Ja ku birimwo

Umuhora JW.ORG uratuma abantu barushiriza kumera neza

Umuhora JW.ORG uratuma abantu barushiriza kumera neza

Hirya no hino kw’isi abantu bariko barungukira kuri jw.org. Raba uburorero bw’amajambo menshi yo gukenguruka yarungikiwe icicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova muri Rusama 2014.

Urafasha abana batoyi

“Agahungu kanje kiga muri garidiyene kari gafise ingeso yo gutaha kazanye amakaramu y’igiti, udukinisho hamwe na ya marori akinga umuco w’izuba vya bagenzi bako. Twaragerageje kenshi kugafasha gutahura ko ivyo gakora ata ho bitaniye no kwiba be n’uko kwiba ari bibi. Utwigoro twacu nta co twavuyemwo gushika aho tuvomeye kuri jw.org ka kavidewo kavuga ngo Kwiba ni bibi. Ico gikoresho carabaye ngirakamaro kandi ni co cakuyeyo ako gahungu kacu. Kamaze kuraba ako kavidewo, kaciye kavuga yuko kipfuza gusubiza vya bintu vyose bene vyo, kandi ubu karajijutse ko Imana yanka abiba. Ntimworaba ukuntu uwo muhora wadufashije!” ​—D. N. wo muri Afrika.

‘Ka kavidewo ko kuri jw.org kavuga ngo Kwiba ni bibi karabaye ngirakamaro kandi ni ko kakuyeyo agahungu kacu’

“Abana banje barakunda jw.org. Baravoma utuvidewo tugufitugufi twa dessin animé tubafasha gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zibuza kubesha no kwiba. Bariga kandi izindi kamere nziza bashobora gukoresha mu buzima bwabo, gutyo bigatuma bagira ico bamariye abandi.”​—O. W. wo muri Karayibe.

Urafasha abakiri ku ntebe y’ishure

“Nahora mbona ko ishure ari umuzigo, kandi nariyumviriye kuriheba. Mugabo umusi umwe, narasomye kuri jw.org ikiganiro kivuga ngo ‘Noba nkwiye guheba ishure?’ Caramfashije kubona ishure mu buryo bwiza. Muri ico kiganiro, narabonye yuko kuja kw’ishure bintegura ku bwa kazoza bikongera bikamfasha kuba umuntu yitwararika ibintu.”​—N. F. wo muri Afrika.

“Impanuro zerekeye abakiri bato ziri kuri jw.org zaranyeretse ukuntu nogumana ingeso nziza kw’ishure”

“Impanuro zerekeye abakiri bato ziri kuri jw.org zaranyeretse ukuntu nogumana ingeso nziza kw’ishure. Narize ukuntu nokwitunira ku vyigwa nkirinda ibisamaza.”​—G. wo muri Afrika.

“Umugore umwe dukorana yaridoze avuga ko umwana wiwe w’umukobwa yatotezwa kw’ishure, agatotezwa canecane n’uwundi mukobwa. Ivyo vyaratumye uwo mwana ahahamuka ku buryo yamaze imisi nk’ingahe ataja kw’ishure. Narabwiye uwo mugore ivyiyumviro vyo mu kiganiro kiri kuri jw.org gisigurwa bariko baragicapa, kivuga ngo Nuneshe uwugutoteza utamuriye n’urwara. Yarashimye canecane impanuro y’uko umuntu yoba uwutwenza kugira ahwamike ibintu. Yarayaze n’uwo mwana wiwe ibijanye n’ukuntu yonanira abamutoteza. Ivyo vyatumye aja kw’ishure umutima uri mu nda. Mu nyuma ibintu vyaragenze neza, na nyene kumutoteza arahava mbere acika umugenzi.”​—V. K. wo mu Buraya bwo mu Buseruko.

Urafasha imiyabaga

“Turabakengurukiye cane ku kiganiro kiri kuri jw.org kivuga ngo ‘Kubera iki nikebagura?’ Iyo ni ingorane maranye igihe kirekire. Nahora niyumvira ko ari jewe jenyene ndayifise be n’uko ndabibwiye abandi batontahura. Uburorero buvugwa muri ico kiganiro bwaramfashije vy’ukuri. Bwa bundi hariho abashobora kuntahura!”​—Umwigeme umwe wo muri Ostraliya.

“Uburorero buvugwa muri ico kiganiro bwaramfashije vy’ukuri. Bwa bundi hariho abashobora kuntahura!”

“Umuhora wa jw.org uratuma binyorohera cane kuronka ibiganiro bifasha abakiri bato. Hari ikiganiro kimwe camfashije canecane kumenya uburyo butandukanye abantu babuza abandi amahoro mu vy’igitsina, kumenya nimba narigeze kuyabuzwa muri ubwo buryo be n’ukuntu novyifatamwo neza.”​—T. W. wo muri Karayibe.

Urafasha abavyeyi

“Umuhungu wanje w’umuyabaga arakubagana bimwe bidasanzwe. Akenshi ndababazwa cane n’ukuntu inyifato yiwe iza irahindagurika giturumbuka. Ivyo bica bituma ntoroherwa no kuyaga na we. Umusi umwe naragiye kuri jw.org maze mpitamwo ahavuga ibijanye n’abubatse be n’abavyeyi. Nahasanze ibiganiro vyinshi bihuye n’uko ivyanje vyifashe kandi vyaranyeretse ukuntu noyaga n’umwana wanje. Na we nyene yarungukiye kuri uwo muhora. Ubu aranserurira akari ku mutima, akambwira ivyamunezereje be n’ivyamubabaje.”​—C. B. wo muri Afrika.

“Akenshi uza ubona kuri jw.org hasohotse ikiganiro ku gihe nyene tuba tugikeneye maze kikadufasha gutorera umuti ingorane ziba ziriko zirashikira abana bacu”

“Twebwe abavyeyi, uwo muhora uratwereka uburyo bwo kwigisha abana bacu mu bijandijandi. Nk’akarorero, ikiganiro kivuga ukuntu woronka umugenzi mwiza gisigurwa bariko baragicapa carafashije abana bacu kubona mu buryo bubereye ibijanye no kugira abagenzi be no guhitamwo abobafasha kugira ingeso nziza. Akenshi uza ubona kuri jw.org hasohotse ikiganiro ku gihe nyene tuba tugikeneye maze kikadufasha gutorera umuti ingorane ziba ziriko zirashikira abana bacu. Ni isôko ry’impanuro nyinshi.”​—E. L. w’i Buraya.

Urafasha abubatse

“Twe n’umukenyezi wanje tumaze imyaka itandatu twubakanye. Cokimwe n’abandi bose bubakanye, vyaratugoye guhuza kubera ko duserura akari ku mutima mu buryo butandukanye, tukaba twakuriye mu bintu bitandukanye kandi tukaba tutabona ibintu kumwe. Ikiganiro co kuri jw.org kivuga ngo ‘Ingene wotega yompi uwo mwubakanye’ caranshimishije cane. Kirimwo impanuro ngirakamaro zifasha umuntu kuryohora ubuhanga bwo gutega yompi. Naragisomye, mu nyuma tugisuzumira hamwe n’umukenyezi wanje. Turagerageza gushira mu ngiro ivyiyumviro bihambaye twakuyemwo.”​—B. B. wo muri Karayibe.

“Urugo rwacu rwarokotse kubera uwo muhora”

“Natanguye kwifatanya n’Ivyabona vya Yehova mu mwaka uheze, nkaba nashaka vy’ukuri kubakengurukira kubera umuhora wa.jw.org. Narahigiye ibintu vyinshi harimwo ukuntu nocungera ishavu be n’ukuntu noba umunega na sebibondo mwiza. Ndashobora vy’ukuri kuvuga yuko urugo rwacu rwarokotse kubera uwo muhora.”​—L. G. wo muri Karayibe.

Urafasha abaragi

“Uwo muhora waramfashije gusubira kwumva ko ndi umuntu. Amavidewo ari mu rurimi rw’ibimenyetso rw’Abanyamerika yaratumye ndushiriza kumenya urwo rurimi. Narigeze kuba niyumvira yuko ata mugambi ngirakamaro n’umwe noshobora kwishingira. Mugabo igihe nabona akavidewo kavuga ngo Je voisla Parole de Dieu dans ma langue, narakozwe ku mutima cane maze ndarushiriza kwiyemeza kuguma nibanda ku bintu vyiza vyo mu buzima.”​—J. N. wo muri Afrika.

“Uwo muhora waramfashije gusubira kwumva ko ndi umuntu”

“Umuhora Jw.org ni ngirakamaro vy’ukuri. Naritanze kugira mfashe abaragi, na canecane abakiri bato. Amayagwa umuyoro ari mu rurimi rw’ibimenyetso na jewe ubwanje aramfasha kurushiriza kumenya urwo rurimi. Uwo muhora uramfasha gusahiriza abipfuza kurushiriza kubana neza mu muryango no kuzigama ubugenzi.”​—K. J. wo muri Karayibe.

Urafasha abatabona

“Ndi umwe mu batabona bungukira kuri jw.org. Uwo muhora uratuma ndonka amakuru noshobora kumara amezi n’amezi ntararonka biciye kuri posita. Waratumye ubuzima bwacu bwo mu muryango burushiriza kumera neza wongera uramfasha kugira ico mariye abandi. Uramfasha kandi kuronkera amakuru rimwe na bagenzanje babona.”​—C. A. wo muri Amerika y’Epfo.

“Uwo muhora waratumye ubuzima bwacu bwo mu muryango burushiriza kumera neza wongera uramfasha kugira ico mariye abandi”

“Abatazi gusoma inyuguti z’impumyi canke badafise amahera yo kugura ibitabu vyo mu nyuguti z’impumyi barabona ko jw.org ari itunga ridasanzwe. Biciye ku mayagwa ngirakamaro yafashwe amajwi, abatabona barashobora kwumviriza amakuru agezweho yerekeye ibintu bitandukanye. Uwo muhora ugenewe abantu bose ata gukumirana canke kugira nkunzi. Uratuma twebwe abatabona twumva ko duterwa iteka be n’uko turi n’ikibanza mu kibano.”​—R. D. wo muri Afrika.

Urafasha abipfuza kumenya Imana

“Ico umuhora wanyu utandukaniyeko n’iyindi mihora y’amadini ni uko udacucagira abantu imvugo n’amajambo bishobora gutahurwa n’umupatiri gusa. Eka kandi nturemereza abantu amakuru menshi ku buryo batakara. Umuhora wanyu ukoresha imvugo zoroshe kandi zidomako. Ntiwicisha abantu amajambo canke amafilozofiya. Ntutuma umuntu abona ko ukwizera ari ikintu kigoye gutahura. Ahubwo nyabuna, werekana ko ukwizera ari ikintu umuntu asanzwe ashobora kuronka.”​—A. G. wo muri Aziya.

“Umuhora wanyu ukoresha imvugo zoroshe kandi zidomako. . . Werekana ko ukwizera ari ikintu umuntu asanzwe ashobora kuronka”

“Mba nigorewe yemwe iyo ntahabona jw.org! Muri iyi si iri mu mwiza, uwo muhora umeze nk’itara nshobora kwatsa. Ubwo nyene nca mbona nkongera nkumva ibiganiro bisigura ukuntu Imana ibona ibintu, maze nkironkera inyishu z’ibibazo vyinshi vyerekeye ubuzima.”​—J. C. wo muri Karayibe.

“Ndakenguruka utwigoro twose mugira kugira mumfashe kumenya Imana nibereye hano mw’ishamba rya manyenye ryo muri Amerika y’Epfo. Iyo ntahabona uwo muhora, mba naratakaye.”​—M. F. wo muri Amerika y’Epfo.