Imigani 24:1-34
24 Ntugirire agashari abantu babi+, kandi ntuhahamire kujana na bo+.
2 Kuko ubunyazi ari bwo umutima wabo uguma uzirikana, kandi ivyago ni vyo iminwa yabo iguma ivuga+.
3 Ubukerebutsi ni bwo bwubaka urugo+, kandi ugutahura ni kwo kurushimangira+.
4 Ubumenyi ni bwo butuma ivyumba vyuzura ibintu vyose vy’agaciro bizimvye kandi bihimbaye+.
5 Uwuri inkerebutsi mu gukoresha ubumenyi aba ari umugabo+, kandi umuntu w’ubumenyi ashimangira ububasha+.
6 Kuko uzorwana intambara yawe biciye ku buyobozi bw’ubuhanga+, kandi mu bajanama indiri hari ubukiriro+.
7 Ku gipfu ubukerebutsi nyakuri burahanitse cane+; ntikizoteranura akanwa mw’irembo.
8 Nayo uwutegura umugambi wo gukora ikibi, azokwitwa karuhariwe mu vyiyumviro bibi+.
9 Ubushirasoni bw’ubupfu ni igicumuro+, kandi umushinyaguzi ni ikintu giteye ishishi ku bantu+.
10 Woba wacitse intege ku musi w’amarushwa+? Inkomezi zawe zizoba nke.
11 Rokora abariko bajanwa ku rupfu; kandi abadandabagirana baja kwicwa, ese wobatangīra+!
12 Hamwe wovuga uti: “Erega ntitwari tubizi+,” mbega umwe agera imitima ubwiwe ntazobibona+? Kandi, mbega umwe akwihweza ntazobimenya+ akishura koko umuntu yakuwe mw’ivu nk’uko igikorwa ciwe kiri+?
13 Mwananje, rya ubuki, kuko ari bwiza; kandi ubuki bw’ikimamara busosa nibube mu magage yawe+.
14 Muri ubwo buryo nyene, numenye ubukerebutsi ku neza yawe+. Uburonse, kazoza rero uzoba ugafise, kandi icizigiro cawe ntikizorandurwa+.
15 Ntubundire ahantu umugororotsi aba, nk’umubisha+; ntunyage ahantu hiwe h’ukuruhukira+.
16 Kuko umugororotsi yoshobora kugwa mbere n’incuro indwi, kandi ntazobura guhaguruka+; mugabo ababisha bazotsitazwa n’ivyago+.
17 Umwansi wawe aguye, ntuhimbarwe; kandi atewe gutsitara, umutima wawe ntunezerwe+,
18 kugira ngo Yehova ntabibone, bikaba bibi mu maso yiwe, hanyuma akamukurako koko ishavu ryiwe+.
19 Nturungure kubera inkozi z’ikibi. Ntiwumvire agashari ababisha+.
20 Kuko ata kazoza kazohaba ku muntu mubi wese+; itara ry’ababisha rizozima+.
21 Mwananje, tinya Yehova be n’umwami+. Ntiwivange n’abashaka ihinduka+.
22 Kuko icago cabo kizokwaduka bukwi na bukwi+: mbega ni nde azi ivy’ukuzimangana kw’abashaka ihinduka+?
23 N’aya majambo nyene ni ayagenewe abantu b’inkerebutsi+: Kugira nkunzi mu rubanza si vyiza+.
24 Uwubwira umubisha ngo: “Uri umugororotsi+,” ibisata vy’abantu bizomuvuma, imiryango y’amahanga izomusiba.
25 Mugabo ku bamukangīra bizoba ibihimbaye+, kandi umuhezagiro w’iciza uzobazako+.
26 Uwishura adakikiriza azosoma iminwa+.
27 Tegura igikorwa cawe hanze, kandi ucitunganirize mu murima+. Mu nyuma wubake n’urugo rwawe.
28 Ntucike icabona cagiriza mugenzawe ata mvo+. Wohava rero uba igipfu kubera iminwa yawe+.
29 Ntuvuge ngo: “Nk’uko nyene yangiriye, ni ko ngiye kumugirira+. Nzokwishura umwe wese ibihuye n’uko akora+.”
30 Naciye iruhande y’umurima w’umuntu w’ikinebwe+ n’iruhande y’umurima w’imizabibu w’umuntu akenye umutima+.
31 Maze, ehe wose wari wamezemwo ivyatsi bibi+. Ibisuru vyari vyapfutse uburinganire bwawo, kandi uruhome rwawo rw’amabuye rwari rwasambuwe+.
32 Nuko nditegereza, jewe ubwanje; ndabishira ku mutima+; ndabona, ntora iyi ndero+:
33 Isinzirire itiro rikeyi, agatiro gakeyi, uzinge amaboko gatoyi wiryamire+,
34 maze ubworo bwawe ntibuzobura kuza nk’umwambuzi, ubukene bwawe na bwo nk’umuntu yitwaje ikirwanisho+.