Zaburi 3:1-8
Agahibongozo ka Dawidi igihe yariko arahunga kubera Abusalomu umuhungu wiwe+.
3 Ewe Yehova, kubera iki abarwanizi banje babaye benshi+?Kubera iki benshi bahagurukira kundwanya+?
2 Benshi bamvugako ngo:“Nta bukiriro afise ku Mana+.” Sela*.
3 Ariko wewe ga Yehova, uri inkinzo inkikuje+,Ubuninahazwa bwanje+, n’Uwunduza umutwe+.
4 Nzotabaza Yehova ubwiwe n’ijwi ryanje,Na we azonyishura ari ku musozi wiwe mweranda+. Sela.
5 Nayo jewe, nzoryama kugira nsinzire;Sinzobura kwikangura, kuko Yehova ubwiwe aguma anshigikiye+.
6 Sinzotinya abantu ibihumbi mirongoBatondeye kundwanya irya n’ino+.
7 Haguruka+, Yehova we! Nkiza+, Mana yanje we+!Kuko uzokubita abansi banje bose ku mubangabanga+.Amenyo y’ababisha uzoyamena+.
8 Ubukiriro ni ubwa Yehova+.Umuhezagiro wawe uri ku bantu bawe+. Sela.
Utujambo tw'epfo
^ Raba Inyongera ya 21.