Yesaya 17:1-14

17  Ijambo ryamenyeshejwe kuri Damasiko+: “Raba! Damasiko yakuweho, ntikiri igisagara; icitse ikirundo, umusaka uhomvagurika+.  Ibisagara vya Aroweri+ vyahebwe bicitse ibibanza vy’amasho, aho yivyagirira, ata n’umwe ayajugumiza+.  Igisagara gikingijwe ibihome cakuweho muri Efurayimu+, n’ubwami burakurwaho muri Damasiko+; kandi ab’i Siriya basigaye bazocika nk’ubuninahazwa bwa bene Isirayeli,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze+.  “Kandi uku ni ko bitegerezwa kuba kuri uwo musi: ubuninahazwa bwa Yakobo buzoja hasi+, mbere n’ukunura kw’umubiri wiwe kuzonamba+.  Kandi uku ni ko bitegerezwa kuba: igihe umwimbuzi azoba ariko aregeranya intete zihagaze, n’ukuboko kwiwe kukimbura amahundo y’intete+, azocika nk’uwutorora* amahundo y’intete mu kiyaya co hasi ca Refayimu+.  Kandi muri we hazosigara itorora nk’igihe bakubita igiti c’umwelayo: imyelayo ibiri canke itatu ihiye mw’isonga ry’ishami; ine canke itanu ku mashami yaho yama ivyamwa,” ni ko Yehova Imana ya Isirayeli avuze+.  Kuri uwo musi umuntu yakuwe mw’ivu azorangamiza ngo arabe Umuhinguzi wiwe, n’amaso yiwe ahange wa Mweranda wa Isirayeli+.  Ntazoraba ibicaniro+, igikorwa c’amaboko yiwe+; kandi ntazohanga ico intoke ziwe zakoze, vyaba ibikingi vyeranda canke ibishirwako imibavu+.  Kuri uwo musi ibisagara vyiwe vy’iboma bizocika nk’ikibanza gihebewe mw’ishamba buhere, mbere nk’ishami bahevye buhere kubera bene Isirayeli; kandi hategerezwa gucika igiharabuga+. 10  Kuko wibagiye+ Imana y’ubukiriro bwawe+; kandi ntiwibutse ca Gitandara+ c’iboma ryawe. Ni co gituma utera ibitâra bihimbaye, ukahashira umuvyaro w’umuntu w’ahandi. 11  Ku murango ushobora kuzitira neza igitâra cawe, mu gitondo na ho ugashobora gutuma imbuto yawe inaga, mugabo iyimbura ntirizobura guhunga ku musi w’indwara n’ububabare budakira+. 12  Ewe ntureka iraho y’ibisata vyinshi vy’abantu bisebagirika n’ugusebagirika nk’ukw’ibiyaga! Ewe rwamo rw’imiryango y’amahanga ahinda nk’urwamo rw’amazi akomeye+! 13  Imiryango y’amahanga+ izohinda nk’urwamo rw’amazi menshi. Azobihambarira koko+, kandi bizotegerezwa guhungira kure, bihindwe nk’umuguruka wo ku misozi imbere y’umuyaga, nk’agashururu k’ibitovu imbere y’umuyaga w’ikirura+. 14  Ku mugoroba, erega, ehe hari ibica ivutu bukwi na bukwi. Imbere y’igitondo—nta bikihari+. Uwo ni wo muturi w’abatwambura, n’umugabane w’abadusahura+.

Utujambo tw'epfo

Raba Inyongera ya 21.