Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
Abapfuye boba bazosubira kubaho?
Yehova Imana ni we Soko ry’ubuzima. (Zaburi 36:9) Ntivyumvikana none ko iyo Mana nyene ishoboye gusubiza ubuzima abapfuye? Bibiliya iradukura amazinda ko Imana izozura abapfuye muri kazoza. (Soma Ivyakozwe 24:15) Kubera iki none izobazura?
Kuva mu ntango, Umuremyi wacu yashaka ko abantu baba kw’isi ibihe bidahera. (Itanguriro 1:31; 2:15-17) N’ubu ni ko bikimeze. Imana irababazwa n’ukubona ukuntu abantu babayeho muri iki gihe. Ubuzima bwuzuye ingorane kandi bumara igihe gito.
Abapfuye bazozukira kuba hehe?
Imana yoba yaremye abantu ngo babe mw’ijuru? Eka data. Imana yaremye abamarayika ngo babe mw’ijuru. Abantu na bo ibarema ngo babe kw’isi. (Itanguriro 1:28; Yobu 38:4, 7) Ivyo bigaragarira ku bantu Yezu yazuye. Igihe yabazura basubiye kuba ng’aha kw’isi. Muri ubwo buryo nyene, benshi mu bazozuka bazosubira kuba kw’isi.
Ariko rero, Imana yarahisemwo abantu bakeyi bazozukira mw’ijuru bafise umubiri w’impwemu. (Luka 12:32; 1 Abakorinto 15:49, 50) Abo bazozukira kuba mw’ijuru, bazoganza isi ari abami bari kumwe na Kristu.