Yeremiya 39:1-18
39 Mu mwaka ugira icenda wa Zedekiya umwami wa Yuda, mu kwezi kugira cumi+, Nebukadirezari umwami wa Babiloni n’inteko za gisirikare ziwe zose baza i Yeruzalemu maze batangura kuhasugereza+.
2 Mu mwaka ugira cumi na rimwe wa Zedekiya, mu kwezi kugira kane, ku musi ugira icenda w’ukwo kwezi, baca igihengeri mu mpome z’igisagara+.
3 Nuko abaganwa bose b’umwami wa Babiloni barinjira, bicara mw’Irembo ryo Hagati+, ari bo Nerigali-sharezeri, Samugari-nebo, Sarisekimu, Rabusarisi*, Nerigali-sharezeri Rabumagi* n’abaganwa bose b’umwami wa Babiloni basigaye.
4 Zedekiya umwami wa Yuda n’abarwanyi bose ngo bababone, baca barahunga+, basohoka igisagara mw’ijoro baciye mu nzira y’umurima w’umwami+, baciye mw’irembo riri hagati y’uruhome rugizwe na zibiri; baguma basohoka baciye mu nzira ya Araba+.
5 Mugabo inteko za gisirikare z’Abakaludaya zitangura kuboma inyuma+, zihambiriza Zedekiya mu biyaya vy’ubugaragwa vy’i Yeriko+. Maze baramufata bamuduganira Nebukadirezari umwami wa Babiloni i Ribula+ mu gihugu ca Hamati+, kugira ngo amucire urubanza+.
6 Nuko umwami wa Babiloni atangura kwicira+ abahungu ba Zedekiya i Ribula mu maso yiwe+, kandi umwami wa Babiloni yica n’abanyacubahiro bose ba Yuda+.
7 Ahumisha amaso ya Zedekiya+, hanyuma amubohesha amapingu y’umujumpu, kugira ngo amujane i Babiloni.
8 Kandi Abakaludaya baturiza umuriro inzu y’umwami n’amazu y’abantu+ bongera basiturira hasi impome za Yeruzalemu+.
9 Amasigarira y’abantu bari basigaye mu gisagara, n’abari bataye bakomoka bakishikana kuri we, n’amasigarira y’abantu bari basigaye, Nebuzaradani+ umukuru w’abacungera ubuzima+ abajana mu bunyagano i Babiloni+.
10 Mugabo bamwe mu bantu, abantu batobato ata co bari bafise, Nebuzaradani umukuru w’abacungera ubuzima abarekera mu gihugu ca Yuda+; uwo musi atangura kubaha imirima y’imizabibu n’ibikorwa vy’agahato+.
11 Vyongeye, Nebukadirezari umwami wa Babiloni atanga itegeko ku bijanye na Yeremiya biciye kuri Nebuzaradani umukuru w’abacungera ubuzima ati:
12 “Mutore, umugumizeko amaso, kandi ntihagire ikintu kibi umugirira+. Mugabo uko azokubwira abe ari ko uzomugirira+.”
13 Nuko Nebuzaradani+ umukuru w’abacungera ubuzima, na Nebushazibani Rabusarisi, na Nerigali-sharezeri Rabumagi n’abantu bakurubakuru bose b’umwami wa Babiloni batuma intumwa;
14 egome, batuma gutora Yeremiya mu Kigo c’Abarinzi+ maze bamushikiriza Gedaliya+ mwene Ahikamu+, Ahikamu mwene Shafani+, kugira ngo amujane mu nzu yiwe, kugira abe hagati mu bantu.
15 Nuko ijambo rya Yehova riza kuri Yeremiya igihe yari apfungiwe mu Kigo c’Abarinzi+, riti:
16 “Genda ubwire Ebedi-meleki+ Umunyetiyopiya uti: ‘Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo, Imana ya Isirayeli, avuze: “Ehe ngira nshitse kuri iki gisagara amajambo yanje kugira ndagiteze ivyago atari ukugira ngo ndakigirire neza+, kandi azorangukira imbere yawe kuri uwo musi+.”’
17 “‘Kandi nzokurokora kuri uwo musi+,’ ni ko Yehova avuze, ‘ntuzotangwa mu kuboko kw’abagabo utinya+.’
18 “‘Kuko nzogukiza ata kabuza, ntuzogwishwa n’inkota; ntuzobura kunyaga amagara yawe+, kuko wanyizigiye+,’ ni ko Yehova avuze.”
Utujambo tw'epfo
^ Canke, “umukuru w’abakozi bo ku kirimba; umukuru w’abasuku.”
^ Canke, “umukuru w’abanyamageza (kamenyi; uwuragurira ku nyenyeri); umukuru w’abahambaye.”