2 Ngoma 26:1-23

26  Maze abantu bose+ bo muri Yuda batora Uziya+, uno akaba yari afise imyaka cumi n’itandatu, bamugira+ umwami mu kibanza ca se Amaziya+.  Ni we yasubiye kwubaka Eloti+ maze ayisubiza kuri Yuda inyuma y’aho umwami amariye kuryama hamwe na ba sekuruza biwe+.  Uziya+ yari afise imyaka cumi n’itandatu igihe yatangura kuganza, maze amara imyaka mirongo itanu n’ibiri aganza i Yeruzalemu. Nyina yitwa Yekoliya+ w’i Yeruzalemu.  Aguma akora ivyari bigororotse mu maso ya Yehova+, yisunze ivyo Amaziya se wiwe yari yarakoze vyose+.  Aguma yihatira kurondera+ Imana mu misi ya Zekariya, uwigisha ugutinya Imana y’ukuri+; kandi, mu misi yarondeye Yehova, Imana y’ukuri imuha gutunganirwa+.  Nuko asohoka kurwanya Abafilisitiya+ maze aca igihengeri mu ruhome rw’i Gati+ no mu ruhome rw’i Yabune+ no mu ruhome rw’i Ashidodi+, hanyuma yubaka ibisagara mu karere ka Ashidodi+ no mu Bafilisitiya.  Imana y’ukuri ibandanya kumufasha+ kurwanya Abafilisitiya, n’Abarabu+ baba i Guribayali, n’Abamewunimu+.  Abamoni+ batangura guha ikibuguro+ Uziya. Amaherezo ukuba rurangiranwa kwiwe+ kuragenda gushika no mu Misiri, kuko yerekanye ko ari umunyenkomezi bidasanzwe.  Vyongeye, Uziya yubaka iminara+ i Yeruzalemu, iruhande y’Irembo ryo mu Mfuruka+, n’iruhande y’Irembo ryo ku Mubande+ be n’iruhande y’Urwego, arayikomeza. 10  Vyongeye, yubaka iminara+ mu gahinga, yimba amatangi menshi (kuko yari yararonse ibitungwa vyinshi), agira gutyo no muri Shefela*+ no mu ntara y’itaba. Mu misozi n’i Karumeli hariyo abarimyi n’abakozi bo mu mirima y’imizabibu, kuko yakunda uburimyi. 11  Vyongeye, Uziya agira inteko zija mu ntambara, abasohoka mu gikorwa ca gisirikare mu migwi+, hakurikijwe igitigiri c’ingene banditswe+ n’ukuboko kwa Yeyeli umunyamabanga+ n’ukwa Mayaseya umurongozi, bano bakaba bagabwa+ na Hananiya wo mu baganwa b’umwami+. 12  Igitigiri cose hamwe c’abakuru b’amazu ya ba sekuru+, c’abagabo b’intwari+ kandi b’abanyenkomezi+, cari ibihumbi bibiri n’amajana atandatu. 13  Bari bajejwe inteko zigizwe n’abagabo ibihumbi amajana atatu n’indwi n’amajana atanu baja mu ntambara bafise ububasha bw’inteko za gisirikare, kugira ngo bafashe umwami kwivuna umwansi+. 14  Uziya abandanya kubategurira, ni ukuvuga ingabo zose uko zingana, inkinzo+ n’amacumu+ n’inkofero+ n’amakoti y’ivyuma+ n’imiheto+ be n’amabuye atezwa umugozi+. 15  Vyongeye, akora i Yeruzalemu ivyuma vy’intambara, vyateguwe n’abahinga, ngo bibe ku minara+ no mu mfuruka, kugira ngo birase imyampi n’amabuye maninimanini. Nuko ukuba rurangiranwa kwiwe+ kurakwiragira gushika kure, kuko yafashijwe mu buryo bw’agatangaza gushika akomeye. 16  Ariko akimara gukomera, umutima wiwe ugira ubwibone+ gushika n’aho yikwegera akarambaraye+, ku buryo ahemuka kuri Yehova Imana yiwe akinjira mu rusengero rwa Yehova guturira imibavu ku gicaniro c’imibavu+. 17  Ubwo nyene Azariya umuherezi ari kumwe n’abaherezi ba Yehova, abagabo mirongo umunani b’intwari, binjira inyuma yiwe. 18  Maze bahagurukira Uziya umwami+, bamubwira bati: “Ewe Uziya, si igikorwa cawe+ guturirira Yehova imibavu, ahubwo guturira imibavu ni igikorwa c’abaherezi bene Aroni+, abejejwe. Sohoka uve aheranda, kuko wahemutse, kandi ivyo nta buninahazwa+ buvuye kuri Yehova Imana biguhesha.” 19  Mugabo Uziya ararakara+ mu gihe mu kuboko kwiwe hari icotezo+ c’imibavu kugira aturire imibavu, maze akirakariye abaherezi, imibembe+ isesa+ mu ruhanga rwiwe imbere y’abaherezi mu nzu ya Yehova, iruhande y’igicaniro c’imibavu. 20  Azariya umukuru w’abaherezi n’abaherezi bose ngo bahindukire kumuraba, baza babona yafashwe n’imibembe mu ruhanga+! Nuko bamukura ng’aho banyaragasa, na we nyene yihutira gusohoka, kuko Yehova yari yamukubise+. 21  Uziya+ umwami aguma ari umunyamibembe gushika umusi yapfiriyeko; aguma aba mu nzu kanaka ari umunyamibembe+, yakuweko amabanga; kuko yari yaratandukanijwe n’inzu ya Yehova, mu gihe Yotamu umuhungu wiwe ari we yagaba inzu y’umwami, agacira imanza abanyagihugu. 22  Ibisigaye mu vya Uziya+, ivya mbere n’ivya nyuma, Yesaya+ mwene Amozi+, umuhanuzi, yaravyanditse. 23  Amaherezo Uziya aryama hamwe na ba sekuruza; bamuhamba rero hamwe na ba sekuruza biwe, mugabo mw’itongo ryo guhambamwo ry’abami+, kuko bavuga bati: “Ni umunyamibembe.” Nuko Yotamu+ umuhungu wiwe atangura kuganza mu kibanza ciwe.

Utujambo tw'epfo

Canke, “mu ntara yo hasi.”