Nunezereze Yehova

Nunezereze Yehova

Voma:

  1. 1. Ushaka ko bakubona neza

    Arikw’ivyo ntivyoroha.

    Uratinya ko bagutwenga

    Kuko udakora nka bo.

    (INTEGUZA)

    Reka kugir’isoni.

    Ntugir’ubwoba!

    (ICITABIRIZO)

    Reka gutiny’abantu.

    Kuri Yehov’uri n’agaciro!

    Kandi witandukanije na bo,

    Arashima

    Akanezerwa cane.

  2. 2. Iyo wumva nk’ah’uri wenyene

    Ata wugushigikiye,

    Ibuka ko Yehova muri kumwe.

    Yuko azogukomeza.

    (INTEGUZA)

    Ntutinye

    Gum’ushikamye!

    (ICITABIRIZO)

    Reka gutiny’abantu.

    Kuri Yehov’uri n’agaciro!

    Kandi witandukanije na bo

    Arashima

    Akanezerwa cane.