31 Myandagaro–6 Nyakanga
KUVAYO 21-22
Ururirimbo rwa 141 n’isengesho
Amajambo y’intangamarara (Umun. 1)
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
“Nubone ubuzima nk’uko Yehova abubona”: (Imin. 10)
Kv 21:20—Yehova ntiyerekwa ubwicanyi (it-1 553)
Kv 21:22, 23—Yehova araha agaciro ubuzima bw’umwana akiri mu nda (lvs 95 ing. 16)
Kv 21:28, 29—Yehova yiteze ko dukora ibishoboka kugira twirinde amasanganya (w10 15/4 29 ing. 4)
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya: (Imin. 10)
Kv 21:5, 6—Iyo mirongo yerekana gute ingene twungukira ku kwiyegurira Yehova? (w10 15/1 4 ing. 4-5)
Kv 21:14—Uwo murongo usobanura iki? (it-1 545)
Mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi, ni ibiki wize ku vyerekeye Yehova, ubusuku bwo mu ndimiro canke ikindi kintu?
Igisomwa ca Bibiliya: (Imin. 4 canke idashika) Kv 21:1-21 (th icigwa ca 5)
NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO
Mugihura: (Imin. 3 canke idashika) Hera ku gace kajanye na mugihura. Nuce umutumira kw’ikoraniro. (th icigwa ca 2)
Usubiyeyo: (Imin. 4 canke idashika) Hera ku gace kajanye na usubiyeyo. Nimuce mumera nk’aho muhejeje kuraba ya videwo Ingene tugira amakoraniro ajanye no gusenga, muce muyiganirako. (th icigwa ca 20)
Insiguro: (Imin. 5 canke idashika) w09 1/4 31—Umutwe: Yehova ni Se w’impfuvyi. (th icigwa ca 19)
UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Nubone ubuzima nk’uko Imana ibubona: (Imin. 10) Guhana ijambo. Nimurabe iyo videwo. Nuce ubaza uti: Ni ingorane izihe zishobora kwaduka igihe umuntu yibungenze? Muri Kuvayo 21:22, 23 hadufasha kubona gute ibijanye no gukorora inda? Kubera iki dukeneye ukwizera be n’umutima rugabo kugira dufate ingingo zihimbara Yehova? Icizigiro c’izuka kiduhumuriza gute?
Ukuntu twungukira ku kwiyegura: (Imin. 5) Insiguro ishingiye ku Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Nzero 2010, urupapuro rwa 4, ingingo ya 4-7. Nuremeshe abatohoji ba Bibiliya gutera imbere biyegure bongere babatizwe.
Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero: (Imin. 30) jy ikig. 130
Amajambo yo gusozera (Imin. 3 canke idashika)
Ururirimbo rwa 15 n’isengesho