Abafilipi 4:1-23
4 Nuko rero, bene wacu nkunda kandi nkumbuye, kanyamuneza kanje n’urugori rwanje+, muhagarare mushikamye+ gutyo mu Mukama, bakundwa.
2 Ndahimiriza Evodiya ngahimiriza na Sintike ngo biyumvire kumwe+ mu Mukama.
3 Egome, ndagusaba nawe nyene uwo dusangiye ingǒgo*+ w’ukuri, ugume usahiriza abo bagore bafatanije nanje+ kurwanira inkuru nziza, hamwe na Kelementi be n’abandi bakozi bagenzanje+, amazina yabo+ akaba ari mu gitabu c’ubuzima+.
4 Mwame munezerwa mu Mukama+. Ndongeye kubivuga: Nimunezerwe+!
5 Ukugira ibitegereka kwanyu+ kumenyekane ku bantu bose. Umukama ari hafi+.
6 Ntimwiganyire ku kintu na kimwe+, ahubwo muri vyose, mu gusenga no mu gutakamba+ hariko n’ugukenguruka, ivyo musaba bimenyeshwe Imana+;
7 maze amahoro+ y’Imana arengeye ukwiyumvira kwose azorinda imitima yanyu+ n’ububasha bwanyu bwo kwiyumvira biciye kuri Kristu Yezu.
8 Ubwa nyuma, bene wacu, ivy’ukuri vyose, ibihambaye vyose, ibigororotse vyose, ibitanduye vyose+, ivyo gukundwa vyose, ibivugwa neza vyose, nimba hari ingeso nziza zose be n’ikibereye gushimagizwa cose, bibe ari vyo mubandanya kwiyumvira+.
9 Ivyo mwize mukanavyemera, mukavyumva kandi mukabibona mu binyerekeye, bibe ari vyo muguma mukora+; ya Mana y’amahoro+ na yo izobana namwe.
10 Emwe, ndanezerwa rwose mu Mukama kubona ubu mugiye mwasubira kunyibuka+, ivyo mukaba mwahora vy’ukuri mubizirikana, mugabo mukabura akaryo.
11 Sindiko ndabivuga ndabitumwe n’ubukene, kuko nize kwikwira+, uko ivyanje biba vyifashe kwose.
12 Emwe, ndazi kugira bike+, nkamenya no kugira umurengera. Muri vyose, kandi uko ibintu biba vyifashe kwose, narize akabanga ko guhaga no gusonza, ko kugira umurengera no gukena+.
13 Muri vyose, ndonka inkomezi ndabikesheje umwe ampa ububasha+.
14 Yamara rero, mwagize neza mu kwifatanya+ nanje mu makuba yanje+.
15 Nkako, mwebwe Abafilipi murazi kandi yuko igihe inkuru nziza yatangura kumenyeshwa, hamwe nava i Makedoniya, ata shengero na rimwe ryifatanije nanje mu bijanye no gutanga be no guhabwa, atari mwebwe gusa+,
16 kubera ko n’i Tesalonika mwagize ico mundungikira rimwe, mugasubira n’ubwa kabiri, ku bw’ivyo nkenera.
17 Si uko ndiko ndonderana ubwira iyo ngabirano+, ahubwo ni uko ndonderana ubwira ivyamwa+ vyongereza ikigega canyu.
18 Ariko ndakwije muri vyose, nkagira n’umurengera. Ubu ndakwije, ko mpawe na Epafurodito+ ivyo mwarungitse bwa kamoto keza+, ikimazi cemerwa+, gihimbara Imana rwose.
19 Imana yanje+ na yo izobaronsa rwose ivyo mukeneye vyose+ ku rugero rw’ubutunzi bwayo+ bw’ubuninahazwa, biciye kuri Kristu Yezu.
20 Ubuninahazwa rero bube ubw’Imana yacu ari yo Data ibihe bitazoshira+. Amen.
21 Mundamukirize+ umweranda wese yunze ubumwe+ na Kristu Yezu. Abavukanyi bari kumwe nanje barabaramutsa.
22 Aberanda bose, ariko canecane abo mu rugo kwa Sezari, barabaramutsa+.
23 Ubuntu ata wari abukwiriye bw’Umukama Yezu Kristu bubane n’agatima mwerekana+.
Utujambo tw'epfo
^ Raba Inyongera ya 21.