Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

URURIRIMBO RWA 92

Ahantu hitirirwa izina ryawe

Ahantu hitirirwa izina ryawe

(1 Ngoma 29:16)

  1. 1. Ni ’teka ntangere Yehova,

    Kwubak’aho witirirwa.

    Ni wewe tuhashikirije;

    Uzohaninaharizwa.

    Naho twoguh’ibingan’iki,

    Tuguha ku vyari rwawe.

    Ico kintu cose dutunze

    Tugitanga tubikunze.

    (ICITABIRIZO)

    Tuguhaye aha hantu

    Ng’uhamenyekanire.

    Ni wewe tuheguriye;

    Dukundir’uhakīre.

  2. 2. Twipfuza kuguter’iteka

    Mu kuhagushemereza.

    Ese abig’inzira zawe

    Boguma bibonekeza.

    N’aho kugusengera gusa,

    Ni vyo tuzitwararika.

    Haze hagushingir’intahe,

    Nk’uk’umuco umurika.

    (ICITABIRIZO)

    Tuguhaye aha hantu

    Ng’uhamenyekanire.

    Ni wewe tuheguriye;

    Dukundir’uhakīre.