Abalewi 10:1-20

10  Mu nyuma bene Aroni, Nadabu na Abihu+, batora umwe wese ikijamwo umuriro+ ciwe barabizana, babishiramwo umuriro, bashira n’imibavu+ kuri wo, batangura gushikanira imbere ya Yehova umuriro utemewe n’amategeko+, uwo atari yarabategetse.  Umuriro uca urasohoka uvuye imbere ya Yehova, urabayigiza+, bapfira imbere ya Yehova+.  Maze Musa abarira Aroni ati: “Ibi ni vyo Yehova avuze: ‘Mu bo hafi yanje+ ninēzwe+, kandi mu maso y’abantu bose nininahazwe+.’” Aroni na we aguma acereje.  Nuko Musa ahamagara Mishaheli na Elizafani, bene Uziyeli+, sewabo wa Aroni, ababwira ati: “Nimwegere, mutware bene wanyu mubakure imbere y’ahantu heranda, mubajane hanze y’ikambi+.”  Nuko baregera, babatwara bari mu makanzu yabo babajana hanze y’ikambi, nk’uko Musa yari yavuze.  Mu nyuma Musa abwira Aroni n’abandi bahungu biwe Eleyazari na Itamari, ati: “Ntimureke ngo imitwe yanyu igume idatunganijwe+, kandi ntimutabure impuzu zanyu, kugira ntimupfe no kugira ntarakarire ikoraniro ryose+. Mugabo bene wanyu b’inzu yose ya Isirayeli bazorira kubera uwo muriro Yehova yateje.  Kandi ntimusohoke ngo muve ku bwinjiriro bw’ihema ry’ihuriro, kugira ntimupfe+, kuko amavuta yo kurobanuza ya Yehova ari kuri mwebwe+.” Nuko bagira nk’uko ijambo rya Musa rivuze.  Yehova abarira Aroni ati:  “Ntunywe umuvinyu canke inzoga iboreza+, mwe n’abahungu bawe bari kumwe nawe, igihe mugira mwinjire mw’ihema ry’ihuriro, kugira ntimupfe. Ni icagezwe gushika igihe kitagira urugero ku mayaruka yanyu, 10  kugira mushobore gutandukanya ikintu ceranda n’icanduye, igihumanye n’ikidahumanye+, 11  no kugira mwigishe bene Isirayeli+ ingingo nyobozi zose Yehova yababwiye biciye kuri Musa.” 12  Maze Musa abarira Aroni na Eleyazari na Itamari, abahungu biwe bari basigaye, ati: “Tora rya shikanwa ry’intete+ ryasigara ku mashikanwa ya Yehova ashikanishwa umuriro, muririre hafi y’igicaniro ritarimwo umwambiro, kuko ari ikintu ceranda rwose+. 13  Kandi mutegerezwa kurirya muri ahantu heranda+, kuko ari ingaburo yawe n’ingaburo y’abahungu bawe ivuye ku mashikanwa ya Yehova ashikanishwa umuriro; kuko ukwo ari ko nategetswe. 14  Ya nkoro y’ishikanwa rizungagizwa+ be na kwa kuguru kw’umugabane mweranda+ muzobirira ahantu hadahumanye, wewe n’abahungu bawe n’abakobwa bawe bari kumwe nawe+, kuko vyatanzwe ngo bibe ingaburo yawe n’ingaburo y’abahungu bawe ivuye ku bimazi vy’ugusangira vya bene Isirayeli. 15  Bazozana kwa kuguru kw’umugabane mweranda, na ya nkoro y’ishikanwa rizungagizwa+, kumwe n’amashikanwa ashikanishwa umuriro ya vya bipande binuze, kugira bazungagize irya n’ino imbere ya Yehova ishikanwa rizungagizwa. Bitegerezwa kuba ingaburo+ gushika igihe kitagira urugero, kuri wewe no ku bahungu bawe bari kumwe nawe, nk’uko Yehova yategetse.” 16  Hanyuma Musa arondera hose ya mpene y’ishikanwa ry’igicumuro+, asanga yari yaturiwe irahera. Nuko arākarira Eleyazari na Itamari, bene Aroni bari basigaye, avuga ati: 17  “Kubera iki mutaririye rya shikanwa ry’igicumuro ahantu heranda+, kandi ari ikintu ceranda rwose, akaba yakibahaye ngo mwishure ikosa ry’ikoraniro kugira mubatangire impongano imbere ya Yehova+? 18  Raba! Amaraso yaryo ntiyazanywe ahantu heranda indani+. Mwabwirizwa kuba mwaririye nya shikanwa ahantu heranda, nk’uko nari nategetse+.” 19  Aroni aca abwira Musa ati: “Ehe uno musi bashikirije imbere ya Yehova+ ishikanwa ryabo ry’igicumuro n’ishikanwa ryabo riturirwa, none raba ivyatanguye kunshikira. Mbega iyo ndya ishikanwa ry’igicumuro uno musi, Yehova yari kubishima+?” 20  Musa ngo avyumve, arabishima.

Utujambo tw'epfo