Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 60

Ubwami butazokwigera buvaho

Ubwami butazokwigera buvaho

Umusi umwe mw’ijoro, Umwami Nebukadinezari yararose ikintu kidasanzwe. Iyo ndoto yaramubujije amahoro ku buryo atasubiye gusinzira. Yaciye ahamagara abapfumu biwe ababwira ati: ‘Nimunsigurire indoto narose.’ Na bo bati: ‘Tubwire ivyo warose, mwami.’ Ariko Nebukadinezari ababwira ati: ‘Oya! Nimumbwire ivyo narose, atari aho ndabica.’ Barongeye kumubwira bati: ‘Tubwire ivyo warose, hama tubigusigurire.’ Na we ati: ‘Mwese mushaka kumbesha. Nimumbwire ivyo narose!’ Bamubwiye bati: ‘Nta muntu ashobora gukora ico kintu. Ivyo bintu udusavye ntibishoboka.’

Nebukadinezari yarashavuye cane, ku buryo ategeka ko incabwenge zo mu gihugu zose zicwa. Aho harimwo Daniyeli, Shaduraki, Meshaki na Abedinego. Daniyeli yarasavye umwami ngo amuhe umwanya. Daniyeli na bagenziwe baciye basaba Yehova ngo abafashe. None Yehova yakoze iki?

Mw’ijoro, Yehova yareretse Daniyeli indoto ya Nebukadinezari aramubwira n’ico isobanura. Bukeye, Daniyeli yaragiye ku mukozi umwami yari yategetse kwica za ncabwenge, amubwira ati: ‘Ntihagire incabwenge n’imwe wica. Ndashobora gusobanura indoto y’umwami.’ Nya mukozi yaciye amujana kwa Nebukadinezari. Daniyeli yabwiye umwami ati: ‘Imana yakweretse ibizoba muri kazoza. Indoto yawe ni iyi: Wabonye igishusho kinini gifise umutwe w’inzahabu, igikiriza n’amaboko vy’ifeza, inda n’amatako vy’umujumpu, amaguru y’icuma hamwe n’ibirenge vy’icuma kivanze n’ibumba. Ibuye ryaciye risiturwa ku musozi, rikubita ku birenge vy’ico gishusho. Caciye kimenagurika gicika ifu, nya fu ica igururwa n’umuyaga. Iryo buye ryaciye rivamwo umusozi munini, wuzura isi yose.’

Daniyeli yaciye avuga ati: ‘Insobanuro y’indoto yawe ni iyi: Ubwami bwawe ni uwo mutwe w’inzahabu. Ifeza ni ubwami buzoza inyuma yawe. Hazoca hakurikira ubwami bumeze nk’umujumpu buzoganza isi yose. Ubwami buzobukurikira buzoba bukomeye nk’icuma. Mu nyuma, hazoza ubwami bwigabuyemwo ibice: ibice bimwe bizoba bikomeye nk’icuma, ibindi vyoroshe nk’ibumba. Iryo buye ryavuyemwo umusozi na ryo ni Ubwami bw’Imana. Buzokuraho ubwo bwami bwose ariko bwobwo buzokwamaho.’

Nebukadinezari yaciye yunama imbere ya Daniyeli arashikana umutwe hasi. Yamubwiye ati: ‘Imana yawe ni yo yakumenyesheje iyo ndoto. Nta yindi Mana imeze nka yo.’ Nebukadinezari yaciye amugira umukuru w’incabwenge zose n’umukuru w’intara ya Babiloni. Woba ubona ukuntu Yehova yishuye isengesho rya Daniyeli?

‘Abakoraniriza ahantu hitwa Harumagedoni mu giheburayo.’​—Ivyahishuwe 16:16