Ivyahishuwe 22:1-21
22 Maze anyereka uruzi rw’amazi y’ubuzima+, rurongorotse nk’ibuye ryitwa kirisitalo, rutemba ruva ku ntebe y’ubwami y’Imana no ku ya wa Mwagazi w’intama+
2 rumanuka hagati mu nzira yagutse ya nya gisagara. Kandi hakuno y’urwo ruzi no hakurya hari ibiti+ vy’ubuzima vyera incuro cumi na zibiri mu mwaka, bikama ivyamwa vyavyo buri kwezi+. Amababi ya nya biti na yo yari ayo kuvūra amahanga+.
3 Kandi ntihazokwongera kubaho umuvumo n’umwe+. Mugabo ya ntebe y’ubwami y’Imana+ be n’iya wa Mwagazi w’intama+ bizoba muri nya gisagara, kandi abashumba bayo bazoyikorera igikorwa ceranda+;
4 bazobona mu maso hayo+, kandi izina ryayo rizoba ku ruhanga rwabo+.
5 Vyongeye, ijoro ntirizokwongera kubaho+, kandi ntibazokenera umuco w’itara canke ngo bagire umuco w’izuba, kuko Yehova Imana azorasira umuco+ kuri bo, kandi bazoganza ibihe bitazoshira+.
6 Maze ambwira ati: “Aya majambo ni ayo kwizigirwa kandi ni ay’ukuri+; egome, Yehova we Mana y’amajambo yahumetswe+ y’abahanuzi+ ni we yatumye umumarayika wiwe ngo yereke abashumba biwe ibintu bitegerezwa kuba vuba+.
7 Kandi ehe ndaje ningoga+. Hahiriwe uwo wese yubahiriza amajambo y’ubuhanuzi bwo muri uyu muzingo+.”
8 Erega, jewe Yohani ni je nariko numva nongera mbona ivyo bintu. Kandi aho mariye kwumva no kubona, nikubita hasi ngo nsenge+ imbere y’ibirenge vya nya mumarayika yariko aranyereka ivyo bintu.
9 Mugabo ambwira ati: “Uragaba! Ntugire ivyo! Nta kindi ndi atari umushumba mugenzawe n’uwa bene wanyu b’abahanuzi+ be n’uw’abubahiriza amajambo y’uyu muzingo. Senga Imana+.”
10 Ambwira kandi ati: “Ntubike amajambo y’ubuhanuzi y’uyu muzingo nk’ayadomweko ikidodo, kuko igihe cashinzwe kiri hafi+.
11 Uwuriko arakora ibitagororotse, nabandanye gukora ibitagororotse+; n’uwucafuye nabandanye gucafura+; mugabo umugororotsi+ nabandanye gukora ibigororotse, n’umweranda nabandanye kugirwa mweranda+.
12 “‘Ehe ndaje ningoga+, kandi impembo+ ntanga nje ndayifise, kugira nishure umwe wese nisunze igikorwa ciwe+.
13 Ndi Alufa na Omega+, uwa mbere n’uwa nyuma+, intango n’iherezo.
14 Hahiriwe abamesura amakanzu yabo+, kugira baronke uburenganzira bwo kuja kuri vya biti vy’ubuzima+, no kugira bashobore kwinjira muri ca gisagara baciye mu marembo yaco+.
15 Hanze hari imbwa+ n’abakora ivy’ubupfumu+ n’abasambanyi+ n’abicanyi n’abasenga ibigirwamana, n’umuntu wese akunda kandi ashishikara ikinyoma+.’
16 “‘Jewe Yezu, narungitse umumarayika wanje kubashingira intahe y’ivyo bintu ku bw’amashengero. Ni jewe muzi+ n’uruvyaro+ rwa Dawidi, nkaba n’inyenyeri y’agatondo yakaka+.’”
17 Kandi impwemu+ na wa mugeni+ biguma bivuga biti: “Ingo!” Kandi uwo wese yumva navuge ati: “Ingo+!” Kandi uwo wese anyotewe naze+; uwo wese ashaka niyakire amazi y’ubuzima ku buntu+.
18 “Ndashingiye intahe umuntu wese yumva amajambo y’ubuhanuzi bwo muri uyu muzingo: Nihagira uwugira ico yongeyeko+ kuri ibi bintu, Imana izomwongera ivyago+ vyanditswe muri uyu muzingo;
19 kandi nihagira uwugira ico akuyeko ku majambo y’umuzingo w’ubu buhanuzi, Imana izokuraho umugabane wiwe muri vya biti vy’ubuzima+ iwukure no muri ca gisagara ceranda+, bikaba ari ibintu vyanditswe muri uyu muzingo.
20 “Uwushinga intahe y’ibi bintu avuga ati: ‘Egome; ndaje ningoga+.’”
“Amen! Ingo, Mukama Yezu.”
21 Ubuntu ata wari abukwiriye bw’Umukama Yezu Kristu bubane n’aberanda+.