.   Tubikesheje wewe, tuzosunika abarwanizi bacu+;Mw’izina ryawe tuzohonyangira hasi abadukurira hasi+.   Kuko umuheto wanje atari wo nagumye nizigiye+,Kandi inkota yanje si yo yankiza+.   Kuko wadukijije abarwanizi bacu+,Abatwanka urunuka na bo ukabamaramaza+.   Tuzoshikanira Imana amashemezo burinde bwira+,Kandi izina ryawe tuzorihaya gushika igihe kitagira urugero+. Sela.   Ariko ubu waradushibuye kandi uguma udutetereza+,Kandi ntujana n’ingabo zacu+. 10  Uguma utuma dusubira inyuma imbere y’umurwanizi+,Kandi abatwanka urunuka barisahuriye ibintu+. 11  Udutanga nk’intama, nk’ikintu co kurya+,Kandi wadusanzaje mu mahanga+. 12  Ugurisha abantu bawe ku bitagira agaciro namba+,Kandi nta butunzi wakuye ku kiguzi cabo. 13  Wadushiriyeho kuba iceyi ku babanyi bacu+,Agatwengo be n’akamenyo ku badukikije+. 14  Watugize iciro ry’umugani mu mahanga+,Abo kuzungiriza umutwe mu miryango y’amahanga+. 15  Uguteterwa kwanje kwama imbere yanje bukarinda bwira,Kandi ibimaramare vyo mu maso hanje vyampfutse+, 16  Bivuye kw’ijwi ry’uwusigana iceyi kandi agatukana,Kubera umwansi be n’uwihora+. 17  Ivyo vyose ni vyo vyatujeko, natwe ntitwakwibagiye+,Kandi ntitwakoranye ikinyoma mw’isezerano ryawe+. 18  Umutima wacu ntiwahemutse ngo usubire inyuma+,Eka n’amakanda yacu ntakevya ngo ate umunyuro wawe+. 19  Kuko watujanjaguriye ahantu h’imbwebwe+,Ukadupfuka igitutu kizitanye+. 20  Nimba twaribagiye izina ry’Imana yacu,Canke tugasanzira ibiganza vyacu imana y’ahandi+, 21  Mbega Imana ubwayo ivyo ntizobiserangura+?Kuko izi amabanga y’umutima+. 22  Mugabo twiriwe turicwa duhorwa wewe;Twabonywe nk’intama zo gukererwa+. 23  Vyuka! Kubera iki uguma usinziriye ga Yehova+?Ikangure! Ntugume udushibura ibihe bidahera+. 24  Kubera iki uguma uhishije mu maso hawe?Kubera iki wibagira amarushwa yacu n’agahahazo turimwo+? 25  Kuko umutima wacu wajondamye gushika ku mukungugu+;Inda yacu yamatanye n’isi. 26  Haguruka udufashe+,Uducungure ku bw’ubuntu bwuzuye urukundo bwawe+.

Utujambo tw'epfo