1 Petero 4:1-19
4 Rero, ko Kristu yababajwe mu mubiri+, namwe nyene mwambare nk’ikirwanisho nya gatima nyene+; kuko umuntu ababajwe mu mubiri aba avavanuye n’ibicumuro+,
2 kugira ngo abeho igihe asigaje mu mubiri+, atakibaho kugira ngo ashitse ivyipfuzo vy’abantu, ahubwo kugira ngo ashitse ukugomba kw’Imana+.
3 Kuko igihe+ carenganye gihagije c’ukuba mwarakoze ukugomba kw’amahanga+ igihe mwagendera mu bikorwa vy’ubushirasoni*+, mu nambu zikomeye, mu kunywa umuvinyu birenze urugero+, mu kwidagadura, mu guhiganwa mu kunywa, no mu vy’ugusenga ibigirwamana kw’ikizira+.
4 Kubera ko mutabandanya kwiruka hamwe na bo muri iyo nzira muja mu rushanga rumwe rw’ubuhumbu+, barazazanirwa bakabandanya kubatuka+.
5 Mugabo abo bantu bazogira ico babazwa n’umwe+ yiteguriye gucira urubanza abazima n’abapfuye+.
6 Nkako, ico ni co catumye inkuru nziza imenyeshwa no ku bapfuye+, kugira ngo bacirwe urubanza ku bijanye n’umubiri nk’uko abantu babona ibintu+, mugabo babeho ku bijanye n’impwemu+ nk’uko Imana ibona ibintu.
7 Mugabo iherezo ry’ibintu vyose riregereje+. Mube abaroranye mu muzirikanyi+ rero, kandi mugume murikanuye ku bw’amasengesho+.
8 Hejuru ya vyose, mugiriranire urukundo rwinshi+, kuko urukundo rupfuka ibicumuro indiri+.
9 Mwakirane ata kwidoga+.
10 Nk’uko umwe wese yaronse ingabirano, muyikoreshe mu gukoreranira nk’ababwiriza beza b’ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana bwerekanwa mu buryo butari bumwe+.
11 Nimba hari uwuvuga, navuge nk’aho yoba avuga amajambo meranda+ y’Imana; nimba hari uwukorera abandi+, nakore nk’aho abihabwa n’inkomezi Imana itanga+; kugira ngo muri vyose Imana ininahazwe+ biciye kuri Yezu Kristu. Ubuninahazwa+ n’ubushobozi ni ivyiwe ibihe bitazoshira. Amen.
12 Bakundwa, ntimuzazanirwe n’umuriro waka muri mwebwe, uwuriko ubashikira ku bw’ukugeragezwa+, nk’aho mwoba muriko mushikirwa n’ikintu c’akatabonetse.
13 Ahubwo, mubandanye kunezerwa+ kuko muri abasangira imibabaro ya Kristu+, kugira ngo munezerwe mwongere musesekare umunezero no mu gihe c’ihishurwa+ ry’ubuninahazwa bwiwe.
14 Nimba mutukwa muhorwa izina rya Kristu+, murahiriwe+, kubera ko impwemu y’ubuninahazwa, mbere impwemu y’Imana, iguma kuri mwebwe+.
15 Ariko ntihagire n’umwe muri mwebwe ababazwa+ ahorwa kuba ari umwicanyi canke igisuma canke inkozi y’ikibi canke uwita+ mu vy’abandi.
16 Mugabo nimba ababazwa+ ahorwa kuba ari umukirisu, ntamaramare+, ahubwo nagume aninahaza Imana muri iryo zina.
17 Kuko ari igihe cashinzwe c’uko urubanza rutangurira ku nzu y’Imana+. Nimba rero rubanza gutangurira kuri twebwe+, none iherezo ry’abatagamburukira inkuru nziza y’Imana rizoba irihe+?
18 “Kandi nimba umugororotsi ariko akizwa bigoranye+, none umuntu atibanga Imana hamwe n’umucumuzi bazoboneka hehe+?”
19 Nuko rero, n’abariko bababazwa mu buryo buhuye n’ukugomba kw’Imana nibagume baragiza ubuzima bwabo Umuremyi w’umwizigirwa mu gihe bariko bakora iciza+.
Utujambo tw'epfo
^ Raba Inyongera ya 21.