INGENE WOKWIYIGISHA
Nugire ivyo wigiye ku mafoto
Ibitabu vyacu birimwo amafoto menshi atwigisha ivyigwa bihambaye. None ayo mafoto yogufasha gute?
-
Banza urabe amafoto ari mu kiganiro kanaka imbere yo kugisoma. Arashobora gutuma ugira akayabagu ko kugisoma. Kurya nyene amaso atuma ugira akayabagu ko gufungura ibintu kanaka, ni ko n’ivyo ubonesha amaso bishobora gutuma ugira akayabagu ko gusoma. Niwibaze rero uti: «Mbona iki?»—Amosi 7:7, 8.
-
Igihe usoma ico kiganiro, niwibaze igituma bashizemwo ayo mafoto. Soma utujambo tuyaherekeza canke tuyasigura, nimba turiho. Zirikana ingene ayo mafoto ahuye n’ico kiganiro be n’ico akwigisha mu buzima bwawe.
-
Uhejeje gusoma ico kiganiro, koresha ayo mafoto mu kugira isubiramwo ry’ivyiyumviro nyamukuru. Gerageza kwiyibutsa ayo mafoto mu bwenge be n’icigwa imwimwe yose yakwigishije.
-
Ubona gute usubiye kwihweza amafoto ari muri iki kinyamakuru maze urabe nimba wibuka ivyo akwigisha?