Ivyahishuwe 8:1-13

8  Amatuye+ agashashara kagira indwi+, haba agacerere mw’ijuru nk’igice c’isaha.  Maze mbona ba bamarayika indwi+ bahagaze imbere y’Imana, hanyuma bahabwa inzumbete indwi.  Hanyuma uwundi mumarayika arashika ahagarara imbere y’igicaniro+, afise icotezo c’imibavu c’inzahabu; ahabwa imibavu+ myinshi kugira ngo ayishikane iri kumwe n’amasengesho y’aberanda bose ku gicaniro c’inzahabu cari imbere ya ya ntebe y’ubwami.  Maze umwotsi wa nya mibavu uraduga imbere y’Imana uvuye mu kuboko kwa wa mumarayika uri kumwe n’amasengesho+ y’aberanda.  Mugabo buno nyene nya mumarayika atora ca cotezo c’imibavu, acuzuza umuriro+ arahuye ku wo ku gicaniro hanyuma akiraririza kw’isi+. Haba imituragaro+ n’amajwi n’imiravyo+ be na nyamugigima+.  Maze ba bamarayika indwi bafise za nzumbete+ indwi+ bitegurira kuzivuza.  Uwa mbere avuza urumbete rwiwe. Haca haba urubura n’umuriro+ uvanze n’amaraso, hanyuma biraririzwa kw’isi; ica gatatu c’isi kiraturirwa+, n’ica gatatu c’ibiti kiraturirwa, n’ivyatsi bitoto+ vyose biraturirwa.  Umumarayika agira kabiri na we avuza urumbete rwiwe. Maze ikintu kimeze nk’umusozi+ munini waka umuriro kiraririzwa mu kiyaga+. Ica gatatu c’ikiyaga gica gihinduka amaraso+;  kandi ica gatatu c’ibiremwa biri mu kiyaga bifise ubuzima kirapfa+, n’ica gatatu c’amato kirasaba. 10  Umumarayika agira gatatu na we avuza urumbete rwiwe. Maze ikinyenyeri kinini caka nk’itara gikoroka kivuye mw’ijuru+, kigwa ku ca gatatu c’inzuzi no ku masôko y’amazi+. 11  Kandi izina ry’ico kinyenyeri ni Bamba. Ica gatatu ca nya mazi gica gihinduka ibamba, benshi mu bantu na bo bicwa n’ayo mazi, kuko yari yacitse umururazi+. 12  Umumarayika agira kane na we avuza urumbete rwiwe. Maze ica gatatu c’izuba kirakubitwa, n’ica gatatu c’ukwezi n’ica gatatu c’inyenyeri, kugira ngo ica gatatu cavyo gicure umwiza+, n’umurango ntugire umuco mu ca gatatu+ cawo, n’ijoro ukwo nyene. 13  Hanyuma ndabona, maze numva inkona+ iguruka hagati mu kirere+ ivuga n’ijwi rirenga iti: “Amagorwa, amagorwa, amagorwa+ ku baba kw’isi kubera ukuvuza inzumbete gusigaye kw’abamarayika batatu bagira bavuze inzumbete zabo+!”

Utujambo tw'epfo