Privacy Settings

To provide you with the best possible experience, we use cookies and similar technologies. Some cookies are necessary to make our website work and cannot be refused. You can accept or decline the use of additional cookies, which we use only to improve your experience. None of this data will ever be sold or used for marketing. To learn more, read the Global Policy on Use of Cookies and Similar Technologies. You can customize your settings at any time by going to Privacy Settings.

Ja ku birimwo

Noba nkwiye gusenga aberanda?

Noba nkwiye gusenga aberanda?

Inyishu Bibiliya itanga

 Oya. Bibiliya yerekana ko dukwiye gusenga Imana yonyene mw’izina rya Yezu. Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: “Nuko rero musenge mutya: Dawe wa twese uri mw’ijuru, izina ryawe niryezwe.” (Matayo 6:9) Ntiyigeze ategeka abigishwa biwe gusenga aberanda, abamarayika, canke uwundi uwo ari we wese kiretse gusa Imana.

 Yezu yabwiye kandi abayoboke biwe ati: “Ni jewe nzira n’ukuri n’ubuzima. Nta wuza kuri Data adaciye kuri jewe.” (Yohani 14:6) Yezu ni we wenyene Imana yahaye uburenganzira bwo kuduserukira.—Abaheburayo 7:25.

None nsenze Imana ngasenga n’aberanda hari ico?

 Muri ya Mabwirizwa Cumi, Imana yavuze iti: “Jewe Uhoraho Imana yawe [ndi] Imana ifuha.” (Kuvayo 20:5, Bibiliya Yera) Ni mu buhe buryo Imana “ifuha” ari kwo kugira ishari? Muri Bibiliya y’isi nshasha uwo mugongo ugira uti: “Ndi Imana isaba kwiheberwa yonyene gusa.” Imana isaba ko ari yo yonyene yiheberwa canke isengwa, ushizemwo n’ukuyitura amasengesho.—Yesaya 48:11.

 Hagize uwundi dusenga, naho boba aberanda canke abamarayika beranda, birayibabaza. Igihe intumwa Yohani yagira asenge umumarayika, uwo mumarayika yaciye amubuza, amubwira ati: “Ntugire ivyo! Nta kindi ndi atari umushumba mugenzawe n’uwa bene wanyu bafise igikorwa co gushingira intahe Yezu. Senga Imana.”—Ivyahishuwe 19:10.