Yesaya 63:1-19
63 Ni nde uyo aje ava i Edomu+, uw’impuzu z’amabara abengagira aje ava i Bozira+, uyo ateye iteka mu vyambarwa vyiwe, agendera mu bwinshi bw’inkomezi ziwe?
“Ni jewe, Umwe avuga mu bugororotsi+, Umwe agwije inkomezi ku bwo gukiza+.”
2 Kubera iki ivyambarwa vyawe bitukura, impuzu zawe na zo zigasa n’iz’uwuganisha ibirenge mu ruganiro rw’umuvinyu+?
3 “Ubwato bw’umuvinyu nabuganishijemwo ibirenge jenyene+, ata n’umwe turi kumwe wo mu bisata vy’abantu. Nagumye ndabaganisha ibirenge mw’ishavu ryanje+, nguma ndabakandagira mu bushangashirwe bwanje+. Amaraso yabo ataruka yaguma atarukira ku mpuzu zanje+, kandi ivyambarwa vyanje vyose naravyanduje.
4 Kuko umusi w’ukwihora uri mu mutima wanje+, kandi umwaka w’abacunguwe banje waje.
5 Nagumye nitegereza, mugabo ntihagira uwumfasha; ndajorerwa, mugabo ntihagira uwunshigikira+. Nuko ukuboko kwanje kundonsa ubukiriro+, kandi ubushangashirwe+ bwanje ni bwo bwanshigikiye.
6 Nagumye nkandagira ibisata vy’abantu mw’ishavu ryanje, ndababoreza ubushangashirwe bwanje+, nsesa amaraso yabo yataruka+.”
7 Nzovuga ibikorwa vy’ubuntu bwuzuye urukundo vya Yehova+, amashemezo ya Yehova, nk’uko ivyo Yehova yatugiriye vyose biri+, egome, ukumera neza kwinshi yagiriye inzu ya Isirayeli+, ukwo yabagiriye nk’uko imbabazi ziwe ziri+, nk’uko kandi ibikorwa vyiwe vyinshi vy’ubuntu bwuzuye urukundo biri.
8 Yavuze kandi ati: “Ni ukuri, ni abantu banje+, abana batazohemuka+.” Ni co gituma ari bo yabereye Umukiza+.
9 Mu marushwa yabo yose, vyaramuteye amarushwa+. Kandi intumwa yiwe bwite yarabakijije+. Mu rukundo rwiwe no mu mpuhwe ziwe, we ubwiwe yarabacunguye+, araheza abashira hejuru yongera arabaterura imisi yose ya kera+.
10 Mugabo bo baragararije+, bababaza impwemu nyeranda yiwe+. Yaciye ahinduka umwansi+ wabo, we ubwiwe arabarwanya+.
11 Maze batangura kwibuka imisi ya kera, na Musa umusavyi wiwe, ngo: “Ari hehe Umwe yabadugana abakuye mu kiyaga+ hamwe n’abungere b’umukuku wiwe+? Ari hehe Umwe yamushiramwo impwemu nyeranda yiwe+?
12 Ari hehe Umwe yatuma ukuboko kwiwe kwiza+ kugendera iburyo bwa Musa; Umwe yasatura amazi imbere yabo+ kugira ngo yiheshe izina ryamaho igihe kitagira urugero+;
13 Umwe yabacisha mu mazi asuriranya, ku buryo badatsitara, nka kurya kw’ifarasi mu gahinga+?
14 Nka kurya igikoko kimanuka mu kiyaya c’umubande, impwemu ya Yehova yaciye ituma baruhuka+.”
Ukwo ni ko wayoboye abantu bawe kugira ngo wiheshe izina ryiza+.
15 Niwitegereze uri mw’ijuru+, urabe uri ahantu hakirurutse uba h’ubweranda n’ubwiza+. Mbega umwete wawe+ n’ubushobozi bwawe bwuzuye, ukudobangana kw’amara yawe+ be n’imbabazi+ zawe, biri hehe? Vyanse kuza iyo ndi+.
16 Kuko uri Data+; naho Aburahamu yoba atatumenye, na Isirayeli ntatwemere, wewe, ewe Yehova, uri Data. Umucunguzi wacu wo kuva kera, ni ryo zina ryawe+.
17 Kubera iki ga Yehova, uguma utwangariza kure y’inzira zawe? Kubera iki ukomantaza umutima wacu ngo ntugutinye+? Nugaruke ku bw’abasavyi bawe, ku bw’imiryango y’intoranwa yawe+.
18 Igisata cawe ceranda+ camaze akanya gatoyi gusa kihagaba. Abarwanizi bacu barahonyanze aheranda hawe+.
19 Haheze igihe kirekire ducitse nk’abo utaganje, nk’abatitiriwe izina ryawe+.