Umusiguzi 1:1-18

1  Amajambo y’umukoranyashengero+, mwene Dawidi umwami i Yeruzalemu+.  “Ubusa buhebuje+!”, ni ko umukoranyashengero avuze, “ubusa buhebuje! Vyose ni ubusa+!”  Ni inyungu nki umuntu afise mu gikorwa ciwe c’ubutame cose akora+ agatama munsi y’izuba+?  Iyaruka rimwe riragenda+, irindi rikaza+; ariko isi igumaho gushika igihe kitagira urugero*+.  Izuba riraseruka, rikarenga+, hanyuma rikaza rihezagirika rigana ikibanza caryo, aho riza kwongera guserukira+.  Umuyaga uja mu bumanuko, ukazunguruka ugana mu buraruko+. Uguma uzunguruka wisubiriza+, ugasubira ku ngendo zawo z’ukuzunguruka+.  Inzuzi z’isumo zose zo mu rushana+ zija mu kiyaga+, yamara ikiyaga nticuzura+. Ahantu inzuzi z’isumo zo mu rushana zigenda zivuye, ni ho zisubira kugaruka kugira zongere zigende+.  Ibintu vyose biraruhisha+; nta n’umwe ashobora kubivuga. Ijisho ntirihaga kubona+, eka n’ugutwi ntikwuzuzwa no kwumva+.  Icabayeho, ni co kizobaho+; kandi icakozwe, ni co kizokorwa; nta gishasha rero kiriho munsi y’izuba+. 10  Mbega hariho ikintu umuntu yovugako ngo: “Raba iki ni gishasha”? Caramaze kubaho kuva igihe kitagira urugero+; icabayeho, cabayeho uhereye mu bihe vy’imbere yacu+. 11  Aba kera ntibacibukwa, mbere n’abazobaho mu nyuma ntibazokwibukwa+. Mbere na bo nyene ntibazokwibukwa n’abazobaho mu nyuma zaho+. 12  Jewe umukoranyashengero narabaye umwami aganza Isirayeli i Yeruzalemu+. 13  Kandi nashize umutima wanje ku kurondera no kugenzura ubukerebutsi+ mu bijanye n’ikintu cose cakozwe munsi y’amajuru, emwe, igikorwa c’ivyago Imana yahaye abana b’abantu ngo bakore+. 14  Narabonye ibikorwa vyose vyakorerwa munsi y’izuba+, nsanga vyose ni ubusa n’ukwiyahagura ukurikira umuyaga+. 15  Igihetamye ntigishobora kugororwa+, kandi ikibuze nticoshobora guharūrwa. 16  Jewe ubwanje nibwiye mu mutima+ wanje nti: “Raba! Jewe naragwije cane ubukerebutsi kuruta uwo ari we wese yabayeho imbere yanje i Yeruzalemu+, kandi umutima wanje warabonye ubukerebutsi bwinshi n’ubumenyi+ bwinshi.” 17  Nuko mpebera umutima wanje kumenya ubukerebutsi no kumenya ubusazi+, ndamenya ubupfu+, yuko ivyo na vyo nyene ari ukwiyahagura ukurikira umuyaga+. 18  Kuko mu murengera w’ubukerebutsi hari umurengera w’umwikomo+, ku buryo uwongereza ubumenyi aba yongereje umubabaro+.

Utujambo tw'epfo

Raba Inyongera ya 21.