Privacy Settings

To provide you with the best possible experience, we use cookies and similar technologies. Some cookies are necessary to make our website work and cannot be refused. You can accept or decline the use of additional cookies, which we use only to improve your experience. None of this data will ever be sold or used for marketing. To learn more, read the Global Policy on Use of Cookies and Similar Technologies. You can customize your settings at any time by going to Privacy Settings.

Pawel na Esther Pyzara bariko barivuna akanyota bari kumwe n’uwundi muryango

BIBILIYA IRAHINDURA UBUZIMA BW’ABANTU

Niyumvira ko ndiko ndaryimara mu buzima

Niyumvira ko ndiko ndaryimara mu buzima
  • YAVUTSE MU 1982

  • IGIHUGU AKOMOKAMWO: POLONYE

  • KAHISE: YARAKARA CANE, AKANYWA URUMOGI KANDI YASHAKA AKAZI K’UMUSHAHARA MUNINI

Pawel Pyzara akiri muto

KAHISE KANJE:

Navukiye mu gasagara ko muri Polonye kari hafi y’urubibe ico gihugu gihana n’Ubudagi. Twaba ahantu hatekanye dukikujwe n’imirima be n’amashamba. Abavyeyi banje barandemesha kwigenza neza, gukora neza kw’ishure no kuzorondera akazi keza.

Natanguye kugira ingorane igihe naja kwiga ibijanye n’amategeko kuri kaminuza iri mu gisagara citwa Wrocław. Kubera nari kure y’abavyeyi banje naciye ntangura kwifatanya n’abagenzi babi. Nsanzwe nkunda umupira w’amaguru, ariko kubera akosho k’abo bagenzi nahavuye ndawukunda birenze urugero. Umugwi nakunda wari uwo mu gisagara ca Warsaw, kandi iyo baja gukinira hose ku mpera y’umushamvu narabakurikira. Izo ngendo zarangwa n’ukunywa inzoga nyinshi n’urumogi kandi rimwe na rimwe abafana b’imigwi itandukanye baratana mu mitwe. Nabona ko ubwo ari uburyo bwo guhunga ingorane za misi yose, naho nari nzi ko hamwe abapolisi bomfata vyari gushobora gutuma ntabandanya amashure.

Jewe n’abagenzi banje twarakunda kuja mu tubare no gutamba. Akenshi turi aho hantu twaratana mu mitwe n’abandi. Abapolisi baramfashe akatari gake, ariko igihe cose narabayengayenga, rimwe na rimwe nkabaha igiturire. Niyumvira ko ndiko ndaryimara mu buzima. Ariko mu mutima nari nzi ko ivyo ndiko ndakora atari vyiza. Imisi yose ku wa mungu naraja mu misa kugira numve ko ndonse amahoro mu mutima.

UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE:

Mu 2004, Ivyabona vya Yehova babiri baradodoye iwanje, kandi naremeye kuganira na bo kuri Bibiliya. Uko narushiriza gutahura ico bisobanura kuba umukirisu w’ukuri, ni ko ijwi ryo mutima ryambuza amahoro cane. Narabona ko nkwiye guheba kunywa inzoga nyinshi, urumogi, no kwifatanya n’abantu badakurikiza impanuro zo muri Bibiliya. Narabona kandi ko nkwiye kureka kuba umuntu akara cane. Naho natahura ko nkeneye guhinduka, nagumye nkora vya bindi nyene.

Ibintu vyagiye guhinduka umusi umwe mw’ijoro igihe nasomborotsa abagabo umunani. Ndibuka ndyamye mw’ibabara, bariko barankubita ingumu n’imigere mu mutwe. Maze kubona ko kabaye nasenze Imana nti: “Yehova, mbabarira kubona narafashe minenerwe Ijambo ryawe. Hamwe norokoka, ndagusezeraniye ko nzoca niga Bibiliya n’Ivyabona kandi ko nzohindura ubuzima bwanje.” Nararokotse ntari ndavyiteze maze ndashitsa ivyo nasezeranye.

Pawel Pyzara muri iki gihe

Mu 2006, narimukiye mu Bwongereza. Nari mfise umugambi wo kurondera amahera menshi nkaca ngaruka muri Polonye kwiyongeza amashure. Narabandanije kwiga Bibiliya. Hari icanditswe kimwe cankoze ku mutima cane. Intumwa Paulo yanditse ati: “Ibintu vyose mbona koko yuko ari uruhombo kubera agaciro gahebuje ko kumenya Kristu Yezu Umukama wanje. Kubera we, naremeye guhomba ibintu vyose ndabibona nk’ikigunguzi c’umwanda, kugira ngo nunguke Kristu.” (Abafilipi 3:8) Cokimwe nanje, intumwa Paulo yari yarize ivy’amategeko kandi yari akaze cane. (Ivyakozwe 8:3) Ariko yahavuye atahura ko hari ubuzima bwiza kuruta, ni ukuvuga gukorera Imana no kwihatira kwigana Yezu. Maze kuzirikana akarorero ka Paulo, naratahuye ko kuronka akazi k’umushahara munini no gukara cane atari vyo bituma umuntu ahimbarwa. Narabonye ko nimba Paulo yarahindutse, na jewe noshobora guhinduka. Naciye mfata ingingo yo kuguma mu Bwongereza ndaheba ivyo kwiyongeza amashure.

Uko narushiriza kumenya ivyerekeye Yehova ni ko narushiriza kumwiyegereza. Narakozwe ku mutima n’umuhango atanga w’uko azobabarira abipfuza vy’ukuri guhindura ubuzima bwabo. (Ivyakozwe 2:38) Vyongeye, igihe nazirikana ku bivugwa muri 1 Yohani 4:16, ahavuga ko “Imana [ari] urukundo,” naciye ntangura gutahura igituma Imana yanka ububisha.

Naripfuza guhimbarwa nk’uko Ivyabona vya Yehova bahimbawe

Narakozwe ku mutima kandi n’inyifato y’Ivyabona vya Yehova. Narabona neza ko bagerageza kubaho bisunga impanuro zo muri Bibiliya zerekeye inyifato runtu. Naripfuza guhimbarwa nka bo. Naho bitanyoroheye, narahinduye ubuzima bwanje maze mu 2008 ndabatizwa mba Icabona ca Yehova.

Pawel na Esther Pyzara bariko barabwira ivyerekeye Bibiliya umugabo umwe kw’ibarabara

Twe na Esther turahimbarwa vy’ukuri no kwigisha Bibiliya abantu bavuga igipolonye

IVYIZA NAHAKUYE:

Nahora ndi umuntu yipfuza kuba uwuhambaye. Nari umuntu akaze cane, anywa urumogi n’inzoga nyinshi, kandi akunda umupira w’amaguru birenze urugero. Ariko Bibiliya yaramfashije guhinduka, mba umusavyi w’Imana ahimbarwa no kwigisha abandi ivyerekeye Bibiliya. Ndacakunda kurorera umupira w’amaguru, ariko nariyemeje kugumiza ukwo kwisamaza mu kibanza kibereye.

Ndahimbawe no kuba narubakanye na Esther, Icabona ca Yehova mwiza cane. Turahimbarwa vy’ukuri no kwigisha Bibiliya abantu bavuga igipolonye ngaha mu buraruko bushira ubuseruko bw’Ubwongereza. Sinari bwigere numva ko mpimbawe vy’ukuri mu buzima bwanje. Ubu ndatekanye mu mutima kandi ubuzima bwanje burafise intumbero.