ICIGWA CA 80
Yezu atora intumwa 12
Yezu yari amaze nk’umwaka n’igice yamamaza. Ico gihe yategerezwa gutora abazoguma bakorana na we, ari na bo yari kumenyereza ngo baje imbere abandi mw’ishengero rya gikirisu. Yezu yashaka ko Yehova amufasha kumenya abo yotora. Yaciye aduga ku musozi ari wenyene, arara arasenga ijoro ryose. Bukeye, yarahamagaye bamwe mu bigishwa biwe maze atoramwo intumwa 12. Woba uzi amazina yabo? Bari Petero, Andereya, Yakobo, Yohani, Filipo, Barutelemi, Toma, Matayo, Yakobo mwene Alufayo, Tadeyo, Simoni na Yuda Isikariyoti.
Andereya, Petero, Filipo, Yakobo
Abo 12 bari kuguma bagendana na we. Amaze kubamenyereza, yaciye abarungika kwamamaza ari bonyene. Yehova yarabahaye ububasha bwo kwirukana amadayimoni no gukiza abarwaye.
Yohani, Matayo, Barutelemi, Toma
Izo ntumwa 12 Yezu yazise abagenzi biwe, kandi yarabizigira. Abafarizayo babona ko izo ntumwa ari abantu batize kandi
basanzwe. Ariko Yezu yari yarabigishije gukora neza igikorwa yabahaye. Bama bari kumwe na we mu bihe bihambaye yaciyemwo mu buzima, nk’imbere y’uko apfa n’aho amariye kuzuka. Benshi muri bo bava i Galilaya nka Yezu, kandi bamwe bari bafise abagore.Yakobo mwene Alufayo, Yuda Isikariyoti, Tadeyo, Simoni
Intumwa zarakora amakosa nk’abandi bantu bose. Vyarashika bakavuga batabanje kwiyumvira, bagafata n’ingingo mbi. Hari igihe vyabananira kwihangana. Barigeze no guharira barondera kumenya umukuru muri bo. Ariko bari abantu beza bakunda Yehova. Ni bo bari guhagarikira ishengero Yezu amaze gusubira mw’ijuru.
«Nabise abagenzi, kuko nabamenyesheje ibintu vyose numvanye Dawe.»—Yohani 15:15