Abacamanza 3:1-31
3 Aya rero ni yo mahanga+ Yehova yaretse akagumaho kugira ngo ayagezeshe+ Isirayeli, ni ukuvuga abo bose batari barabonye intambara n’imwe mu ntambara z’i Kanani+;
2 kwari ukugira gusa ngo amayaruka ya bene Isirayeli amenyere, kugira ngo yigishwe intambara, ni ukuvuga abatari barabonye mwene ivyo bintu imbere y’aho bonyene.
3 Ayo mahanga ni yo y’aya: Ba batware b’urunani batanu+ b’Abafilisitiya+, n’Abanyakanani+ bose, mbere n’Abanyasidoni+ n’Abahiwi+ baba ku musozi Libani+, guhera ku musozi Bayali-herumoni+ gushika ku bwinjiriro bwa Hamati+.
4 Aguma ari ibikoresho vyo kugezesha+ Isirayeli kugira ngo hamenyekane nimba bogamburutse amabwirizwa ya Yehova, ayo yari yarategetse ba se biciye kuri Musa+.
5 Nuko bene Isirayeli baba mu Banyakanani+, mu Baheti, mu Bamori, mu Baperizi, mu Bahiwi no mu Bayebusi+.
6 Batangura rero kwiyabirira abakobwa babo+, abakobwa babo bwite na bo babaha abahungu babo+, kandi batangura gukorera imana zabo+.
7 Bene Isirayeli rero bakora ivyari bibi mu maso ya Yehova, bibagira Yehova Imana yabo+ maze batangura gukorera za Bayali+ n’ibikingi vyeranda+.
8 Ishavu rya Yehova rica rirurumbira Isirayeli+, ku buryo abagurisha+ mu kuboko kwa Kushani-rishatayimu umwami wa Mezopotamiya+; bene Isirayeli babandanya gukorera Kushani-rishatayimu imyaka umunani.
9 Bene Isirayeli rero batangura gutabaza Yehova+. Maze Yehova ahagurukiriza umukiza+ bene Isirayeli kugira ngo abakize, ari we Otiniyeli+ mwene Kenazi+, mutoyi wa Kalebu+.
10 Impwemu+ ya Yehova rero iza kuri we, aba umucamanza wa Isirayeli. Asohotse mu rugamba, Yehova atanga rero Kushani-rishatayimu umwami wa Siriya mu kuboko kwiwe, ku buryo ukuboko kwiwe gutsinda+ Kushani-rishatayimu.
11 Inyuma y’ivyo, igihugu kimara imyaka mirongo ine ata kigihungabanya. Amaherezo Otiniyeli mwene Kenazi arapfa.
12 Maze bene Isirayeli bongera gukora ivyari bibi mu maso ya Yehova+. Yehova aca arareka Eguloni umwami wa Mowabu+ arakomera kuruta Isirayeli+, kubera yuko bakoze ivyari bibi mu maso ya Yehova+.
13 Vyongeye, akoranya bene Amoni+ na Amaleki+ ngo babarwanye. Maze baragenda, bakubita Isirayeli hanyuma bigarurira igisagara c’ibigazi+.
14 Bene Isirayeli babandanya gukorera Eguloni umwami wa Mowabu imyaka cumi n’umunani+.
15 Nuko bene Isirayeli batangura gutabaza Yehova+. Yehova rero abahagurukiriza umukiza, ari we Ehudi+ mwene Gera, Umubenyamini+, umugabo akoresha ibamfu+. Mu nyuma, bene Isirayeli barungikira ikibuguro Eguloni umwami wa Mowabu, bakirungikana uwo Ehudi.
16 Ico gihe Ehudi yicurira inkota; yari ifise ubugi bubiri+, uburebure bwayo bukaba bwari itambwe* rimwe. Maze ayikenyerera munsi y’impuzu yiwe, kw’itako+ ry’iburyo.
17 Nuko atangura gushikiriza nya kibuguro Eguloni umwami wa Mowabu+. Uwo Eguloni yari umugabo avyibushe cane.
18 Arangije gushikiriza nya kibuguro+, aca arungika abantu bari bazanye ico kibuguro.
19 Mugabo ubwiwe, ashitse ku macukuriro yari i Gilugali+, asubira inyuma maze avuga ati: “Ndagufitiye ijambo ry’akabanga, mwami.” Na we avuga ati: “Nimucereze!” Abari bahagaze iruhande yiwe bose baca barasohoka bava aho ari+.
20 Ehudi aza kuri we igihe yari yicaye mu cumba ciwe co hejuru gipfutse yari yiharije. Ehudi rero abandanya kuvuga ati: “Ndagufitiye ijambo ry’Imana.” Aca arahaguruka ava ku ntebe yiwe y’ubwami.
21 Maze Ehudi atuma ukuboko kwiwe kw’ukubamfu, akura ya nkota kw’itako ryiwe ry’iburyo, ayimwinjiza mu nda.
22 N’ikirindi kiguma cinjira gikurikira icuma c’inkota ku buryo ibinure bipfuka nya cuma, kuko atasokoye nya nkota mu nda yiwe; maze umwanda mukuru utangura gusohoka.
23 Ehudi arasohoka aciye mu mwenge w’akayaga, mugabo asiga yugaye imiryango y’icumba co hejuru, arayidadira.
24 Hanyuma we arasohoka+.
Nuko abasuku biwe baraza maze bararaba, basanga imiryango y’icumba co hejuru idadiye. Bavuga rero bati: “Ariko aritabara+ mu cumba gipfutse.”
25 Baguma barindiriye gushika aho bibatera isoni, maze ntihaboneka uwugurura imiryango y’icumba co hejuru. Baca bafata urupfunguruzo barayugurura, basanga umukama wabo arambaraye hasi yapfuye!
26 Ehudi we, yari yahunze mu gihe bari bagitebaganye, aca iruhande ya ya macukuriro+ maze ahungira i Seyira.
27 Ashitseyo, atangura kuvuza inzamba+ mu karere k’imisozi ka Efurayimu+; hanyuma bene Isirayeli batangura kumanukana na we bavuye muri nya karere k’imisozi, akaba yari abayoboye.
28 Maze ababwira ati: “Nimunkurikire+, kuko Yehova atanze abansi banyu, Abanyamowabu, mu kuboko kwanyu+.” Nuko baramukurikira hanyuma bafata ivyambu+ vya Yorodani kugira bazibire Abanyamowabu, ntibareka ngo hagire uwurengana.
29 Ico gihe batangura kwica Mowabu, bica nk’abagabo ibihumbi cumi+, bose bakaba bari ab’inguvu+ bakaba n’abagabo b’intwari; ntiharokoka n’umwe+.
30 Nuko kuri uwo musi Mowabu imarwa igabo munsi y’ukuboko kwa Isirayeli; igihugu kimara imyaka mirongo umunani kitongeye guhungabana+.
31 Inyuma ya Ehudi haza Shamugari+ mwene Anati; yica Abafilisitiya+, abagabo amajana atandatu, akoresheje umuhunda w’inka; na we nyene akiza Isirayeli+.
Utujambo tw'epfo
^ Hari abiyumvira ko “itambwe” rivugwa ng’aha ryari itambwe ritoya, ringana nka cm 38, upimye uhereye mu nkokora gushika ku tugufa tw’igipfunsi, aho intoke zitangurira.