URWARUKA RURIBAZA
Kubera iki twoja ku makoraniro ku Ngoro y’Ubwami?
Kabiri mu ndwi Ivyabona vya Yehova baragira amakoraniro mu bibanza basengeramwo vyitwa Ingoro z’Ubwami. Ni ibiki bibera muri ayo makoraniro kandi kuyitaba vyokumarira iki?
Ni ibiki bibera ku Ngoro y’Ubwami?
Ingoro y’Ubwami ni ahantu twigira Bibiliya. Amakoraniro ahagirirwa arashobora kugufasha:
kumenya ukuri kwerekeye Imana.
gutahura igituma ibintu vyifashe gutya muri iki gihe.
kurushiriza kuba umuntu mwiza.
kuronka abagenzi beza.
Wari ubizi? Ahantu Ivyabona vya Yehova bagirira amakoraniro hitwa Ingoro y’Ubwami kubera ko Ubwami bw’Imana ari co kintu nyamukuru kihigishirizwa.—Matayo 6:9, 10; 24:14; Luka 4:43.
Kubera iki woja ku makoraniro?
Ibihigishirizwa vyogufasha. Impanuro zo muri Bibiliya zitangirwa ku makoraniro y’Ivyabona vya Yehova zirashobora kugufasha ‘kuronka ubukerebutsi.’ (Imigani 4:5) Uca wumva ko Bibiliya ishobora kudufasha gufata ingingo nziza mu buzima. Irashobora kandi kugufasha kuronka inyishu z’ibibazo bihambaye nk’ibi:
Raba imitwe y’insiguro zimwezimwe zihora zishikirizwa ku wa mungu:
Ni kubera iki twoyoborwa na Bibiliya?
Ni hehe ushobora gukura imfashanyo mu bihe vy’ingorane?
Ivyo Ubwami bw’Imana buriko buradukorera ubu.
“Umunyeshure twigana yaraje ku makoraniro. Yicaranye n’umuryango wacu, tukaza turasomera hamwe. Mu nyuma yambwiye ko yatangajwe cane n’ukuntu abantu baza barishura mu biganiro vy’ibibazo n’inyishu. Yavuze kandi ko mw’idini iwabo hoho batagira ibitabu.”—Brenda.
Wari ubizi? Kwinjira ni ku buntu kandi nta mperezwa zitozwa.
Abantu baba bahari barashobora kukuremesha. Bibiliya ivuga ko imwe mu mvo zikwiye gutuma abakirisu bakoranira hamwe ari kugira ‘baremeshanye.’ (Abaheburayo 10:24, 25) Kwifatanya n’abantu bashira Imana na bagenzi babo mu kibanza ca mbere biraruhura muri iyi si yuzuye ubwikunzi.
“Inyuma y’umusi w’ibikorwa, birashika nkumva ntagira umunezero kandi ndushe cane. Ariko abantu duhurira ku Ngoro y’Ubwami bama batuma nsubira kwumva merewe neza. Iyo ndiko ndataha mvuye kw’ikoraniro mba numva nezerewe kandi niteguriye gutangura uwundi musi.”—Elisa.
Wari ubizi? Kw’isi yose hari amashengero y’Ivyabona vya Yehova arenga 120.000 akoranira mu bibanza birenga 60.000. Tugize incahagati, buri mwaka hubakwa Ingoro z’Ubwami nka 1.500 kubera abitaba amakoraniro baguma biyongera. a
a Kugira umenye ahabera amakoraniro, nuje ahavuga ngo “Amakoraniro y’ishengero y’Ivyabona vya Yehova,” uce ufyonda ahavuga ngo “Nurondere ahoba ari hafi yawe.”