Guharūra 36:1-13
36 Abakuru ba ba se b’umuryango wa bene Gileyadi mwene Makiri+, Makiri wa Manase, wo mu miryango ya bene Yozefu, begera hafi maze bavugira imbere ya Musa n’abakuru, abakuru ba ba se ba bene Isirayeli,
2 bati: “Yehova yategetse umukama wanje guha bene Isirayeli igihugu bwa ntoranwa biciye ku bupfindo+; kandi umukama wanje yategetswe na Yehova guha intoranwa ya Zelofehadi mwene wacu abakobwa biwe+.
3 Nihagira abo mu bahungu bo mu yindi miryango ya bene Isirayeli bababīra, intoranwa ya nya bagore izokurwa rero ku ntoranwa ya ba data yongerwe ku ntoranwa y’umuryango bazoba begukiye, ku buryo yoba ikuwe ku ntoranwa+ twaronse biciye ku bupfindo.
4 Maze nihaba Yubile+ ku bwa bene Isirayeli, intoranwa ya nya bagore izokwongerwa rero ku ntoranwa y’umuryango bazoba begukiye; ku buryo intoranwa yabo yoba ikuwe ku ntoranwa y’umuryango wa ba data.”
5 Musa ategeka rero bene Isirayeli abitegetswe na Yehova ati: “Umuryango wa bene Yozefu uvuga vyo.
6 Iri ni ryo jambo Yehova ategetse ku bijanye n’abakobwa ba Zelofehadi+, ati: ‘Bashobora kwabirwa n’uwo babona ko abereye mu maso yabo. Gusa baze babirwe mu nzu yo mu muryango wa ba se+.
7 Ntihaze hagire intoranwa ya bene Isirayeli iva mu muryango ngo ije mu wundi, kuko bene Isirayeli bakwiye kwumira umwe wese ku ntoranwa y’umuryango wa ba sekuruza.
8 Umukobwa wese aronse intoranwa mu miryango ya bene Isirayeli, aze yabirwe n’uwo mu nzu yo mu muryango wa se+, kugira ngo bene Isirayeli baronke umwe wese intoranwa ya ba sekuruza.
9 Ntihaze hagire intoranwa iva mu muryango umwe ngo ije mu wundi, kuko imiryango ya bene Isirayeli ikwiye kwumira umwe wose ku ntoranwa yawo bwite.’”
10 Abakobwa ba Zelofehadi bakora nk’uko Yehova yari yategetse Musa+.
11 Mahila na Tiruza na Hogula na Milika na Nowa, abakobwa ba Zelofehadi+, babirwa rero n’abahungu ba bene wabo na ba se.
12 Babirwa n’abo mu miryango ya bene Manase mwene Yozefu, kugira ngo intoranwa yabo igume mu muryango w’inzu ya se.
13 Ayo ni yo mabwirizwa+ n’ingingo z’ubutungane Yehova yategetse bene Isirayeli biciye kuri Musa, mu biyaya vy’ubugaragwa vy’i Mowabu, iruhande ya Yorodani aharabana n’i Yeriko+.