Zaburi 10:1-18
ל [Lamedi]
10 Kubera iki ga Yehova uguma uhagaze kure cane+?Kubera iki uguma winyegeje mu bihe vy’amarushwa+?
2 Mu bwibone bwiwe umubisha akurikirana umurushwa, yarakaye+;Bafatwa n’ivyiyumviro biyumviriye+.
3 Kuko umubisha yishemeje ku cipfuzo c’ubwikunzi c’umutima wiwe+,N’uwuronka inyungu y’umwina+ yihezagiye;נ [Nuni]Yagaye Yehova+.
4 Umubisha mu kwidundarika kwiwe ntarondera+;Ivyiyumviro vyiwe vyose ni: “Nta Mana iriho+.”
5 Inzira ziwe ziguma zitunganirwa igihe cose+.Ingingo zawe z’ubutungane* zirahanitse, ntazishikira+;Nayo abamwanka bose, abahemerako+.
6 Yavuze mu mutima wiwe ngo: “Sinzonyiganyizwa+;Uko iyaruka rikurikira irindi, ivyago nzobaza+.”
פ [Peʼ]
7 Akanwa kiwe kuzuye indahiro n’ubuhendanyi n’agahahazo+.Munsi y’ururimi rwiwe hari icago n’ibintu bibabaza+.
8 Yicara mu kibundo co mu mihana irundanye;Azokwica intungane avuye ahantu hihishije+.
ע [ʽAyini]Amaso yiwe aguma areretse umuntu yigorewe+.
9 Aguma abunze ahantu hihishije nk’intambwe mu kibundo cayo+.Aguma abunze+ ngo agire umurushwa atwara ku nguvu.Atwara nya murushwa ku nguvu igihe akweze urusenga rwiwe rukiyugara+.
10 Arafyonyorwa, akunama,Ingabo z’abajonjogoye zikabwirizwa kugwa mu vyara vyiwe bikomeye+.
11 Yavuze mu mutima wiwe+ ngo: “Imana yibagiye+.Yahishije mu maso hayo+.Emwe, ntizokwigera ibibona+.”
ק [Kofu]
12 Haguruka+, Yehova we! Ewe Mana, duza ukuboko kwawe+.Ntiwibagire abarushwa+.
13 Kubera iki umubisha yagaye Imana+?Yavuze mu mutima wiwe ngo: “Ntuzogira ico ubaza+.”
ר [Reshi]
14 Kuko ubwawe wabonye ivyago n’umwikomo.Uguma witegereza ngo ubizane bije mu kuboko kwawe+.Umuntu yigorewe+, mbere impfuvyi*, ni wewe yiragiza.Ni wewe wacitse umufasha wiwe+.
ש [Shini]
15 Vuna ukuboko kw’umubisha, kw’umubi+.Nurondere ububisha bwiwe gushika aho utaba ukibubona+.
16 Yehova ni Umwami gushika igihe kitagira urugero, mbere ibihe bidahera+.Amahanga yayogeye mw’isi yiwe+.
ת [Tau]
17 Icipfuzo c’abatekereza ntuzobura kucumva+, Yehova we!Uzotegura umutima wabo+.Uzokwumviriza n’ugutwi kwawe+,
18 Kugira ucire urubanza impfuvyi be n’uwajanjaguwe+,Ngo umuntu buntu kandi wo kw’isi ntiyongere kugira uwo ajugumiza+.