Guharūra 11:1-35
11 Nuko abantu bamera nk’abafise ikintu kibi bidogera mu matwi ya Yehova+. Yehova avyumvise, ishavu ryiwe rica rirarurumba, maze umuriro wa Yehova urabarurumbira, uyigiza bamwe ku mpera y’ikambi+.
2 Abantu batanguye kuririra Musa, uno atakambira Yehova+, maze nya muriro urazima.
3 Aho hantu rero bahita Tabera+, kuko umuriro wa Yehova wari wabarurumbiye.
4 Isinzi ry’ikivange+ ryari hagati muri bo riserura ivyipfuzo bikomeye vy’ubwikunzi+, eka na bene Isirayeli basubira kurira, bavuga bati: “Ni nde azoduha inyama turya+?
5 Ese ukuntu twibuka amafi twahora turya mu Misiri ata co dutanze+, amakonkombure n’amapasiteke n’ibitunguru vya pwaro n’ibitunguru vy’amagoma n’ibitungurusumu!
6 Mugabo ubu, ubuzima bwacu burumye. Nta kindi tuguma duhanze amaso atari manu*+.”
7 Iyo manu+ yari imeze nk’akabuto k’agati kitwa gadi+, kandi uko yasa, yasa nka budeliyo*+.
8 Abantu barasanzara, bakayinoba+ maze bakayisya ku nsyo z’amaboko canke bakayisekura mw’isekuro, hanyuma bakayiteka mu nkono+ canke bakayikoramwo udutsima tw’umuzingi; akanovera kayo kari kameze nk’akanovera k’agatsima gasosa karimwo amavuta+.
9 Igihe ikime caba kimanutse kw’ikambi mw’ijoro, na manu yaramanuka+.
10 Nuko Musa yumva abantu baririra mu miryāngo yabo, umuntu wese ku bwinjiriro bw’ihema ryiwe. Ishavu rya Yehova ritangura kururumba cane+, kandi biba bibi mu maso ya Musa+.
11 Maze Musa abwira Yehova ati: “Kubera iki wakwegeye ikibi umusavyi wawe, kandi kubera iki ntagize ubutoni mu maso yawe, ukandemeka umutwaro w’aba bantu bose+?
12 Mbega ni jewe nasamye inda y’aba bantu bose? Mbega ni jewe nabibarutse, aho umbwira ngo: ‘Batware mu gikiriza cawe+, nk’uko umurezi w’umugabo atwara umwana yonka+,’ ubajane ku butaka warahiye ba sekuruza babo+?
13 Mbega nzokura hehe inyama zo guha aba bantu bose? Kuko baguma bandirira, ngo: ‘Duhe inyama twirire!’
14 Sinshoboye jewe jenyene kwikorera aba bantu bose, kuko uburemere bwabo bundengeye+.
15 Nimba rero ukwo ari ko uriko urangirira, ndakwinginze unyice bihere biheze+, nimba nagize ubutoni mu maso yawe, noye kwitegereza ivyago vyanje.”
16 Yehova na we abwira Musa ati: “Nkoraniriza abagabo mirongo irindwi mu bagabo b’inararibonye ba Isirayeli+, abo uzi ko ari abagabo b’inararibonye b’ico gisata n’abarongozi muri co+, ubajane kw’ihema ry’ihuriro, bahagararane nawe ng’aho.
17 Nanje ndaza kumanuka+, mvuganire nawe ng’aho+; kandi ndaza gukura nkeyi ku mpwemu+ iri kuri wewe ndayishire kuri bo, na bo bazogufasha kwikorera umutwaro w’abo bantu kugira ngo ntuwikorere wenyene+.
18 Abantu na bo ubabwire uti: ‘Nimwiyeze ku bw’ejo+, kuko muzorya inyama ata gukeka, kubera ko mwaririye mu matwi ya Yehova+ muvuga ngo: “Ni nde azoduha inyama turya, ko twari tumerewe neza mu Misiri+?” Emwe, Yehova azobaha inyama, kandi muzozirya koko+.
19 Muzozirya, atari umusi umwe canke imisi ibiri canke imisi itanu canke imisi cumi canke imisi mirongo ibiri,
20 mugabo muzozirya ukwezi kwose, gushika zibace mu mazuru, zisigare ari ikintu kibashisha+, kuko mwataye Yehova ari hagati yanyu, mukaririra imbere yiwe muvuga ngo: “Kubera iki none twavuye mu Misiri+ ? ”’”
21 Maze Musa avuga ati: “Abantu ndi hagati ni abagabo ibihumbi amajana atandatu+ bari ku maguru, yamara wewe uvuze uti: ‘Nzobaha inyama, bazirye ukwezi kwose’!
22 Mbega bazobagirwa imikuku n’amasho kugira bakwirwe+? Canke bazofatirwa amafi yose yo mu kiyaga kugira bakwirwe?”
23 Ariko Yehova abwira Musa ati: “Mbega ukuboko kwa Yehova ni kugufi+? Ubu ugira ubone ko ivyo mvuga bigushikira canke bitagushikira+.”
24 Musa aca arasohoka, abwira abantu amajambo ya Yehova. Maze akoranya abagabo mirongo irindwi mu bagabo b’inararibonye b’ico gisata, abahagarika irya n’ino y’ihema+.
25 Yehova amanuka rero mu gicu+ hanyuma avugana na we+, maze akura nkeyi ku mpwemu+ yari kuri we, ayishira kuri umwe wese muri abo bagabo b’inararibonye mirongo irindwi. Impwemu ikimara kuja kuri bo, baca batangura gukora bwa bahanuzi; mugabo ntibongeye kubigira+.
26 Buno hari babiri bo muri nya bagabo bari basigaye mw’ikambi. Umwe yitwa Eludadi, uwundi na we Medadi. Nuko impwemu ija kuri bo, kuko bari mu banditswe, mugabo ntibari basohotse ngo baje kw’ihema. Batangura rero gukora bwa bahanuzi mw’ikambi.
27 Nuko umusore umwe yiruka kumenyesha Musa ati: “Eludadi na Medadi bariko bakora bwa bahanuzi mw’ikambi!”
28 Maze Yosuwa mwene Nuni, uwabaye umusuku+ wa Musa kuva mu busore bwiwe, yishura ati: “Mukama wanje Musa, babuze+!”
29 Ariko Musa amubwira ati: “Mbega uriko ugira ishari ku bwanje? Oya, icompa abantu ba Yehova bose bakaba abahanuzi, kuko Yehova yoshira impwemu yiwe kuri bo+!”
30 Mu nyuma Musa ava ng’aho, aja mw’ikambi, we na ba bagabo b’inararibonye ba Isirayeli.
31 Nuko haduka umuyaga+ uvuye kuri Yehova maze utangura gukura inkware ku kiyaga+ uzigwisha hejuru y’ikambi, zishika nk’ahareha n’urugendo rw’umusi umwe hino no hirya, zikikuza ikambi hose, ku burebure bw’amatambwe* abiri hejuru y’uburinganire bw’isi.
32 Maze abantu barahaguruka uwo musi wose n’ijoro ryose n’umusi ukurikira wose, baguma begeranya inkware. Uwegeranije nkeyi yegeranije ingero cumi za homeri+; baguma bazisanza hose irya n’ino y’ikambi.
33 Izo nyama zikibari mu menyo+, batarazihekenya, ishavu rya Yehova rica rirurumbira+ abantu, Yehova atangura gusasika abantu, inganda ziratikira bimwe bikomeye+.
34 Aho hantu bahita Kiburoti-hatayava+, kuko bahahamvye abantu berekanye icipfuzo gikaze c’ubwikunzi+.
35 Abantu bava i Kiburoti-hatayava bagenda i Hazeroti, maze baguma i Hazeroti+.
Utujambo tw'epfo
^ Raba Inyongera ya 21.
^ Budeliyo ni ibirirarira bifatafata bimota neza biva ku biti bimwebimwe.
^ Ni amatambwe y’ukuboko uciriye mu nkokora. Itambwe rimwe ni nka cm 44,5.