2 Petero 3:1-18

3  Bakundwa, iri rero ni ikete rigira kabiri ndabandikiye, muri ryo, cokimwe no mw’ikete ryanje rya mbere+, nkaba ndiko nkangura ubushobozi bwanyu bwo kwiyumvira butomoye mu kubibutsa+,  kugira ngo mwibuke amajambo yavuzwe kera n’abahanuzi beranda+ na rya bwirizwa ry’Umukama akaba n’Umukiza, iryashikirijwe biciye ku ntumwa zanyu+.  Kuko ubwa mbere muzi ibi: yuko mu misi ya nyuma+ hazoza abashinyaguzi+ n’agashinyaguro kabo, bagenda bisunga ivyipfuzo vyabo bwite+  bavuga+ ngo: “Ukwo kuhaba kwiwe kwasezeranywe kuri hehe+? Erega, kuva umusi ba sogokuruza bacu basinzira mu rupfu, ibintu vyose bibandanya neza na neza nko kuva mu ntango y’irema+.”  Kuko, nk’uko icipfuzo cabo kiri, iki kintu kirabasoba: yuko kuva kera hariho amajuru+ n’isi ihagaze itsindagiye, hejuru y’amazi+, no hagati mu mazi+, biciye kw’ijambo ry’Imana;  kandi biciye kuri ubwo buryo isi y’ico gihe yaratikijwe igihe yarengerwa n’amazi y’umwuzure+.  Mugabo biciye kuri iryo jambo nyene amajuru+ n’isi+ biriho ubu birundanirijwe umuriro+, kandi bibitswe ku bw’umusi w’urubanza+ n’ugutikizwa kw’abantu batibanga Imana+.  Ariko iki kintu kimwe ntikibasobe, bakundwa: yuko umusi umwe kuri Yehova ari nk’imyaka igihumbi, n’imyaka igihumbi nk’umusi umwe+.  Yehova ntatevye ku bijanye n’umuhango wiwe+, nk’uko bamwe babona uguteba, ahubwo yihanganiye mwebwe kuko adashaka yuko hagira n’umwe arandurwa, ahubwo ashaka ko bose bashika ku kwigaya+. 10  Yamara umusi wa Yehova+ uzoza nk’igisuma+, aho amajuru azovaho+ mu kwasana gukomeye+, mugabo ibintu bikazoyagishwa n’ugushuha gukaze+, n’isi+ n’ibikorwa biri muri yo bikazoshirwa ku mugaragaro+. 11  Ko ivyo bintu vyose bibwirizwa gushonga gutyo, mubwirizwa kuba abantu bameze gute mu bikorwa vy’ingeso nyeranda be n’ibikorwa vy’ukwihebera Imana, 12  murorera+ kandi mwamiza hafi ku muzirikanyi ukuhaba kw’umusi wa Yehova+, kubera wo amajuru akazoyagishwa n’ugusha+, n’ibintu bikazoshongeshwa n’ugushuha gukaze! 13  Mugabo, nk’uko yabisezeranye, turorereye amajuru mashasha+ n’isi nshasha+, kandi aho ni ho ubugororotsi buzoba+. 14  Ku bw’ivyo, bakundwa, ko murorereye ivyo bintu, mukore uko mushoboye kwose ngo impera n’imperuka aze abasange mutagirako agatosi+, mutagirako ikirabagu, muri mu mahoro+. 15  Ikigeretseko, nimubone ukwihangana kw’Umukama wacu nk’ubukiriro, nk’uko mwene wacu mukundwa Paulo na we yabibandikiye+ nk’uko ubukerebutsi+ yahawe buri, 16  akavuga ivy’ivyo bintu nk’uko kandi agira mu makete yiwe yose. Ariko muri yo, harimwo ibintu bimwebimwe bigoye gutegera, ivyo abatigishijwe kandi badashikamye bagoramika, nk’uko bagira n’ibindi Vyanditswe+, bikabaviramwo ugutikizwa kwabo bwite. 17  Mwebwe rero bakundwa, ko ivyo musanzwe mubizi+, mwiyubare ntimutwarwe hamwe na bo biciye ku buzimire bw’abantu batibanga amategeko mugata ugushikama kwanyu bwite+. 18  Oya, ahubwo mubandanye gukura mu buntu ata wari abukwiriye no mu bumenyi bwerekeye Umukama wacu akaba n’Umukiza Yezu Kristu+. Ubuninahazwa bube ubwiwe ubu no gushika ku musi w’ibihe bidahera+.

Utujambo tw'epfo