Tito 2:1-15

2  Ariko weho, ugume uvuga ibintu bibereye inyigisho ngirakamaro+.  Abatama+ nibabe abatarenza urugero mu ngeso, badafyina+, baroranye mu muzirikanyi, bafise amagara meza mu kwizera+, mu rukundo, mu kwihangana+.  N’abatamakazi+ nyene bagire inyifato y’abantu batinya Imana, ntibabe abambika ibara abandi+ canke abaja b’umuvinyu mwinshi, babe abigisha b’ivyiza;  ngo bakebanure abagore bakiri bato bagarure ubwenge kugira bakunde abagabo babo+, bakunde abana babo+,  babe abaroranye mu muzirikanyi, abatanduye+, abitwararika ibikorwa vyo mu rugo, abameze neza, abayobokera+ abagabo babo bwite, kugira ngo ijambo ry’Imana ntiritukwe+.  Guma uhimiriza n’abasore nyene babe abaroranye mu muzirikanyi+,  muri vyose werekane ko uri akarorero k’ibikorwa vyiza+; werekane ko utagira amahinyu+ mu nyigisho yawe+, ko udafyina,  ko ufise imvugo imeze neza idashobora kugira ico igawa+; kugira ngo umuntu ari ku ruhande ruturwanya amaramare, atagira ikintu na kimwe c’agahomerabunwa atuvugako+.  Abashumba+ nibayobokere ba shebuja babo muri vyose+, kandi babashimishe rwose, batavuga ngo na bo bavuge+, 10  batiba+, ahubwo berekane ukudahemuka kwiza bimwe bishitse+, kugira ngo basharize inyigisho y’Umukiza wacu+, Imana, muri vyose. 11  Kuko bwa buntu ata wari abukwiriye+ bw’Imana buzanira ubukiriro+ abantu b’uburyo bwose+ bwerekanywe+, 12  bukatwigisha kwikunkumura ukutibanga Imana+ n’ivyipfuzo vy’isi+ no kubaho dufise ukurorana kw’umuzirikanyi n’ubugororotsi n’ukwihebera Imana+ muri iki gihe*+, 13  mu gihe turindiriye ca cizigiro c’ubuhirwe+ n’ukwigaragaza kuninahaye+ kwa ya Mana ikomeye n’ukw’Umukiza wacu Kristu Yezu, 14  uwitanze+ ku bwacu kugira aturokore+ mu bugarariji bw’uburyo bwose yongere yihumanurire+ igisata yiharije+, kigirira umwete ibikorwa vyiza+. 15  Guma uvuga ivyo bintu, uhimiriza, ukangira n’ububasha bwose bwo gutegeka+. Ntihagire umuntu n’umwe yigera agusuzugura+.

Utujambo tw'epfo

Raba Inyongera ya 21.