Amafoto y’i Warwick: Igice ca 6 (Ntwarante—Myandagaro 2016)
Ayo mafoto arerekana aho ibikorwa vyo kwubaka icicaro gikuru gishasha c’Ivyabona vya Yehova bigeze n’ivyaranguwe n’abubatsi kuva muri Ntwarante gushika muri Myandagaro 2016.
Ku wa 16 Ntwarante 2016: Ishantiye y’i Warwick
Bariko barapakurura ibiti bita chênes n’ivyitwa érables biza birahindagura amabara mu gatasi. Ibiti birenga 1.400 ni vyo bizoterwa i Warwick.
Ku wa 23 Ntwarante 2016: Garaje
Abakorera i Warwick bariko barahimbaza Icibutso c’urupfu rwa Yezu. Aho i Warwick, abantu 384 ni bo bitavye urwo rubanza Ivyabona vya Yehova bo kw’isi yose bagira uko umwaka utashe.
Ku wa 15 Ndamukiza 2016: Ishantiye y’i Warwick
Bariko barashira amadirisha ku nzu yo kw’irembo. Abazokorera aho kw’irembo bazoha ikaze abashitsi, bitwararike umutekano w’izo nyubakwa bongere bacungere uruja n’uruza rw’imiduga.
Ku wa 19 Ndamukiza 2016: Inyubakwa y’amabiro n’iyindi mirimo
Umuhungu na se bariko barasasa itapi ntonto zimeze nk’amakaro muri koridoro yo mw’igorofa ya kabiri. Mwene izo tapi ni zo canecane zashizwe mu bibanza bicamwo abantu benshi, kuko zoroshe gusubiriza igihe zononekaye kuruta itapi ndende.
Ku wa 27 Ndamukiza 2016: Inyubakwa y’amabiro n’iyindi mirimo
Bariko barashiraho ibibambazi vy’imbaho bigabura amabiro. Mwene ivyo bibambazi biroroshe gusambura igihe bikenewe ko bagabanya ibiro canke ko bavyagura.
Ku wa 10 Rusama 2016: Inyubakwa y’amabiro n’iyindi mirimo
Uwuriko arategura ahazoja utuzu twa surwumwe tw’abashitsi duhereranye n’aho abashitsi bashikira.
Ku wa 26 Rusama 2016: Ishantiye y’i Warwick
Abajejwe kuzimya umuriro bariko baragira imyimenyerezo. Ivyo birabafasha kuhaseruka badatebaganye, gutyo bagashobora gukingira abakorera i Warwick n’inyubakwa zaho. Bituma amahera akoreshwa mu gutabara igihe hadutse ivyago agabanuka.
Ku wa 30 Rusama 2016: Inyubakwa y’amabiro n’iyindi mirimo
Uwuriko aricarika mu buriro abakorera i Warwick imbere y’uko batangura ugusenga kwo mu gitondo kwa mbere bagize bifatanije n’abari mu kindi kibanza.
Ku wa 31 Rusama 2016: Parikingi y’abahaba n’aho kubungabungira ibikoresho
Uwuriko arashiraho utumenyetso twereka abantu iyo baja, akoresheje inivo y’ikizungu. Bazoshiraho mwene utwo tumenyetso turenga 2.500.
Ku wa 1 Ruheshi 2016: Inyubakwa y’amabiro n’iyindi mirimo
Uwuriko arashiraho mwene vya vyuma abantu bishimikiza mu kuduga ingazi. Ariko abishira ku ngazi ziva aho abashitsi bashikira zija mu cumba c’amanama. Ubwo burengeti burinda umuriro burakingira ibindi bintu vyarangiye kwubakwa kugira ntibishe.
Ku wa 9 Ruheshi 2016: Inyubakwa y’amabiro n’iyindi mirimo
Uwuriko aranora uruhome ruja ahari iratiro ryataziriwe ngo “Ukwizera mu bikorwa.” Iryo ni rimwe mu maratiro atatu abashitsi bashobora kuratira ijisho ari bonyene. Ibicapo bihari birerekana ico iratiro rimwerimwe ryose ryerekeye.
Ku wa 16 Ruheshi 2016: Garaje
Bariko barategura hasi kw’isima kugira bahashire umuti utuma isima idacuya, iramba kandi yoroha kubungabunga.
Ku wa 29 Ruheshi 2016: Inyubakwa y’amabiro n’iyindi mirimo
Abafundi bariko barasakara ibaraza ry’aho abashitsi bashikira bakoresheje amabati abonerana. Ayo mabati ararekura agaco kamurika muri iryo baraza.
Ku wa 29 Ruheshi 2016: Inyubakwa y’amabiro n’iyindi mirimo
Umugabo n’umugore wiwe bariko barashira amakaro mu bwinjiriro bw’iratiro ryataziriwe ngo “Bibiliya be n’izina ry’Imana.”
Ku wa 6 Mukakaro 2016: Inyubakwa y’amabiro n’iyindi mirimo
Uwuriko arashira intebe mu cumba c’amanama. Ico cumba kizojamwo intebe 1.018 kandi kizoza kiraberamwo Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi n’ayandi maporogarama ajanye n’ugusenga y’umuryango wa Beteli.
Ku wa 9 Mukakaro 2016: Inyubakwa y’amabiro n’iyindi mirimo
Ababaji, abafundi b’umuyagankuba n’abandi bariko barashiraho icapa caka kiriko amajambo yo guha ikaze abashitsi.
Ku wa 13 Mukakaro 2016: Inyubakwa y’amabiro n’iyindi mirimo
Babiri mu bagize umugwi ushigikira abubatsi bariko barazanira amazi abakorera aho abashitsi bashikira. Abubatsi baguma bibutswa kunywa amazi, canecane igihe hashushe.
Ku wa 19 Mukakaro 2016: Inyubakwa y’amabiro n’iyindi mirimo
Uwuriko arashiraho utubati tuzojamwo Bibiliya z’imbonekarimwe zizokoreshwa muri rya ratiro ryataziriwe ngo “Bibiliya be n’izina ry’Imana.” Iryo ratiro kandi ririmwo amafoto y’izindi Bibiliya hamwe n’ibintu vy’utugenegene bifitaniye isano na Bibiliya.
Ku wa 22 Mukakaro 2016: Inyubakwa y’amabiro n’iyindi mirimo
Uwuriko aracapa ikarata ya Ostraliya n’amazinga yo mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Aziya yisunze igicapo kiri ku ruhome rw’aho abashitsi bashikira. Izina “Ivyabona vya Yehova” riraboneka kuri urwo ruhome mu ndimi zishika 700.
Ku wa 23 Mukakaro 2016: Inyubakwa y’amabiro n’iyindi mirimo
Bariko barasigurira ibintu bimwebimwe Abanyabeteli bazokwimukira i Warwick mu ntumbero yo kubaha ikaze no kubafasha kwirinda ibintu bitera amasanganya bikiri kuri shantiye.
Ku wa 17 Myandagaro 2016: Stidiyo ya Televiziyo ya JW
Bariko baramanika ikintu kimeze nk’umuzingi bazoshiramwo amatara hamwe n’ivyuma bigifashe, hejuru y’aho batangira ibiganiro vyo kuri Televiziyo ya JW. Vyinshi mu vyuma bigize iyo stidiyo vyavuye i Brooklyn, ahahoze iyo stidiyo.
Ku wa 24 Myandagaro 2016: Ishantiye y’i Warwick
Umufundi w’amatara ariko arashira kw’irembo rikuru icapa gishasha caka. Kuva itariki 1 Nyakanga, inzego nyinshi zo ku cicaro gikuru zari zimaze gutangura gukorera i Warwick.