“Kora ivyo ushoboye kugira ugire amagara meza. Ufise amagara meza, uzoboneka nk’uko wabwirizwa kuboneka. Kandi nimba hari uwudashima ico uri (kubera adashima uko uboneka), uwo muntu si umugenzi wawe.”—Olivia.
Muri make: Nugire uko ushoboye kugira uboneke neza. Ibindi na vyo ntibiguhagarike umutima. Kurazwa ishinga cane n’ukuntu uboneka birashobora gutera ingorane. (Raba “inkuru ya Julia.”)
Ku rundi ruhande na ho, kubona ibintu ku rugero bizogufasha kubona ibikwerekeye mu buryo bubereye, nk’uko umwigeme yitwa Erin yavyiboneye. Avuga ati: “Vy’ukuri ndafise ibindaza ishinga, ariko narabonye ko niyumva nabi igihe gusa nibanze cane ku bitagenda neza. Ubu ndagira siporo ntasibiriza kandi ndafungura neza. Ibindi birizana.”
Ibibereye kukuraza ishinga koko!
Igihe ubona ku rugero ibikwerekeye, uzoboneka neza. Bibiliya irashobora kugufasha. Ikuremesha kugira ibi bikurikira:
Gushima uko ivyawe vyifashe. “Ni vyiza guhimbarirwa ivyo dufise kuruta kwipfuza ikindi kintu, kuko ata ho bitaniye no kwoma inyuma umuyaga.”—Umusiguzi 6:9, Contemporary English Version.
Kugira siporo ku rugero. “Kumenyereza umubiri bigira akamaro kuri bike.”—1 Timoteyo 4:8.
Ubwiza bwo mu mutima. “Umuntu buntu abona ibiboneka ku maso, mugabo Yehova we, abona ico umutima uri.”—1 Samweli 16:7.
“Mu maso hacu harahishura ukuntu twiyumva ku bitwerekeye. Nimba umuntu ashima uko ivyiwe vyifashe, n’abandi barabibona bagaca bumva bakwegerewe nawe.”—Sarah.
“Ubwiza burashobora gukwegera mu kanya isase. Ariko ubwiza bwawe bwo mu mutima be na kamere zawe nziza ni vyo canecane abantu bazokwibukirako.”—Phylicia.