Zaburi 40:1-17

Ku muyobozi. Ni izaburi ya Dawidi, ni agahibongozo. 40  Narizigiye Yehova rwose+,Na we araheza antega ugutwi, yumva ugutabaza kwanje+.   Kandi yarandugije ankura mu cobo kiroha+,Mu rwondo rw’ibishanga vyo mu ndiba+.Maze yadugije ibirenge vyanje ku rutare+;Yashimangiye intambuko zanje+.   Vyongeye, yashize mu kanwa kanje ururirimbo rushasha,Ururirimbo rwo gushemeza Imana yacu+.Benshi bazobibona batinye+,Kandi bazokwizigira Yehova+.   Hahiriwe umuntu w’umugabo yagize Yehova amizero yiwe+Kandi atahindukirije mu maso hiwe ku bantu ata co bibanga,Canke ku bantu bihereza ibinyoma+.   Wewe ubwawe wakoze ibintu vyinshi+,Ewe Yehova Mana yanje, mbere n’ibikorwa vy’agatangaza vyawe n’ivyiyumviro udufiseko+;Nta n’umwe ariho yogereranywa nawe+.Hamwe norondera kubivuga no kubiyaga,Ni vyinshi kuruta ivyo nodonda+.   Ibimazi n’amashikanwa ntivyaguhimbaye+;Aya matwi yanje warayazibūye+.Amashikanwa aturirwa be n’amashikanwa y’igicumuro nta yo wasavye+.   Ku bw’ivyo, navuze nti: “Ehe naje+,Mu muzingo w’igitabu bikaba vyanditswe kuri jewe+.   Gukora ukugomba kwawe, ewe Mana yanje, ni vyo vyampimbaye+,Kandi itegeko ryawe riri imbere muri jewe+.   Naravuze inkuru nziza y’ubugororotsi mw’ishengero rinini+.Ehe iminwa yanje sindayitangira+.Ewe Yehova, wewe ubwawe ivyo urabizi neza+. 10  Ubugororotsi bwawe sinabupfukiranije mu mutima wanje+.Ubwizigirwa bwawe n’ubukiriro bwawe narabitangaje+.Sinanyegeje ubuntu bwuzuye urukundo bwawe n’ukuri kwawe mw’ishengero rinini+.” 11  Ewe Yehova, ubwawe ntutangīre ikigongwe cawe ngo ntikinshikire+.Ubuntu bwuzuye urukundo bwawe be n’ukuri kwawe nibinzigame nantaryo+. 12  Kuko ivyago vyankikuje ku buryo bidaharurika+.Amakosa yanje yarampambije ari menshi kuruta ayo nashobora kubona+;Yabaye menshi kuruta umushatsi wo ku mutwe wanje+,Kandi umutima wanje waramvuyemwo+. 13  Ewe Yehova, nuhimbarwe no kundokora+.Ewe Yehova, nyaragasa untabare+. 14  Nibamaramare barye ivyatsi bose hamwe+,Abo barondera ubuzima bwanje ngo babuzimanganye+.Nibahindukire bateterwe, abo bahimbarwa n’ivyago vyanje+. 15  Nibarabe bumiwe kubera ibimaramare vyabo+,Abo bambwira ngo: “Ahaa! Ahaa+!” 16  Abo nibigine, banezerwe muri wewe+,Abo bose bakurondera+.Abo nibame bavuga bati: “Yehova nashimagizwe+,”Abo bakunda ubukiriro bwawe+. 17  Mugabo jewe ndi umurushwa n’umworo+.Yehova ubwiwe aranyitaho+.Uri umufasha wanje ukaba n’uwunkiza+.Ewe Mana yanje, ntutebe birenze+.

Utujambo tw'epfo